Uganda: Museveni yategetse ko amakuru y’abafashwe mu gihe c’amatora amenyekana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yategetse inzego z'umutekano muri ico gihugu gushira ahabona amakuru y'abantu bahagaritswe kuva mu gihe c'imyiyamamazo y'amatora aheruka kugira ngo imiryango yabo imenye aho bari kubaraba.
Perezida Museveni atangaje ibi inyuma y'aho imiryango itari mike muri ico gihugu yidoze ko abantu bayo babuzwe irengero.
Iki kibazo carashikanywe imbere y'inama nshingamateka mu ndwi iheze, ica isaba reta gusigurira igihugu ibijanye n'abantu babuzwe irengero.
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Museveni avuga ati: "Abajejwe umutekano ubu basabwa gusigurira abanyagihugu mu ntumbero yo guhagarika aya makuru y'ibura ry'abantu babo".
"Iki nico gikuru nashaka gushikiriza kuko hagize imisi hari amakuru menshi mu binyamakuru ko hari abantu babuzwe irengero".
Yongeyeko ko kuva mu mwaka uheze hari akarwi k'abagizi ba nabi kariko gategura guhungabanya umutekano mu gihe c'imyiyamamazo no gutoba amatora y'umukuru w'igihugu, bica biba ngombwa ko akomeza umutekano.
Avuga ko yaciye ashiraho umurwi w'abakomando bashoboye guhagarika abantu 59 bagizwe n'urwaruka, abajejwe umutekano bahagarika abandi 65 mu gihe bariko barwanya izo nkozi z'ikibi.
Muri iryo jambo ryiwe kandi, Perezida Museveni yifatiye mu gahanga amakungu ku kwivanga mu bibazo biraba igihugu ca Uganda ubwaco.
Ni inyuma y'aho inama nshingamateka ya Buraya mu ndwi iheze ifatiye ibihano abategetsi bamwe bamwe ba reta ya Uganda bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu mu gihe igihugu cariko citegurira amatora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwa mbere uno mwaka.












