Ibisigarira vy'indege yo mu ntambara ya kabiri y'isi vyazuwe n'abanyeshure bo kw'ishure Foyle College

Ahavuye isanamu, Fairfax Media Archives
Abanyeshure bo mu gisagara ca Londonderry muri Irlande du Nord (Northern Ireland) bariko barafasha mu gushira ahabona ibisigabwenge vyabaye mu ntambara ya kabiri y'isi yose, kimwe kikaba ari ukuzura ibisigarira vy'indege y'intambara y'Ubwongereza yakorotse, haciye imyaka hafi 80.
Ku wa gatandatu uheze, abanyeshuri biga kw'ishure ryisumbuye Foyle College ryigisha ibijanye n'ukugendesha indege bari kumwe n'abacukuzi b'ibisigarira vy'indege, batoye ibisigarira vy'indege ya Bristol Beaufort.
Iyi ndege yakorokeye hanze y'akarere ka Ballykelly kari mu ntara ya Londonderry, ku wa 30 z'ukwa kane 1942, ihitana abadereva bayo batatu bari muri yo.
Aba bari Abaliyetena (Flt Lt) Richard Holdsworth yari afise imyaka 31, hamwe na Stanley Chadwick na Duncan Livingstone bompi bari bafise imyaka 22.
Abo bose bari mu myimenyerezo yo gukoroka mu ndege.
Abariko barakora ubwo bucukuzi bategura kwegeranya uburyo kugira ngo bubake icibutso c'abo bagabo.
Uyo murwi w'ishure ryisumbuye Foyle College utegura igisabisho co kwibuka aba bantu n'urugendo ruzobashikana ku nyubakwa ndangamurage y'igisirikare c'Ubwongereza kirwanira mu kirere ku mugwa mukuru Londres/London kugira ngo babonane n'imiryango y'aba baredeva.

Ahavuye isanamu, Jonny McNee
Ibi bikorwa vy'ubucukuzi vyasabwe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n'ikigo kijejwe kahise k'ibidukikije, Department for Communities (DfC) Historic Environment Division, bifatwa amashusho yahawe igisata ca BBC kijejwe urukurikirane rw'amareresi acukura akahise k'Ubwongereza.
Bakoresheje ibikoresho bigezweho, uyu murwi wari umaze amezi hafi 18 barondera ico kibanza n'impusha zikenewe.
Mu ci riheze ni ho batora ikibanza nyezina c'aho iyo ndege yakorokeye, ariko mu ntango amakuru baronka akaba atari atomoye kuko yerekana ko iyo ndege yoba yari yakorokeye mu kibanza cari hafi y'aho.

Uwurongoye ivyo bikorwa, Jonny McNee, avuga ko iri vumburwa rizofasha mu buryo kanaka mu kwegeranya ibisigarira vy'iki gitangaza inyuma y'imyaka 80.
McNee avuga ko ibi bizotuma amazinda mu miryango ahera.
Ati: "Bidufasha kandi, turavye ingene ivyo twatoye muri ico kibanza vyahiye kandi vyononekaye cane, kumenya neza ivyabereye muri ico kibanza igihe iyo ndege ikoroka".
McNee avuga ko integuro y'uwu mugambi mu gihe ca Covid-19 "cari igikorwa kitoroshe", ariko agashimira abo bose bari n'ico bafashije kugira ngo iri cukumbura ribandanye kandi ryisunze amategeko.

Aba banyeshure bateguye iki gikorwa bakoranye n'imiryango y'aba baredeva kugira ngo bashobore kumenya kahise kabo bakaba kandi bagiye bamenyesha imiryango yabo ingene ibintu vyariko biragenda.
Umunyeshure Amy Spain yabwiye igisata ca BBC gikorera muri Irlande du Nord, ati: "Nararyohewe no kugira uruhara muri iki gikorwa".
Umwigeme Spain ati: "Twakoresheje ubuhinga tutari gupfa turonse amahirwe yo gukoresha, nk'ivyuma vya radar bironderera kure mu kuzimu".
Avuga ko ari ibintu biryoshe kwumva amakuru y'iyi miryango, akizera kandi ko bizoshobora kubafasha kwibagira ivyabaye.

David Livingstone, umwishwa w'umwe muri aba badereva Archibald Duncan Livingstone, arakengurukira uru rwaruka rw'abanyeshure kubona bashoboye gutanga umuco kuri iri sanganya ry'iyi ndege.
Avuga ko igikorwa c'uru rwaruka rw'abanyeshure ari "ntasubirizwa".
Aba banyeshure bo kw'ishure ryisumbuye Foyle College Aviation, ryigisha ivyigwa vy'ukugendesha indege, bariko bategura kwerekana mu nzu ndangamurage ivyo batoye.










