Israel Vs Hamas: Bahanganye n'ikibazo co gusanura Gaza ku buryo Hamas itavyungukiramwo

    • Umwanditsi, Na Yolande Knell
    • Igikorwa, BBC News, Jerusalem

Bafise ibirokete birasa kure, ibimodoka birasa za misire na za ndege zitagira abadereva zizwi nka drones, abarwanyi ba Hamas baherutse gukora amadefire mu karere ka Gaza inyuma y'imisi ihaciye habaye intambara yayihuje na Israel igahitana abatari bake.

Barerekanye ko hari ikibazo gihanze abagiraneza bashaka gufasha gusanura Gaza, ariko imfashanyo ntibe inzira kuri uyu murwi ufatwa na Amerika, ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Israel n'ibindi bihugu nk'umurwi w'iterabwoba, yo kuharonkera ibindi birwanisho.

Mu rugendo aherutse kugira i Jerusalem no mu karere ka Cisjordanie/ West Bank, umunyamabanga ajejwe imigenderanire w'Ubwongereza, Dominic Raab, avuga ko ari "nkenerwa cane" kuraba neza ko imfashanyo "zishikira abanyagihugu ba Palestina mu ntumbero yo kubagarukirako ku ngorane zibahanze, aho kuja mu mifuko ya Hamas".

Uyu muhari ugendera ku vyiyumviro vy'idini rya Islam usanzwe ari wo uramutswa akarere ka Gaza ntiwemera Israel nk'igihugu gifise uburenganzira bwo kubaho.

Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU, intambara ya Gaza yasambuye amazu arenga 16.000, amashure 58, ibitaro 9, amavuriro 19 hamwe n'inyubakwa zikomakomeye.

Igisirikare ca Israel coco kivuga ko cateye ibigo vy'abarwanyi birenga 1000.

Umuryango wa Khalidi mu gisagara ca Gaza ni umwe mu bihumbi vy'abanyagihugu bateshejwe izabo. Igihe indege za Israel zatera inyubakwa zari hafi y'uyo muryango, inzu yabo yarashikiriwe n'ibibombe. Aho yatse indaro ku mubanyi ari kumwe n'umugabo wiwe n'uruhinja, Waad al-Khalidi, avuga ati: "Nasanze ibiyo vyose vyamenaguritse".

"Intambara yaraheze ariko nta mahera dufise ngo dusanure ivyasambuwe. Ndipfuza gusubira kuba mu nzu yacu nziza".

ONU ivuga ko n'imiburiburi abantu 256 ari bo bapfuye muri Gaza, 13 nabo baricwa muri Israel muri iyo ntambara.

Ibikorwa vyo gusanura Gaza bisa n'ibitazokworoha kubera imbibe zo mu mazi no ku butaka zugawe na Israel hamwe na Misiri.

Ibi ni ibihano yafatiwe inyuma y'aho Hamas ifatiye ubutegetsi bwose bw'aka karere gato cane ibwatse Ubutegetsi bwa Palestina mu ntambara yo mu 2007 yahitanye abatari bake, hari haciye umwaka itsinze amatora ya nyuma aheruka.

Ibi bihano vyaragize ingaruka mbi cane ku butunzi ariko nta kintu kinini vyashitseko mu ntumbero yavyo mu bijanye n'umutekano, iyo nayo ikaba yari kubuza ibirwanisho n'ibindi bikoresho gushikira abarwanyi.

Muri iyo ntambara yamaze imisi 11, igisirikare ca Israel kivuga ko amarokete arenga 4300 yatewe mu bisagara vya Israel avuye muri Gaza, bironona canke birasambura amazu y'abantu n'izindi nyubakwa.

Inguvu y'aya marokete n'intera yayo vyari ku rugero rwo hejuru cane ugereranije n'intambara zaheruka mu 2014.

Michael Herzog, intwazangabo ya Israel y'umukukuruke, avuga ati: "Bariyubatse bikomeye barongereza n'ibirwanisho birasa kure na za misire ziremereye cane, biboneka ko ubushobozi bwabo bwiyongereye cane".

Mu 2014, Misiri yarasambuye umuhora wo mu kuzimu waca ku rubibe ihana na Gaza, wayifasha kwinjiza misire zivuye muri Iran.

Hagati aho, abarwanyi ba Hamas hamwe n'umurwi mutoya, Islamic Jihad, babandanije bakoresha ubumenyi bahawe n'abanya Irani maze bashobora kwihingurira amarokete yabo mu kinyegero.

