Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Belarus -Gutesha inzira indege: Umukuru wa Ryanair avuga ko umudereva ata mahitamwo yari afise
Umudereva w'indege yateshejwe inzira ikaja muri Belarus , gutyo bigatuma hafatwa umumenyeshamakuru atavuga rumwe n'ubutegetsi, yari yagabishijwe ko bombe ija guturika hamwe yobandanya aja Lithuania, bivugwa n'umukuru wa kompanyi Ryanair.
Michael O'Leary avuga ko umudereva yagerageje gusaba impanuro kompanyi yiwe, ariko abategetsi baramubesha ko Ryanair batariko baritaba terephone.
Yavuze ko ivyashitse ari ukurenga n'ibigirankana ku mategeko agenga ingendo z'indege kw'isi.
Belarus ihakana ko uwo mudereva atururutse ku nguvu.
Umumenyeshamakuru Roman Protasevich n'umukobwa bakundana Sofia Sapega bafashwe igihe iyo ndege yagwa ku kibuga c'indege c'umurwa mukuru wa Belarus, Minsk. Bompi n'ubu bari mw'ibohero.
Iyo denge ya Ryanair FR4978 yariko irava ku mugwa mukuru w'Ubugiriki, Athenes, ija Vilnius muri Lithuania ku wa mungu itariki 23 ukwezi kwa gatanu igihe yahindura bukwi na bukwi inzira ikaja Belarus hasigaye ibirometero 10 ngo ishikire urubibe wa Lithuania.
Ivyashitse vyariyamirijwe n'Ishirahamwe rya Buraya, Ubwongereza n'ibindi bihugu vya Buraya.
Vyaciye bibuza komanyi ya Belarus Belavia kugwa ku bibuga vy'indege vy'ivyo bihugu binategeka indege kwirinda guca mu kirere ca Belarus.
Mw'ido n'ido ry'ingene ibintu vyagenze, O'Leary yabwiye umugwi w'abashingamateka b'Ubwongereza kuwa kabiri ingene ibintu vyakurikiranye kugira iyo ndege iteshwe inzira.
Yavuze ko abayobora indege i Minsk babwiye umudereva ko baronse ''mu buryo bwizewe ukugabishwa ko hamwe iyo ndege yokwinjira ikirere ca Lithuania, canke ikagerageza kugwa ku kibuga ca Vilnius…bombe iri muri iyo ndege ica ituritswa".
Umudereva yarasavye ''kenshi'' kuvugana na kompanyi yiwe Ryanair aho amariye kubwigwa ivy'iyo bombe, ariko Minsk yagumye imubwira imubesha ko ibiro vya Ryanair muri Pologne bitariko biritaba terefone, nk'uko vyavuzwe na O'Leary . Yanasiguye ko ku bisanzwe muri ako karere indege zikatishirizwa muri Pologne canke mu bihugu vy'ikoge ca Baltic , ariko ko umudereva ata guhitamwo yahawe atari kugwa Minsk.
Yavuze ko umudereva abajije urugero rwo kugeramwirwa ingene ruganna, yishuwe ko ruri ari urugero rutukura, ''ivyo bikaba ata guhitamwo vyamuha".
Yavuze ko indege yamanuwe ''ku mvo z'ikinyoma hakoreshejwe ubuyobozi bw'indege bwa Minsk kandi bisa n'ibigaragara ko babiri mu bari mu ndege bakuwemwo batabishaka bagapfungwa".
Indege imaze kugwa, O'Leary yavuze ko abagendesha indege bashizweko igitutu kugira bemewe kuri video ko bataye inzira babishaka bakaja Minsk ariko ko banse.
Indege imaze gusubira guhaguruka, yavuze ko haburamwo abantu batanu. - Protasevich, Sapega, n'abandi bantu "batatu batamenyekanye". Yavuze ko yahavuye yumva ko bari abo mu bigo vy'umutekano bameze "nk'abo muri KGB".
Abo bantu batatu barimwo umugiriki, babwiye television ya Belarus ko bari basanzwe bari bagiye muri Belarus ariko guca bafata ingingo yo kutirirwa barabandanya muri Lithuania.
Inyandiko z'ivyavuzwe yo mu bushikiranganji bwa Belarus bujewe gutwara ibintu n'abantu ariko itaronse isoko ryo kumeyemeza ubwa mbere yari yerekanye ko ''abayobora indege babwiye umudereva ngo "ufise bombe mu ndege kandi irashobora guturitswa uri hejuru ya Vilnius".
Ivyashikirijwe na O'Leary bije inyuma y'aho umukuru w'ingabo z'ikirere wa Belarus Igor Golub avugiye ko hatabaye ''gutangira , guteshha inzira ku nguvu kuva ku rubibe canke kwururuka ku nguvu kw'indege ya Ryanair".
Ivyo yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Minsk - aho Protasevich yanabonetse. Umumenyesmakuru wa BBC ubwa mbere yari muri ico kiganiro yavuze ko uwo mugabo w'imyaka 26 vyagaragara ko yazanywe kwerekanwa ku gahato.
Protasevich yari yanabonetse ku mboneshakure y'igihugu ashimagiza umukuru wa Belarus Alexander Lukashenko anemera ko yagerageje kumutembagaza ku butegetsi.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n'abatavuga rumwe na reta bavuga ko yakorewe iyica-rubozo.
Protasevich yashizwe ku rutonde rwa Belarus rw'abakora iterabwoba kandi akaba yagirizwa kugumura. Sapega - umurisiyakazi - yagirijwe icaha co gukokeza gucanishamwo abantu n'urwanko.
Intwaro y'umukazo ya prezida wa Belarus, amaze ari ku butegetsi kuva mu 1994, yaracinyije abatavuga rumwe nayo kuva avuze ko yatsinze amatora yo mu kwezi kw'umunani yavuzwe cane ko yibwe. Abarongoye abatavuga ruwe nawe barapfunzwe canke barahunga.