Abantu bitwa Uranium bo mu cokwitwa Repubulika yunze ubumwe ya Afrika

    • Umwanditsi, Na Nduka Orjinmo
    • Igikorwa, BBC News, Abuja

Umuntu ava mu gihugu coba citwa Repubulika yunze ubumwe ya Afrika (United African Republic) yoba yitwa ngw'iki? Uranium canke Urea?

Inyishu kuri iki kibazo yafyuje amaso abanya Nigeria mu gihe bariko biga integuro yo guhindura izina ry'iki gihugu.

Haraciye indwi zitari nke abashingamateka bazunguruka igihugu begeranya ivyiyumviro vy'abanyagihugu ku bijanye n'uguhindura ibwirizwashingiro.

Ni mu gikorwa co kwegeranya ivyiyumviro ku vyohinduka, nk'ibijanye n'amatora hamwe n'ingene igihugu cotwarwa.

Ariko umwe mu banyagihugu Adeleye Jokotoye, umuhanuzi mu bijanye n'amakori, yatanze iciyumviro caje nk'ibombe mu biganiro vyariko bibera i Lagos.

Ashaka ko izina ry'igihugu rihinduka kuko ari izina ryashizweho n'ubutegetsi bw'igikoloni.

Izina Nigeria ryatanzwe mu mpera y'ikinjana ca 19 n'umunyamakuru w'umwongereza Flora Shaw yahavuye arongorwa n'umutegetsi w'umukoloni yatwara Nigeria, Lord Frederick Lugard.

Ryavuye mw'izina ry'uruzi Niger rwinjira muri ico gihugu ruvuye mu buraruko bushira uburengero, rukiniira muri Delta ya Niger imbere yo kwisuka mw'ibahari Atlantique rwiciyemwo amashami.

Ariko Jokotoye ashaka ko iri zina rihinduka agasaba ko iki gihugu citwa United African Republic (Repubulika yunze ubumwe ya Afrika) - afatiye mu moko aharurwa mu majana agize ico gihugu - izina ryavuzweko amajambo menshi.

Umwe ati: Bashingantahe, bapfasoni, igihugu cacu kibuze "E" yonyene ngo kibe nka Dubai".

Hari bamwe bamaze no kwiyumvira ururirimbo rw'igihugu rushasha, gusa si rushasha rwose, ariko ni urwa kera basubiyemwo:

Haguruk benewacu,Repubulika yunze ubumwe ya Afrika isaba ubugamburutsiGukorera Igihugu cacuMu rukundo, inguvu n'umwizeroIgikorwa c'intwari zacu zo muri kahiseNti kizigera kiba impfagusa ,Dukorere n'umutima n'inguvu Igihugu cacu kirangwa n'ubwigenge, amahoro n'ubumwe

Ariko si bose bafashe iciyumviro ca Jokotoye nk'ukuyayata, bamwe mbere baca bihutira kwerekana ivyihutirwa bikwiye kubanza gukorwa:

Repubulika yunze ubumwe ya Afrika ??Guhindura izina Nigeriya ntabwo ari ikibazo ca Nigeriya !! Duhe AMABARABARA MEZA, UMUTEKANO, UMUYAGANKUBA, AMAVURIRO MEZA ... Duhe gusa ivya nkenerwa mu buzima".

Uwundi ati: "Naryamye nk'umunya Nigera, mvyuka nk'umunya Uranium".

Nk'uko umengo yari azi ko abanyagihugu bagenziwe bataza kwakiriza yompi izina yatanze, Jokotoye yari afise n'irindi - United Alkebulan Republic (bisigura mu congereza: United Mother of Mankind Republic, canke République Unie Mère de l'Humanité mu Gifaransa, mu kirundi/kinyarwanda naho ngo: Repubulika yunze ubumwe Soko rya kiremwamuntu).

Iri zina ntiryerekana ubunyafrika nk'irya mbere, n'aho yompi ahuriye mu ndome zitangura, UAR, ari zo zikoreshwa mu mpfunyapfunyo.

Yaratanze n'ibindi vyiyumviro ku vyohinduka mw'ibwirizwashingiro, nk'ibikenewe guhinduka mw'itunganywa ry'ubutegetsi bw'igihugu hamwe no mu bijanye kugenzura amakori - ariko kubera impamvu runaka ibi ntivyaryoheye abanyagihugu ku rugero rumwe.

Mu ndwi ziri imbere, mu gihe abashingamateka bariko bihweza ivyiyumviro bitandukanye vyatanzwe n'abanya Nigera, nta wuzi ibindi vyiyumviro bizovamwo.

Ariko bisa n'ibidashoboka ko tuzohava tubona iki gihugu gifashe izina rya United African Republic.

Hari ababona ko rikwiye kwemerwa, maze bakitwa aba Uranium - bakabona ko ryoba ari izina rikomeye.