Ishirahamwe rya Buraya risaba Uganda guhagarika kuburabuza abanyeporitike

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahawe rya Buraya rivuga ko rirahagaritswe umutima n'ingene abanyepolitike n'abaharanira uburenganzira bategamiye poritike muri Uganda babandanya kuburagizwa kuva habaye amatora rusangi ku ndwi iheze.
Umukuru w'igihugu yari ahasaznwe, Yoweri Museveni, ari ku butegetsi kuva mu 1986, niwe yatsinze amatora. Agiye kubandanya atwara Uganda ikiringo kigira gatandatu.
Mw'itangazo, inama y'abashikiranganji mw'ishirahamwe rya Buraya yasavye reta kubuza inzego zayo zijejwe umutekano kuburagiza abo bantu, gukora amatohoza ku mabi bakorewe n'uko abo bose bayagizemwo uruhara babibazwa imbere y'amategeko.
Ayo matora yaranzwe n'ukuburagiza abatavuga rumwe na reta , kubangamira ibinyamakuru no kwugara internet.
Uwukomeye cane mu bahiganywe na Prezida Museveni mu kibanza c'umukuru w'igihugu, umuririmvyi yahindutse umunyeporitike Roert Kyagulanyi, azwi cane nka Bobi Wine, apfungiwe icamaso mu rugo rwiwe i Kampala kuva ku wa gatanu uheze inyuma y'aho atanguriye kwiyamiriza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu.
Prezida Museveni yatsinze ku majwi 58.64%,Bobi Wine aza ubugira kabiri ku majwi 34,83% ariko ntiyemera ivyashikirijwe.
Ishirahamwe rya Buraya rivuga ko guca internet vyahungabanije igikorwa c'abamenyeshamakuru, indorerezi z'amatora hamwe n'abandi bari gucungera ingene amatora agenda.
Abarungitswe n'ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika y'Ubuseruko-East Africa Community-nabo nyene barashikiriza amakenga nkayo mu cyegeranyo cabo c'intangamarara.

Ahavuye isanamu, AFP
'Museveni agiye Kampala'
Ishirahamwe rihuza ibihugu kw'iterambere IGAD n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika -Africa Union, avuga ko amatora yaranzwe n'amahoro.
Prezida Museveni kuri uyu wa kane aja kugira urugendo ava ku rugo rwiwe rwa ruguru i Rwakitura agana umurwa mukuru Kampala agenda arahagara mu bisagara bitandukanye.
Umuvugizi wiwe Ofwondo Opondo yanditse kuri Twitter ko Museveni aja guhagarara ahantu indwi.
Na Reta Zunze ubunmwe za Amerika zasavye ko hoba amatohoza mu tunenge twaranze amatora tuvugwa n'abatavuga rumwe na reta n'ubwo ata rubanza batarashingisha.
Abo batavuga rumwe na reta bavuga ko igisirikare cateye ibiro vyabo kigatwara impapuro bariko baregeranya kugira baje gushingisha urubanza.










