Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Sentare nkuru y'igihugu yanse urubanza rwo guhindura ivyavuye mu matora muri Pennsylvania
Sentare nkuru ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanse urubanza rurondera gufuta intsinzi ya Joe Biden muri reta ya Pennsylvania.
Abarepubulika bo muri Pennsylvania bashaka ko intsinzi ya Joe Biden muri iyo reta ifutwa, ariko abacamanza banse urwo rubanza mu ngingo yashikirijwe mu ryungane rimwe rudende.
Uru ni uruhombo runini kuri Prezida Donald Trump amaze igihe asaba ko impari ku vyavuye mu matora zotorerwa umuti na Sentare nkuru y'igihugu.
Prezida Trump yatsinzwe mu matora yabaye mu kwezi guheze aho yariko arondera gutwara Amerika ikiringo kigira kabiri.
Kuva ico gihe, we n'abanywanyi biwe baritwaye ahantu hatari hake biyamiriza ivyavuye mu matora. Nta na hamwe barigera batsinda.
Joe Biden wo mu mugambwe w'aba Democrates yatsinze Perezida Trump ku majwi 306 kuri 232 y'intumwa z'itora, ari na zo zitora umukuru w'igihugu. Ku rwego rw'igihugu, Biden yarushije Trump amajwi imiriyoni indwi.
Buramatari wa Pennsylvania Tom Wolf yaramaze kwemeza intsinzi ya Biden muri iyo reta. Nk'uko amategeko agenga intumwa z'itora, intumwa 20 z'iyo reta zizokorana ku wa 14 z'uku kwa cumi na kabiri kugira ngo zemeze ku mugaragaro umukuru w'igihugu yatowe.
Hagari aho, Abarepubulika bo muri iyo reta bashaka ko ingingo ya Buramatari Wolf yo kwemeza itsinzi ya Biden ifutwa. Mu ndwi iheze, sentare nkuru y'iyo reta yaranse iki cipfuzo, ari na ho baca bungururiza muri sentare nkuru y'igihugu i Washington.
Abashingwamanza bo muri iyo reta hamwe na Buramatari Wolf baneguye uru rubanza bavuga ko ata "shingiro rufise".
Banditse bati: "Nta sentare n'imwe irigera ifata icemezo co gufuta ingingo ya Buramatari yo kwemeza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu".
Ejo ku wa kabiri sentare nkuru y'igihugu yaranse urwo rubanza. Iyo ngingo yanditswe mw'iryungane rimwe rudende nta n'uko yagarutse ku birego vyashikirijwe n'abarepubulika, ikavuga gusa iti: "Icipfuzo cashikirijwe umucamanza Alito nawe akagishikiriza sentare nticakiriwe".
Imbere y'amatora, mu gihe ca yo, n'inyuma yayo, Perezida Trump yagumye avuga ko amatora yabayemwo ubusuma ariko ata vyemezo atanga, mbere akama avuga ko sentare nkuru y'igihugu ari yo izofata ingingo ya nyuma ku bijanye n'ivyavuye mu matora.
Mu kiringo kimwe gusa ciwe nk'umukuru w'igihugu, Perezida Trump yagenye abacamanza batatu ba sentare nkuru y'igihugu. Aheruka mbere n'ukugena Amy Coney Barrett yateye impari cane kubera basangiye ivyiyumviro, kugira asubirire Ruth Bader Ginsburg yari aherutse kwitaba Imana.
Ariko ibi ntibivuze ko urugamba rw'amategeko rurangiriye ng'aha mu kurondera ko intsinzi ya Biden ifutwa. Abarepubulika muri reta ya Texas barashingishije urubanza muri sentare nkuru y'igihugu ejo ku wa kabiri, bavuga ko mu matora yabaye mu zindi ntara zine habayemwo utunenge - urubanza abahinga muvyo amategeko baneguye bikomeye.
Mu ndwi iheze, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika William Barr yavuze ko igisata ciwe c'amategeko kitigeze kibona ivyemezo vy'uko amatora ya 2020 yoba yarabayemwo ubusuma.