Mu mwaka uheze, ireresi ya televiziyo Al Jazeera yerekanye intwazangabo za Hamas zivuga ko zashoboye guhingura misire bakoresheje imiringoti yatwara amazi mu turere twahoze twegukira Israel muri Gaza, amabombe y'indege za Israel atashoboye guturika, be n'ubwato bw'intambara bw'Ubwongereza bwibiye mu nyanja muri ya ntambara ya kabiri y'isi yose.

Amaze kubona iyi nkuru Michael Herzog yavuze ko hari ikintu yibaza ko kitashoboye kwerekanwa, iki naco kikaba ari uko Hamas yashoboye gufata ibikoresho bitari bike bifise intumbero zibiri maze ibikoresha mu bikorwa vyayo vya gisirikare.

Israel irabuza cane kwinjiza ibikoresho bishobora gukoreshwa mu buryo butandukanye - harimwo imiringoti, isima n'ivyuma - bishobora gukoreshwa mu bikorwa vya gisivire cane vya gisirikare. Misiri iremerera ibikoresho bikeya bikoreshwa mu bwubatsi bikinjira.

ONU isabwa gusubiramwo integuro yashizeho yo kugenzura ibikoresho vy'ubwubatsi vyinjizwa muri Gaza inyuma y'intambara yo mu 2014.

Uwuhagarariye ishirahamwe ONU mu turere twa Palestina twigaruriwe, Lynne Hastings avuga ko bariko barakorana n'abategetsi ba Palestina hamwe na Israel kugira ngo barabe ingene bonyarutsa iyo nteguro.

Yabwiye abanyamakuru ko hari igenzura ririko riraba "kugira ngo bihweze nimba ata makosa yoba yarakozwe kugira ngo ntihagire izindi mfashanyo zisubira kuja mu minwe ya Hamas".

Ibikoresho vyose vyinjira muri Gaza bitegerezwa kwinjizwa n'abadandaza bazwi kandi bikagenzurwa na za kamera, nayo abagenzuzi ba ONU bagategerezwa gukurikirana ko biriko birakoreshwa mu bikorwa vyemewe vyo gusanura. Amakuru yose yegeranijwe ategerezwa gushikirizwa igisata kijejwe igendereza ca Israel.

Amerika hamwe n'abandi bagiraneza bashimangira ko ari ngombwa gukorana n'ubutegetsi bwa Palestina bwemewe n'amakungu mu gusanura Gaza.

Hari kandi abariko barasaba ko imfashanyo zitangwa na Qatar - imbere y'aho zinjira muri Gaza ziciye ku butaka bwa Palestina - zitangwa muri ubwo buryo - ivyo Hamas yamirira kure.

Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi bafise amakenga ku kungene imfashanyo iriko irakoreshwa nk'igikoresho mu bijanye n'imigenderanire n'amakungu mu gushigikira no kwemeza ubutegetsi bwa Palestina.

Hasigaye akanya gato ngo intambara ya Gaza itangure, umukuru w'ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas yarunguruje amatora y'abashingamateka ya mbere mu myaka 15. Yavuze ko yafashe iyi ngingo kubera Israel yariko irabuza amatora i Jerusalem, ariko benshi babona ko yayifashe kubera yabona y'uko umuhari wiwe Fatah waboneka ko ushobora gutsindwa na Hamas.

Umunyamategeko akomeye wo muri Palestina, Diana Butto agira ati "Ni ikibazo gikomeye cane".

"Ni ugushaka kugerageza kwemeza ibivuye mu matora ata matora ahabaye. Babwira abanyagihugu ba Gaza bati: nimba mushaka gusanurirwa, amatora siho yihutirwa, icihutirwa ni ukuronka abantu twipfuza ko bafata ibintu mu minwe".

Cairo ibandanya kuba umuhuza mu biganiro hagati y'imirwi y'abanyapalestina na Israel ku bijanye n'imfashanyo, mu ntumbero yo gutsimbataza amasezerano yo guhagarika intambara asanzwe agoyagoya.

Hampande y'ibibazo ngorabahizi bisanzwe bihari, Israel ibandanya isaba ko isubizwa abanyagihugu bayo babiri babuzwe irengero hamwe n'ibiziga vy'abasirikare babiri bayo bifiswe na Hamas.

Mu gihe intambara yatabagaje aka karere, abategetsi ba Hamas barondera kwizeza abanyagihugu ko amazu yose akenewe gusanurwa azosanurwa.

Ariko mu gisagara ca Gaza hoho, umupfasoni Khalidi arazi ko bizofata igihe kirekire.

Avuga ati: "Jewe si nkeneye amajambo ya poritike kandi si ndaba ngo imfashanyo ivuye aha canke hariya. Ariko ico nshaka conyene ni uko Hamas ishira mu ngiro ivyo yiyemeje".