US: Uyu yiyita 'QAnon Shaman' yafashwe ku ruhara rwiwe mu migumuko y'abanywanyi ba Trump

Uyu munywanyi wa Donald Truymp, QAnon, azwi cane mu migumuko yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora aheruka, yahagaritswe inyuma y'uruhagarara rwo ku wa gatatu ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol.

Jacob Anthony Chansley, azwi nka Jake Angeli, ari mu gasho, mu vyo yagirizwa hakaba harimwo ukwinjira muri iyo nyubakwa babanje kumenagura ibintu n'inyifato ya bunyamaswa.

Uyu Chansley asanzwe yiyita QAnon Shaman, ni uyu mugabo aboneka cane ku masanamu y'iyo migumuko yisize ibirangi mu maso, yambaye igikofero c'ubwoya kiriko n'amahembe, muri iyo ngoro y'amakoraniro ku wa gatatu.

Donald Trump ashobora kubogozwa ubugira kabiri n'inama nshingamateka ku ruhara yagize muri ako kaguma.

Abo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) bagiriza uyu mukuru w'ico gihugu guhimiriza imigumuko yaguyemwo abantu batanu.

Ikigo kijejwe igendereza FBI gisaba abanyagihugu ko bofasha kugira abagize uruhara muri iyi migumuko bashirwe imbere y'intahe.

Chansley ntaco aravuga kuri ibi yagirizwa.

Itangazo ry'umushikirizamanza mukuru i Washington DC rivuga riti: "Chansley yamenyekanye ko ari we mugabo yamamaye cane mu binyamakuru ko yinjiye mu ngoro ya Capitol yambaye amahembe, igitambara c'urushato, yisize irangi ritukura, ryera n'irisa n'ubururu, agatuza kari hejuru ata shati yambaye, mw'ipantaro y'ikaki".

"Uyu mugabo yafi afise icumu ryapima imetero hafi zibiri, ryambitsweko n'idarapo rya Amerika".

Iri tangazo kandi rivuga ko umugabo akomoka muri Florida azwi ko ari we yafashwe isanamu yikoreye 'podium' y'umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi, yari umu biro vy'inama nshingamateka na we nyene yahagaritswe .

Mu vyo uyu mugabo Adam Johnson w'imyaka 36 yagirizwa, harimwo kwiba umutungo wa reta no kwinjira mu ngoro ku nguvu.

Mu bandi bahagaritswe harimwo n'umushingamateka wo muri Virginia y'Uburengero, Derrick Evans. Yagirizwa ko yakwiragije ireresi yiwe ahagaze hanze y'iyi ngoro ari kumwe n'aba banywanyi ba Trump, mu nyuma akinjirana nabo.

Ubutungane buvuga ko yahagaritswe ku wa gatanu kandi na we nyene yagirizwa kwinjira abanje kubomora kandi ko yagize inyifato ya bunyamaswa mu micungararo ya Capitol.

Abantu barenga cumi nibo bamaze guhagarikwa ku vyaha bifitaniye isano n'akaguma ko kuri Capitol. Muri bo harimwo umugabo wo mu ntara ya Alabama yafatanywe amabombe 11 ya cocktail Molotov.

Bitegekanijwe ko Trump ava muri Maison Blanche/White House mu minsi cumi. Aba Democrats bategura gutanguza urugamba rwo kumubogoza kuva ejo ku wa mbere, bakamwagiriza "gutera imigumuko".

Umuvugizi wa Maison Blanche avuga ko kurondera kubogoza umukuru w'igihugu muri iki gihe vyocanishamwo igihugu gusumba.