Intanbara ya Tigray muri Ethiopia:'Umugore wanje yapfuye ahejeje kuvyarira amahasa aho twinyegeje'

The twins

Umugabo yabwiye BBC ko umugore wiwe yavyariye inda y'amahasa y'abakobwa aho bari binyegeje abasirikare kubera intambara yo mu ntara ya Tigray muri Ethiopia.

Umugore yahavuye apfa haheze iminsi, umugabo ashira abana mu gitunga ahungira intambara muri Sudan.

Kumwe n'umuhungu wiwe w'imyaka itanu na murumuwe w'imyaka 14, ubu ari mw'ikambi y'impunzi, aho umuganga w'umunyamerika ariko arafasha kwitaho ayo mahasa. Intambara yo kugenzura intara ya Tigray ubu igeze ku kwezi kwa gatatu.

Ingabo z'umugambwe wahora utwara iyo ntara, Tigray People's Liberation Front, n'iza leta mpuzantara ziriko ziragwanira ubutegetsi bw'iyo ntara mu ntambara idasiga inyuma ibijanye n'ubwoko.

Iyo ntambara imaze gutuma abantu hafi 60.000 bahungira muri Sudan.

Umwe wese mu mpunzi afise inkuru yo kubara, ingene bamerewe bumvise urwamo rwa mbere rw'amasasu, ingene binyegeje mu masenga ama bombe y'indege ariko arakoragurika, ingene barashwe n'ingene bakorewe amabi afatiye ku gutsina.

Benshi bibuka kandi ingene barinze ingorane bakamara iminsi n'iyindi bahunga, ata mazi ata ndya kugira bashike ahoba umutekano.

Iyi ni inkuru y'umupfakare Abraha Kinfe:

Mfise imyaka 40. Nyakwigendera umugore wanje, Letai Tsegay yari afise 29. Twari tumaranye imyaka 13 twubakanye. Twari dufitaniye abana batatu.

Twaba kw'itongo turima ahitwa Mai-Kadra mu burengero bwa Tigray. Ku wa 10 ukwezi kwa 11, ingabo za reta mpuzantara niho zinjira akarere kacu zica impande y'urugo rwacu. Ntizatubona, turiruhutsa.

Iyi foto yafashwe itariki 21 ukwezi kwa 11 mu 2020 yerekana inderuzo zakoreshwa mu guterura abapfuye babashira mu mva rusangi, abo bikavugwa ko bishswe itariki 9 ukwo kwezi i Mai Kadra, Ethiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uburengero bwa Tigray nico gice ca mbere intambara yabanje gushikamwo

Twaciye tuja kwinyegeza mw'ishamba hafi y'inzu yacu hamwe n'ababanyi bane. Umugore wanje yari arembejwe n'inda y'imvuka, ariko nkicwa n'ubwoba bwo kumujana kw'ivuriro rya Mai-Kadra.

Umugore wanje niko kuvyarira amahasa y'abakobwa aho mw'ishamba afashijwe n'umugore twari twinyegeje hamwe. Gushika aho turashima.

Kuri uwo munsi nyene, twaciye dusubira i muhira ariko Latai ntiyaronse ivya nkenerwa vy'umuntu ahejeje kuvyara. Ntiyaronse urushinge rumubuza kuguma ava amaraso. Inyuma y'iminsi 10, Latai yaciye apfa. Narabuze iyo nkwigwa. Twe n'abo babanyi bane, turamufuba mw'itongo ryacu.

Ndicuza kubona ntamujanye kw'ivuriro, ariko ico gihe ibintu vyari vyayagaye, abantu bariko bariruka irya n'ino barondera gukiza ubuzima bwabo. Ubu igisagara kiragaragara.

Mu myaka itanu iheze, umuryango wanje wahuze uva Metama (muri Amhara) kubera intambara y'amoko.

Twahungiye Mai Kadra gutangura ubuzima gushasha. Twahawe aho turima n'ubutegetsi. Turubaka akazu k'ibiti n'ivyondo.Twari tuhamererewe neza jewe n'umugore. Umuhungu wacu niho yavukiye. N'abana bacu b'abakobwa niho bavukiye, ariko haheze iminsi 20 duca turahunga.

Aho umugore wanje apfiriye, numvise isi inyubamyeko,Naraboroze, ndaboroga ndamufashe mu maboko. Naranse iyo ntambara iduhekura, intambara yadutaye mu kaga. Umugore wanje nkunda yamvyariye abana yishwe no kudashobora gushikanwa kwa muganga.

INgab za reta ya Athiopia muri Mai-Kadra mu kwa 11 mu 2012

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo za reta mpuzantara zavuye mu ntara bihana urubibe ya Amhara nizo zigenzura ibisagara nka Mai-Kadra

Kubera ibintu vyari bikimeze nabi cane, ababanyi baciye bahungira muri Sudan.

