Burundi: CNDD-FDD yemejwe burundu ko yatsinze amatora yo ku wa 20/05/2020

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yahakanye ibirego bitangwa n'umugambwe CNL

Ahavuye isanamu, Journal Le Renouveau

Insiguro y'isanamu, Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yahakanye ibirego bitangwa n'umugambwe CNL

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04/06/2020, sentare ijejwe kwibahiriza ibwirizwashingiro mu Burundi ihejeje kwemeza ko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD ari wo watahukanye intsinzi mu matora yabaye ku wa 20 z'ukwezi kwa gatanu guheze.

Iyo sentare yari ifise iminsi itarenga icenda kugira ngo yemeze ivyavuye muri ayo matora nk'uko yabishikirijwe n'umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu.

Iyo sentare yatangaje ko ibirego vyatanzwe n'umukuru w'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi Agathon Rwasa ari nawe yari yawuserukiye mu matora y'umukuru w'igihugu bidafise ishingiro.

Uyo mugambwe wariyamirije ibiharuro vyatangajwe na CENI ukaba waritwaye uvuga ko ivyo biharuro, kuva ku rwego rwa komine gushika ku rwego rw'igihugu, ari ivy'ubusuma, ukavuga ko ari wo watsinze amatora yose.

Ibiheje gutangazwa n'iyo sentare rero bihejeje kwemeza icese ko Evariste Ndayishimiye, yitoje ku giti c'umukuru w'igihugu kw'izina rya CNDD-FDD ari we agiye kurongora igihugu mu myaka indwi iri imbere.

Uyu mukuru w'igihugu ahejeje kwemezwa akaba agiye kurongora igihugu yisunze bwirizwashingiro rishasha ryemejwe mu 2018, ritandukanye n'iryo mu 2005 ryakomotse ku masezerano y'amahoro ya Arusha yo mu 2000, ryategekanya ikiringo c'imyaka itanu.

Ku munsi wa mbere w'indwi iheze, umurwi CENI umaze gutangaza ibiharuro vy'imfatakibanza vyerekana ko uwo mugambwe uza ubwa kabiri, umushingamateka Agathon Rwasa yabwiye BBC ko mu gihe iyo sentare itotunganiriza umugambwe wiwe ko bazoca bitura sentare y'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko.

BBC yashatse kumubaza igihe azokwiturira iyo sentare ariko ntiyashoboye kumuronka.