Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Abanyamerika boba bishimira Joe Biden inyuma y'imisi 100 amaze ku butegetsi?
Mu gihe Perezida Joe Biden yujuje imisi 100 ya mbere ku butegetsi, biboneka ko Abanyamerika batari bake bamushigikiye.
Abanywanyi biwe bashimagiza utwigoro twiwe mu kurwanya ca kiza karanda ca coronavirus hamwe n'umugambi wo gushiraho ikigega co kugarukira ubutunzi ndetse n'umuvuduko udasanzwe mu mugambi wo gucandaga.
Hari abandi babona ko uyu mu Democrat atarajwe ishinga ryo kwiyegereza aba Repubulika kugira bamushigikire mu migambi yiwe.
Icegeranyo ku bimaze kurangurwa na Biden gishobora kwerekana ingene agiye gutegeka mu kiringo cice gisigaye.
Batatu mu bantu babajijwe ingene babona ubutegetsi bwiwe - umu Democrat, umu Repubulika hamwe n'uwundi ataho ahagaze - barabwiye BBC ico bamwibazako inyuma y'imisi 100 ashitse ku butegetsi.
Joshua Roizman, w'imyaka 23, ari hafi kurangiza amashure yiwe ya kaminuza akaba umu Democrat, yatoye Joe Biden kubera yipfuza umunyaporitike afise uburambe n'ishaka ryo gukorana n'abandi kugira ngo ibintu bigende neza.
Biden yoba yarakoze ivyo yiyemeje?
Ndashima. Ikintu kinini ni ingene yatanguje umugambi wo gucandaga. Hano i California, iyo ukeneye urucanco, uragenda ukaruronswa. Ndashima cane ingene vyakozwe ku muvuduko munini n'ubutumwa butangwa na reta.
Ubu ibintu bigenda neza cane. Incanco ziriko ziratangwa kandi abantu bariko baronswa ka gafashanyo, rero mfise ivyizigiro vyinshi. Ndizigiye cane ko ariko adutwara mu nzira nziza yo kurandurana n'imizi iki kiza.
Ni ikihe gikorwa cagaragaye cane mu minsi 100 ya mbere ya Biden?
Kwemera ku mugaragaro jenoside yo muri Armenia ni ikintu gihambaye cane.
Nk'umuntu mfise amamuko mu Bayahudi, ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi ni ikintu kiri hejuru ya vyose mu mutwe iwanje kandi twama turyibuka ku musi wahariwe ihonyabwoko tukarimenyera no mu mazu ndangamirage. Ariko gusa kuri benewacu n'abagenzi b'abanya Armenia, Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizari bwigere zemera ku mugaragaro amabi yababayeko gushika ubu.
Ni uwuhe mwizero canke amakenga ufise ku kiringo c'ubutegetsi bwiwe gisigaye?
Imvo imwe yantumye nama nipfuza ko yoshika ku butegetsi ni uko yari afise uburambe bwo gukorana n'abantu bose b'aba Repubulika.
Nibaza ko yari gushiraho amategeko abanje kwumvikana n'impande zompi, ariko mu migambi yiwe ntiyigera arondera aba Repubulika ku migambi ariko arakora.
Nofata nk'akarorero, nko kwongereza igitigiri c'abagize Sentare nkuru y'igihugu, iki ni ikintu categerezwa kwumvikanwako n'impande zompi, ni ikintu umuntu adashobora kwirengagiza.
Lesley, w'imyaka 46, yikorera utwiwe nk'umujenama mu bijanye n'amafaranga, akaba umwimukira akomoka muri Canada. Yiyandikishije nk'uwigenga akaba yatoye Joe Biden kubera yizera ko ashobora kurwanya Covid, agakorana n'ibindi bihugu bicuditse na Amerika.
Biden yoba yarakoze ivyo yiyemeje?
Ndibaza ko amaze gukora ibitari bike. Yashize imbere kurwanya Covid, abanyagihugu nabo bagacandagwa. Ubutegetsi yasubiriye ntibwamufashije kinini, rero ndamukeza cane ku vyo amaze gukora mu kiringo gito nk'iki.
