Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Umu 'Hacker' yagerageje gushira isumu mu mazi mu gisagara co muri Florida
Umu 'hacker' yashoboye kwinjira mu nyabwonko ijejwe gucungera amazi mu gisagara co mu ntara ya Florida aca agerageza gupomperamwo isumu "yica", nk'uko abategetsi babivuga.
Uyu mu 'hacker' yongereje urugero rw'umuti wa sodium hydroxide/hydroxyde de sodium (izwi nka lye) ahasanzwe hategurirwa amazi y'igisagara ca Oldsmar, ariko umwe mu bakozi b'aho yavyiketse aca aravyica.
Lye isanzwe ikoreshwa mu gutegura amazi, ariko ku rugero ruto cane, iyo rero ibaye umurengera ishobora gukora ibara.
Umukuru w'igisagara ca Oldsmar Eric Seidel yavuze ati: "Uyu ni umugizi wa nabi".
Nta muntu n'umwe arahagarikwa kandi ntibiramenyekana nimba vyakozwe n'umuntu asanzwe ari mu gihugu canke yavuye hanze.
Inyabwonko icungera amazi mu gisagara ca Oldsmar yinjiwe ku wa gatanu hakoreshejwe ubuhinga bwa none.
Umuhinga wo kuri ico kigo yarabonye umuntu ariko agerageza kwinjira muri iyi nyabwonko mu gatondo ko kuri uwo wa gatanu, ariko yibajije ko yari umukuru wiwe, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Tampa Bay Times gikorera muri Florida.
Ariko, inyuma y'umutaga uyo muntu yarasubiriye aragerageza kwinjira mbere arashobora kugera no kuri logiciel/software ikoreshwa mu gutegura amazi.
Aha niho yaciye yongereza urugero rwa hydroxyde de sodium ku bice birenga 111 kw'ijana vy'iyategerezwa gukoreshwa.
Uyu muhinga yaciye ahakerebukira arahagarika ubu bukozi bw'ikibi asubiza ku rugero rusanzwe.
Hydroxyde de sodium ni umuti ukomeye usanzwe ukoreshwa mu miti yo gusukura. Ukoreshejwe nabi ushobora gutuma umuntu aribwa mu maso no ku ruhu, mbere n'imishatsi igakoroka.
Uwumize ushobora kumererwa nabi mu kanwa, mu muhogo no mu nda, bigatuma ugira iseseme, ukadahwa canke ugacibwamwo.
Uru ruganda rutanga amazi mu gisagara ca Oldsmar, ku bigo bitandukanye hamwe n'abasanzwe bahaba bagera hafi ku 15.000.
Vyabaye ngombwa ko ikoreshwa ry'iyi nyabwonko umuntu ari kure biba birahagaritswe.