'Ibintu ntivyoroshe' ku mugwa mukugu wa Centrafrique wagoswe n'inyeshamba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibintu ntivyoroshe ku mugwa mukuru wa Centrafrique (RCA/CAR) Bangui mu gihe inyeshamba zagose iki gisagara, nk'uko bivugwa n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere.
Martin Ziguélé avuga ko imisi yose hama intambara mu gihugu cose kandi ko wenyene ubwiwe adashobora kuva i Bangui adaherekejwe n'abasirikare.
ONU ivuga ko abantu barenga 200.000 bataye izabo kuva intambara yaduka mu kwezi guheze.
Bibiri vya bitatu (2/3) vy'igihugu cose biri mu minwe y'inyeshamba ubu.
RCA ni kimwe mu bihugu vya Afrika bikenye kandi birangwamwo umutekano muke, n'aho gifise ubutaka bwuzuye ubutare nka diamand na uranium. ONU ivuga ko hafi igice c'abanyagihugu bose babeshejweho n'imfashanyo z'abagiraneza.
Ubu inyeshamba zigose umugwa mukuru Bangui ntizemera itorwa rigira kabiri rya Perezida Faustin Archange Touadéra mu matora yo mu kwa cumi na kabiri, bakaba bashaka ko ava ku butegetsi.
Umugwa mukuru Bangui ucungerewe n'ingabo za reta zifashwe mu mugongo n'ingabo za ONU. Mu ntango z'uku kwezi hatangajwe amategeko yo mu ntambra.
Ziguélé, yabaye uwa gatatu mu matora aheze, avuga ko intumbero ya buri muntu ari uko inzira nyamukuru y'ubukiriro hagati ya Bangui n'ubuseruko bwa Kameruni iguma yuguruye.
Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters kuri terefone ati: "Si nshobora kuva i Bangui...ntaherekejwe n'abasirikare bafise ibirwanisho bikomeye".
Ati: "Ca wiyumvira rero abanyagihugu bandi. Ushizeko n'izi ngingo z'ukubuza uruja n'uruza mw'ijoro hamwe n'aya mategeko yo mu ntambara - ibintu ntivyoroshe na gato".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ziguélé yakiriza yompi akamo ka ONU ko kwongereza ingabo zayo ariko akavuga ko hakenewe mu buryo bwihuta ibiganiro hagati y'impande zompi.
Ati: "Inyishu ya gisirikare si yo yonyene ikenewe kugira ikibazo c'umutekano, imibereho n'ubutunzi - ikibazo gishobora guta mu kaga iki gihugu kimwe mu bihugu bikenye kw'isi - gitorerwe umuti".
Ingabo zagiye gufahsa kubungabunga amahoro n'umutekano muri RAC nizo ziri ku rubuga.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR rivuga ko hafi impunzi 92.000 zahungiye muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, nayo abarenga 13.000 bahungiye muri Kameruni, Tchad na Congo Brazaville. Rivuga ko abandi bahungiye hagati mu gihugu.

Umuvugizi wa HCR i Geneva yabwiye abanyamakuru ko ibitero vy'inyeshamba bibangamiye utwigoro two gushikira abantu i Bangui kandi ko abantu benshi "bari mu kangaratete".
Uyu muvugizi Boris Cheshirkov avuga ko indwara zatse indaro kandi ko bamwe muri abo bahungiye hagati bemera gutanga umubiri kugira ngo baronke utwo bashira ku munwa.
Inama mpuzamakungu ku karere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) isaba ko intambara zihagarara hanyuma inyeshamba "zigaheba umugambi wazo wo kugota Bangui".
Iri shirahamwe CIRGL/ICGLR rihurikiyemwo ibihugu 12 riragabisha ko iyi ntambara ishobora kubangamira ibihugu bibanyi.










