Papa Francis yashoboye gusoma imisa ku rubaraza rw'ibitaro inyuma yo kubagwa urura

Papa ku rubaraza yari kumwe n'abana barwariye muri ivyo bitaro

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Papa ku rubaraza yari kumwe n'abana barwariye muri ivyo bitaro

Papa Francis yashoboye kwiyereka abantu ubwa mbere kuva bamukoze kubera ingorane y'urura runini, haraciye indwi.

Mu gihe yaboneka ko ameze neza, uyu mupapa w'imyaka 84 yasomye imisa yo muri ino ndwi ku rubaraza rw'ibitaro Gemelli i Roma.

Abantu baharurwa mu majana bakoraniye hanze y'ibi bitaro, bamwe bakoma akaruru ngo "Viva il Papa!" (Twogereranya na "Papa, ramba").

Vaticano ivuga ko igikorwa co kuvura Papa indwara y'urura runini izwi nka "symptomatic diverticular stenosis" cagenze neza.

Papa yabwiye abari aho ati: "Ndanezerewe kubona nshoboye kurangura ibanga ryanje ryo ku wa Mungu n'aho ndi ng'aha".

"Narumvise ko mwambaye hafi cane kandi ko mwansengeye. Ndabashimiye n'umutima wanje wose".

Ashimira abakozi bo muri ivyo bitaro, yavuze ko "yiboneye ingene ubuvuzi bwiza ari nkenerwa, kandi bose bakaburonka, mu bindi bihugu nk'uko bimeze hano mu Butariyano".

Yongerako ati: "Ntidutakaze aya mahirwe. Ni ngombwa ko tuyabungabunga".

Bamwe mu bana barwariye muri ivyo bitaro babonetse bari kumwe na Papa ku rubaraza. Ntibiramenyekana ikiringo azomara muri ibi bitaro mu gihe azoba ariko ararwaruka.

Abantu baharurwa mu majana bakoraniye hanze y'ibi bitaro vya Gemelli mu misa yo kuri uwu wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu baharurwa mu majana bakoraniye hanze y'ibi bitaro vya Gemelli mu misa yo kuri uwu wa Mungu

Indwara ya Diverticular ni indwara itera ibivyimba mu rura runini, bigashobora gutuma rwipfungānya, bigatuma umuntu yuzura inda akanababara mu nda.

Francis, yavutse mu 1936 i Buenos Aires, yaratakaje igice c'ihaha ry'iburyo afise imyaka 21.

Afise kandi ikibazo co mu matako kimutera ububabare buhera mu gice co hasi c'umugongo bukamanuka mu maguru.

Mu 2014, yagiye ahagarika ibikorwa bimwe bimwe kubera ibibazo vyo mu mushishito.