Jewe nasigaye inyuma, n'amahasa, umuhunugu wanje na muramwanje. Twagenda turinyegeza mw'ishamba igihe cose tubonye abasirikare.

Ntivyari vyoroshe kwitaho abana b'amahasa uri umwe, ata n'ababanyi ugira. Abana nkabo baba bakeneye nyina ngo abonse.

Bababeshejweho n'amazi arimwo agasukari naja ndabaha, nongera nja ndakoza urutoke mu ndya zimeze nk'isupu ndabaha bakonka rimkwe na rimwe.

Inyuma y'iminsi 20, naragiye kubaza ingabo mpuzantara zari muri ako karere ko nojana abana kw'ivuriro ryo mu gisagara cari hafi.

Impunzi zo muri Tigray hamwe n'abanye Sudan bariko baramesa impuzu mu ruzi rwa Tekeze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uruzi rwa Tekeze ruriko icambu impuzi zicamwo mu kujabuka

Imana zose zararetse ndarengana, ariko naciye nja ku rurizi Tekeze nca ndarujabuka n'ubwato kugira nshike Hamdayit muri Sudani.

Natwaye ayo mahasa mu gitunga, kandi n'abandi bana babiri twari kumwe. Ubu rero turi impunzi mw'ikambi ya Hamdayit.

Umuganga w'umunyamerika wo muri Croix Rouge ariko aritaho abana.

Arabaha ivyo bakeneye kandi akaguma asuzuma ingene bariko baratera imbere uko iminsi itatu iheze. Imana imuhezegire kubera umutima wiwe n'ingene afasha imupunzi zose.

Kubatiza amahasa

Ayo mahasa ubu arengeje amezi abiri. Ndabona ko yatanguye kuvyibuha. Ariko umuhungu wanje w'imyaka itanu arababajwe cane no kutabona nyina. Aguma amumbaza. Ivyo biramvuna umutima. Ndababazwa no kuguma ndamubesha ngo umunsi umwe azoza.

Birananira gutahura ko Letai tutakiri kumwe. Ubuzima buragoye cane. Ehe amahasa yanje, nayo aguma anyibutsa umugore wanje yaguye mu maboko yanje.

Map

Bagenzanje b'impunzi baragerageza kunshigikira no kumpoza uko bashoboye kwose.

Bambwira ko abo bana nobita Eden (Bafatiye kuri Bibiliya mu kwirukanwa mu murima wa Eden) na Trefi ryo kwemera ku kubona bakiriho ari igitangaro c'imana. Trefi n'ukuvuga ''guma aho'' mu giTigrinya (ururimi ruvugwa cane muri Tigray na Eritreya bihana urubibe).

Mu kwemera kwa aba Orthodoxe, abana b'abakobwa bategerezwa kubatizwa ku munsi wa 80 kuva bavutse. Uwo munsi uregereje, ariko nta sengero iri muri iyo kambi. Ndacagandaye nongera nsaba imana ko yompa inguvu zo kurera abana banje ahantu hatekanye. Nizigiye ko iyi ntanbara izorangira tugasubira gutangura ubuzima aho twahora.

'Agahinda ni kenshi'

N'ubu ndacibuka umunsi nava Metema nkaja Mai-Kadra ngashinga urugo, nkora ijoro n'umurango kugira ndonke igitunga umuryango.

Narima aho bampaye nkongera ngakotesha ahandi kugira nongereze umwimbu. Ariko ubu ngaha nta na kimwe nkora, nta mugore wo gukunda, nta muryango mfise, nta n'isengero yo kuja gusengeramwo.

Umunryango w'impunzi z'abanyeEthiopia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihe Sudan iguma yakira impunzi, yasavye ko hoba abahuza mu biganiro vyo kurangiza iyo ntambara yo muri Tigray

Nibuka kandi imirima yari hafi kwera. Nta kindi ngife atari kwiyumvira kahise. Ivyo twari dutunze, ingene ubuzima bwari bumeze, ingene abana bakina.

Agahinda ni kenshi. Abana banje ntibari bakwiriye kubaho gutya.

Ibintu vyose vyanje vyaratakaye kubera intambara itagira insiguro hagati y'aba Amhara n'aba Tigray.

Ubu ngaha muri Sudan habarizwa ibihumbi n'ibihumbi vy'impunzi, kandi bose bava muri Tigray. Ndabona ko iyo ntambara yadukozeko cane.

Nizigiye ko iyo ntambara izorangira vuba, amahoro akagaruka. Turifuza gusubira iwacu tugasubira kwubaka ubuzima mu matongo ya ba data na ba sogukuru.