Ikindi kintu, ni uko bashoboye kwongereza amafaranga yo gufasha abakozweko n'iki kiza kandi umugambi ukemezwa kugira ngo bagarukire ku bantu bakeneye iyi mfashanyo.
Ni ikihe gikorwa cagaragaye cane mu misi 100 ya mbere ya Biden?
Ku musi wa mbere gusa, yateye igikumu ku mategeko bwirizwa atari make. Rimwe muri yo ryari ryerekeye guhangana n'urwanko ku bakomoka muri Aziya. Ikindi naco kwari ugusubiza igihugu mu masezerano ya Paris yerekeye kubungabunga ibidukikije.
Imyaka ine imbere y'aho, twari dufise umuntu yari ku butegetsi atari afise intumbero yo gukorera abanyagihugu. Ndishimiye kuba dufise umuntu ashobora kugerageza kudusubiza mu nzira dukeneye gufata.
Ni uwuhe mwizero canke amakenga ufise ku kiringo c'ubutegetsi bwiwe gisigaye?
Mfise ivyizigiro ko ubu butegetsi buzofata ingingo zikomeye zo guhindura ibintu. "Gufuta igiporisi" ubwavyo ntaco bivuze, igikenewe ni ugusubiramwo ingene igiporisi gitunganijwe. Kandi ndizeye ko impande zose ziriko ziratera intambwe kuri iki kibazo.
Amakenga nyamukuru mfise ni uko hari vyinshi bitegerezwa gukorwa, sinzi neza ingene bashobora kubona igikwiye kuza imbere. Ni igikorwa kirengeye ukwiyubaka inyuma y'ubutegetsi bwahahora. Ndizeye ko Abanyamerika bazoha Biden amahirwe akwiye.
Jim, afise imyaka 51, ni umugabo atsimbataye ku vya kera kandi atatoye Joe Biden, yishimira ko ubu muri Maison Blanche/White House havugwayo ibibazo bike, ariko akaba afise ubwoba ko impungenge ziwe kuri politike y'aba-liberal ishobora kurenga urugero ziriko ziraba iz'ukuri.
Biden yoba yarakoze ivyo yiyemeje?
Ikintu yakoze neza ni ugutanga urucanco rwa Covid. Biriko bigenda neza kandi kubona doze imiriyoni 200 zimaze gutangwa birajanye n'ivyo yari yemereye abanyagihugu.
Amakenga ari kw'ikoreshwa ry'amafaranga. Yafashe ibihumbi vy'amamiriyaridi abishira mu mugambi w'ubutabazi ku bakozweko na Covid hamwe no mu gusanura, ibi birantera impungenge ku ngaruka bishobora kugira ku butunzi.
Mu kanya gato gusa, amaze gukoresha amafaranga menshi cane, ariko ivyo bizogenda birahinduka bukebuke. Mfise impungenge z'igihugu tugiye gusigira abana banje n'abuzukuru.
Ni ikihe gikorwa cagaragaye cane mu minsi 100 ya mbere ya Biden?
Ikintu kinini ni uko atandukanye n'umukuru w'igihugu yahahora. Biden ariyorosha cane, si mahindagu, kandi nta buyayasi bumuranga. Uravye inkoro yiwe, aratandukanye cane na Donald Trump.
Ariko gusa kumbure ikintu nyamukuru yakoze muri ino misi 100 yiwe ya mbere ni uko yashoboye gutera igikumu kw'itegeko ry'ukugarukira ku bakozweko na Covid. Iri tegeko ryashize amafaranga menshi mu minwe y'abantu bayakeneye, kandi ni umugambi wakozwe neza.
Ni uwuhe mwizero canke amakenga ufise ku kiringo c'ubutegetsi bwiwe gisigaye?
Uretse ingene amafaranga ariko akoreshwa, ndafise amakenga ku kibazo c'ugucungera imbibe. Sinigeze nemera ko kwubaka uruzitiro ari yo nzira nyayo, ariko uravye ibintu vyariko birahabera, bisa n'uko ikibazo cari cananiranye. Ikibazo c'abimukira ni ikibazo gikomeye kandi si mbona ko Biden ariko aragitorera umuti.
Ndafise icizere ko azogerageza gukorana neza n'aba Repubulika, akifatanya n'abandi hagufata inzira ya wenyene.