Ursula Martin yakoze urugendo rwa 8,000Km n'amaguru kuva Ukraine gushika Ecosse

The route from Ukraine to the UK

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Vyamutwaye imyaka hafi itatu kugira Ursula Martin arangize urwo rugendo

Umupfasoni yagize urugendo rw'ibirometero birenga 8000 kuva muri Ukraine gushika muri Ecosse.

Ursula yagarutse i Llanidloes, Powys, ku musi w'Imana - inyuma hafi y'imyaka itatu ahagurutse muri Ukraine ku mugwa mukuru Kiev.

Urwo rugendo rwari rwerekeye isekeza ryo kwigisha ibijanye na cancer y'agasaho k'imbuto z'abakeneyezi, ingwara yamenye ko afise haraciye imyaka cumi.

Insiguro ya video, Kimwe mu bitavurwa n’uko “abantu benshi bibaza abaganga babaga bose ari abagabo”,

Igihe bamutora iyo ngwara, yagira atangure urugendo rwo gusubira mu Bwongereza n'amaguru inyuma yo kugenda n'ubwato mu ruzi Danube ruva mu Budagi rugashika muri Roumanie.

Yavuze ati:" Nagarukiye muri Bulgaria nshaka gutambuka gushika mu Bwongereza, hanyuma nca nsanga mfise cancer y'agasaho k'imbuto z'abakenyezi."

Ursula had to deal with all types of weather including snow in Romania

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Ursula yarahanganye n'ibibazo ry'ihindagurika ry'ikirere harimwo n'urubura muri Roumania.

"Sinari niteguriye gusubira inyuma no gukora urwo rugendo rutoroshe, nca ntambuka ibirometero birenga 5.500 muri Ecosse aho 'rwabaye urugendo rwiza rw'isekeza ku bimenyetso vya cancer y'agasaho k'imbuto z'abakenyezi'.

"Hanyuma naciye niyumva nkuwibaza 'Nari hehe? Nariko ndakora iki?' , hanyuma nari ngiye kugira urugendo i Buraya hose - nashaka kurangiza ivyo nari natanguye."

Umupfasoni Martin yafashe ingingo yo gutangurira muri Ukraine, aho asigura ko ari "Uburaya guteranya na kimwe" kubera ico gihugu kiri ku rubibe rw'uwo mugabane - ariko ikiza ca corona gica kiragwira.

Ursula yategerezwa kugenda yambaye agapfukamunwa ariko araca muri Espagne kubera ikiza ca Corona

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Ursula yategerezwa kugenda yambaye agapfukamunwa ariko araca muri Espagne kubera ikiza ca Corona

"Vyaranciye intege cane.

"Ikintu caje ubwa mbere ni 'aho uri hose, urakeneye kuja muhira hanyuma ugumeyo', rero mu gihe udafise aho uba, uri mu kindi gihugu, sinokubwira umubabaro ugira."

Umupfasoni Martin yarateye akamo abagenzi n'incuti ngo bamuhe aho gukika umusaya.

"Nahemukiye mu nzu yo kuruhukiramwo y'umugenzi wa mwenewacu mu bumanuko bw'Ubufaransa mw'iyugaranwa rya mbere rikomeye ryabaye mu kwezi kwa gatatu, mu kiringo c'imisi 90.

Aho yaryamye mw'ishamba ari ku rugendo

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Aho yaryamye mw'ishamba ari ku rugendo

"Hanyuma naratambutse aho nshoboye hanyuma nkahagarara mu gihugu naba ndimwo igihe habaye ukwiyugarana, n'uwo mukino wo kwinyegezanya nk'inyabu n'imbeba mu gutambuka no gusubira guhagarara.

"Sinigeze numva ko nkwiye gutaha muhira kubera nzoca nashobora no guhangana n'ico kiza mu bibanza bitandukanye. Ndanezerewe cane kuba ndabishitseko.

Ingene Ubutaliyano buboneka uri muri Slovenia

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Ingene Ubutaliyano buboneka uri muri Slovenia

"Nugaranywe mu kiringo c'amezi atandatu mu mwaka uheze, nari kuba nahejeje mu kwezi kwa cumi na kabiri guheze, iyo kitaba ico kiza.

"Uku kwinjira muri Ecosse vyabaye nk'ibintu menyereye kandi bisanzwe, vyanezereje kubona buri muntu, ariko bisa n'ibisanzwe... nk'igihe ubonye abagenzi ugaca utangura kubaganiriza uko wahora.

"Mw'ijoro ryakeye sinasinziriye neza kubera umunezero, kandi ibirenge vyambabaza kuko natambutse cane ejo.

"Igihe navyuma mu gitondo, nazindukanye ikibazo 'uyu musi ntambuka hehe, ni hehe ntegerezwa gushika?'. Bizobandanya uko muri iyi misi mike imbere y'uko nibuka ko ntagikeneye gutambuka, ko ata rundi rugendo rusigaye."

Ursula Martin
Insiguro y'isanamu, Ursula Martin yavuze ko kugaruka muri Ecosse vyasa n'ibisanzwe

Martin avuga ko yahejeje ibirato indwi canke umunani muri urwo rugendo.

"Nka vyose vyatangura guhera munsi imbere y'uko hejuru bitabuka canke bikaba ikindi kintu.

Yanavuze ko uko yakiriwe agarutse i Llanidloes "Bidasanzwe".

The trek took Ursula through the Pyrenees, near Andorra

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Urwo rugendo rwashikanye Ursula mu misozi ya Pyrenees, hagufi ya Andorra

"Niyumviriye ico gihe, nsanga uko navyiyumvira ariko vyagenze.

''Kwabaye ukwigerezako kwabayemwo gukura, kurushirizaho gukomera mu nguvu no mu mushaha. Ubu ndiyizi neza cane gusumba. Cabaye akaroruhore''

Ariko uru ntirubaye urugendo rwa nyuma rwa Martin.

Mu kwezi kwa mbere, azogira "ihiganwa rito" kuva John O'Groats gushika i Land's End mu kwibuka imyaka cumi irangiye bamutoye cancer y'agasaho k'imbuto z'abakenyezi.

Ursula Martin

Ahavuye isanamu, Ursula Martin

Insiguro y'isanamu, Ursula yaratumirwa rimwe na rimwe gufata ikawa igihe yariko araca muri Bosnia mu 2019