Uburundi - EU: Ibiganiro vyo kunagura imigenderanire vyatanguye

Uburundi n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Bulaya, EU uyu munsi vyateye iyindi ntambwe mu nzira yo kunagura imigenderanire imaze imyaka irenga itanu itifashe neza, inyanduruko ikaba yabaye ukutabona kumwe ikiringo ca gatatu c'umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza.

U Burundi na EU vyari bimaze imyaka itanu bidacana uwaka

Ahavuye isanamu, Twitter @AShingiro

Insiguro y'isanamu, U Burundi na EU vyari bimaze imyaka itanu bidacana uwaka

Umushimiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire, Albert Shingiro, yagiranye inama i Bujumbura n'abahagarariye ibihugu vy'ishirahamwe rya Buraya bakorera mu Burundi, Ubufaransa, Hollande, Ubudagi n'Ububiligi, mu nama bise ''ibiganiro vya politike''.

Impande zompi zumvikanye kubandanya ivyo biganiro kugira vuba hashoboka bashike ku ngingo zifadika mu ntumebero yo kunagura ugufashanya.

Itituka ry'iyo migenderanire ryatumye Uburundi butakaza zimwe mu mfashanyo zikomeye bwakura mu makungu.

Itangazo rigufi cane rirangiza iyo nama y'amasaha makeya nta ngingo zifadika rivuga ko zashitsweko.

Umushikiranganji Albert Nshingiro yugurura iyo nama yifuje ko ivyo biganiro vyonyaruka kugira bishike ku ntambwe zigaragara zo gusubizaho imigenderanire myiza yahahora.

Yagize ati ''nta burengenzira dufise bwo gukwega ibirenge''.

Imvugo y'uwaserukiye reta y'Uburundiu yumvikana ko iyo reta yafashe intumbero yo guhagarika imvugo yo kwagiriza Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya n'ibihugu birigize kuba inkwezi y'amarere y'amabi yose yagiye arashikira Uburundi, imvugo yaranze iyo reta kuva mu 2015.

Umushikiranganji Albert Nshingiro yagize ati: ''Ivyo twapfuye muri kahise bitegerezwa kurangira'' kandi ko ''kuja imbere atari ukuguma uraba inyuma canke utava aho uhagaze.

Yanavuze ko nk'ibihugu vyamanye imigenderanire kuva kera, ''ibidutandukanya ni bike kurusha ibiduhuza.''

Hasigaye kumenya ingene ishirahamwe rya Buraya ribona ibimaze guhinduka kuva rifashe ingingo yo guhagarika imfashanyo kuri reta y'uburundi.

Muvyo ryagiriza reta y'Uburundi harimwo amabi ajanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu no gusubiza inyuma intambwe ya demokrasi gushika n'aho mbere rifatira ibihano batatu mu betegetsi ba reta y'Uburundi ku ruhara boba bafise muri ayo mabi.

Abaserukira EU mu Burundi bakiriwe na prezida Evariste Ndayishimiye itariki 8 z'ukwezi kwa cumi na kabiri 2020

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Insiguro y'isanamu, Ibiganiro hagati y'izi mpande zibiri vyaheruka mu kwa gatatu 2016, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu

Ibi biganiro bitanguye reta y'Uburundi yateye intambwe mu kindi gisata ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryari rihagazeko cane: kwugurura ibinyamakuru vyafatiwe ibihano no kureka uburenganzira bwo gshikiriza ivyiyumviro.

Umukuru w'igihugu aherutse kubwira urwego rukurikirana ingene ibimyamakuru bikora kuvugana n'ivyo binyamakuru mu ntumbero yo kuvyugururira, inama ya mbere ikaba yabaye kuri uyu wa mbere.

Imbere yaho prezida Ndayishimiye yari yahaye ikigongwe abanyamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu bari bamaze umwaka bapfunzwe gutyo baca bararekurwa.

Imbere y'uko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya rihagarika imfashayo yaryo kuri reta y'Uburundi, ryaterera amafaranga ikoresha buri mwaka ku bice 48 kw'ijana.