Ontario: Umushikiranganji w'ikigega Rod Phillips yatanze imihoho kubera gutembera muri Carraibes

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa mbere wa Ontario Doug Ford yatangaje itanga ry'imihoho ry'umushikiranganji wiwe ajejwe ikigega muri iyo ntara yagiye gutembera muri Carraibes mu gihe muri iyo ntara atawuva i muhira.
Umushikiranganji Rod Phillips yasavye imbabazi avuga ko urwo rugendo kwabaye ''ukwihenda kubi''.
Ford yavuze kuri uyu wa kane ko ugutanga imihoho kwa Phillips kwerekanye ko reta yiwe ''ifata nk'ikintu gikomeye ko dutegerezwa kuba intangarugero''.
Iyo ntara ya Canada ibamwo abantu benshi kurusha izindi yarabujije ingendo zose zidakenewe cane mu gihe iharurwamwo abantu bashaha benshi bandura indwara ya corona.
Phillips, wo mu mugambwe waProgressive Conservative Party , yari yagize urugendo ku giti ciwe i St Barts ku wa 13 ukwezi kwa 12 hanyuma agaruka ku wa kane mu gitondo.
Muri ibi bihe vy'akaruhuko, abategetsi bajejwe amagara y'abantu muri Ontario bari babwiye abantu kuguma mu mazu yabo iyo bishoboka mu gihe abandura umugera wa coronvirus baguma biyongera.
Vyifashe gute muri Ontario?
- Muri Ontario ingingo yo kutava i muhira yatanguye ku wa 26 z'ukwa12
- Ku wa kane iyo ntara yatangaje igitigiri gishasha kitari bwashikweko c'abantu 3.328 bashasha banduye Covid-19 na 56 bapfuye, nk'uko bivugwa na CBC.
- Canada iharura 582.000 vy'abanduye bose hamwe na 15.600 bamaze gupfa nk'uko bitangazwa na kaminuza ya John Hopkins.









