Burundi - Uprona: Gaston Sindimwo yirukanywe mu mugambwe

Kuri uyu wa kabiri inama nshingwabikorwa y'umugambwe Uprona yafashe ingingo yo kwirukana uwo bari bashize imbere mu matora y'umukuru w'igihugu ya 2020 Gaston Sindimwo n'abandi nararibonye mu mugambwe babiri.
Abo bandi babiri bafatiwe iyo ngingo ni Anicet Niyongabo yahoze ari icegera c'umukuru w'inama nkenguzamateka hamwe na Isidore Mbayahaga yari arongoye abanywanyi ba Uprona bashimye gushigikira umukandida wa CNDD-FDD mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu mwaka uheze.
Abel Gashatsi aramutswa umugambwe Uprona avuga ko bose bagirizwa ivyaha bikomeye.
Agira ati: "Bose uko ari batatu bagirizwa ivyaha vyo kugumuka, kwararaza no kudashira imbere inama n'ingingo ku bibazo biri mu mugambwe Uprona."
Umukuru wa Uprona Abel Gashatsi avuga ko ingingo yo kubirukana yafashwe n'ibiro nshingwabikorwa kandi ko yisunze amategeko.
Abirukanywe bavuga iki kuri iyo ngingo?
Bose uko ari batatu barahakana ivyo bagirizwa, bakavuga ko ibiro nshingwabikorwa ata n'uburenganzira bifise bwo kubafatira ibihano kuko ikiringo cabo carenze.

Bavuga ko bavyemeza bisunze ingingo ya 27 y'itegeko ngenderwako ry'umugambwe Uprona mu gice ca kane.
Iryo tegeko rivuga riti: "Mu gihugu cose, umugambwe urongowe n'inzego zikurikira: ikoraniro kaminuza, komite nkuru, inama nkuru y'imboneza, umukuru w'umugambwe afashijwe n'icegera ciwe n'umunyamabanga mukuru.
"Izo nzego zimara ikiringo c'imyaka itatu mugabo mu gihe ico kiringo gishitse hasigaye umwaka umwe ngo amatora y'igihugu abe, gica congerwako umwaka utarenga kugira umugambwe ntusamare kandi amatora yegereje."
Umushingamateka Gaston Sindimwo, Anicet Niyongabo na Isidore Mbayahaga bose bavuga ko inzego z'umugambwe Uprona zihari ubu zarengeje ikiringo kuva itariki 14 z'ukwezi kw'umunani mu 2020.
Bavuga rero ko ata bubasha zifise bwo gufata ingingo yo kubirukana mu mugambwe.

Mu gihe ivyo bihano bafatiwe vyoba ntabanduka, umushingamateka Gaston Sindimwo yoca atakaza ikibanza yarimwo mu nama nshingamateka nk'uko biri mw'itegeko ngenderwako ry'inama nshingamateka y'Uburundi.
Gaston Sindimwo avuga ko azokwitura ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu eka mbere na sentare ntahinyuzwa kugira arenganurwe.











