WhatsApp yongereje igihe ntarengwa co 'kwemera impinduka'

Ahavuye isanamu, Getty Images
WhatsApp yongereje ikiringo ntarengwa c'aho abantu bayo bashika imiriyaridi zibiri basanzwe bayikoresha bategerezwa kwemera amategeko yayo mashasha canke naho bahebe kuyikoresha.
Ikiringo ca mbere ntarengwa cari catanzwe hari gushika ku wa 08 z'ukwa kabiri, ariko ubu abayikoresha bafise igihe co gushika ku wa 15 z'ukwa gatanu uno mwaka kugira ngo bafate ingingo.
Iyi kompanyi yaraneguwe imaze gutangaza iyi ngingo isa n'iyerekana impinduka ku bijanye n'amakuru y'ibanga igiye kuza irahereza ikompanyi yegukira, ari yo Facebook.
Ivuga ko abantu bafashe ukutari kwo ubu butumwa.
Kuva itangaje izi ngingo, amamiriyoni n'amamiriyoni kw'isi yaciye yimukira ku zindi mbuga zo guhanahana amakuru mu buryo bw'ibanga nka Signal hamwe na Telegram.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwayo, WhatsApp yavuze ko ubutumwa bw'ibanga bwa muntu bwagumye ari ibanga kandi ko buzoguma mw'ibanga.
Yongerako y'uko umugirwa wo guha Facebook amakuru y'ibanga ya bamwe bamwe mu bayikoresha atari ikintu gishasha, kandi ko ataco igiye kwongerako.
Ivuga iti: "Izi mpinduka zirimwo uburyo bushasha bw'ingene abantu bashobora guhererekanya amakuru y'ibikorwa vyabo kuri WhatsApp, kandi zigatanga umuco w'ingene twabura amakuru y'ibanga n'ingene tuyakoresha".
Mu nkuru yari yasohoye ku bibazo bikunze kubazwa, WhatsApp yari yasiguye ko mu makuru yari isanzwe ihereza amakompanyi yegukira Facebook harimwo:
- Inomero ya terefone hamwe n'ayandi makuru ari ku mwidondoro wa nyeneyo igihe yiyandikisha (nk'izina).
- Amakuru ajanye na terefone yawe, harimwo aho yakorewe, ubwoko bwayo hamwe na kompanyi ya terefone ngendanwa ukoresha
- Umwidondoro wa terefone yawe, harimwo n'aho ukura umuhora wa Internet
- Ibijanye n'ingene wakoresheje amafaranga yawe uciye kuri WhatsApp
Hagati aho, ibi siko bimeze i Bulaya no mu Bwongereza, hoho hasanzwe hari amategeko atandukanye yo gukingira amakuru y'ibanga y'umuntu.










