Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
WHO 'ibabajwe cane' nuko abakozi bayo bwankiwe kwinjira mu Ubushinwa
Umugwi w'intumwa za WHO/OMS zari gutohoza amamuko ya Covid-19 mu gisagara ca Wuhan wankiwe kwinjira mu Bushinwa.
Babiri muri bo bari bamaze gufata urugendo - umwe aza yamaze gusubira inyuma, uwundi aracari aho arindiririye indege mu kindi gihugu.
OMS ivuga ko vyatumwe n'ikibazo co kuronka impusha zo kwinjira(visa).
Ayo matohoza arindiriwe kuva kera yari yemewe n'abategetsi b'Ubushinwa mu kwezi kwa 12 inyuma y'amezi menshi babivugana na OMS.
Uwo mugera watowe ubwa mbere muri Wuhan mu mpera za 2019 ucaduka, bikaba vyibajijwe ko wazananye mw'isoko.
Umukuru wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus ''yababajwe cane'' n'uko Ubushinwa butaheraheje ibijanye no gutanga impusha z'uko abo bantu bashika muri ico gihugu''kandi babiri muri bo bari bamaze gufata urugendo hanyuma abasigaye na bo bakaba basivye ku munota wa nyuma''.
Yabwiye abamenyeshamakuru i Geneve ku wa kabiri ati:''Ubushinwa bwari bwanyemereye ko buriko burakora ibikenewe vyose kugira abo bantu bashikeyo vuba hashoboka'', asigura ko yari yavuganye n'abategetsi bo hejuru b'Ubushinwa abumvisha ko ''ubwo butumwa buza imbere kuri OMS no ku makungu''.
OMS yari imaze amezi n'amezi itegura kurungika umugwi w'abantu 10 b'abahinga mpuzamakungu mu Bushinwa kugira baje gutohoza ivy'uko ikiza camutse ku gikoko n'ingene uwo mugera wahejeje ugashikira abantu.
Mu kwezi guheze vyari vyatangajwe ko ayo matohoza azotangura mu kwezi kwa mbere mu 2021.
Covid yamutse he?
Babiri mu bagize uwo mugwi mpuzamakungu bari bafashe urugendo bagana Ubushinwa ku wa kabiri nk'uko bimenyeshwa na OMS.
Covid-19 yatowe ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan co mu ntara ya Hubei yo mu Bushinwa, mu mpera za 2019.
Vyatanguye kwibazwa ko uwo mugera wandurutse mw'isoko rigurisha ibikoko vyo mw'ishamba vyo kubaga. Aho ni ho vyibazwa ko uwo mugera ariho wava ku bikoko ukandukira abantu.
Ariko hari impari nyinshi ku mamuko y'uwo mugera. Hari abahinga bibaza ko isoko atari yo mamuko yawo, ko gusa ariho wagwiriraniye.
Hari ubushakashatsi buvuga ko imigera ya corona ishobora kwandukira abantu imaze imyaka igendagenda ivuye ku buhungarema atawurayitora. Ariko ntibizwi igikoko yoba yaraciyeko kugira abantu bandukirwe.