Uburusiya 'bugabisha ko bushobora kugonga' ubwato bwa Amerika mu nyanja y'Ubuyapani

Uburusiya buvuga ko ubwato bwabwo bw'intambara bwafashe bwongera burirukana ubwato bw'intambara bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwinjiye mu mazi y'Uburusiya mu nyanja y'Ubuyapani ku wa kabiri.

Uburusiya bwagiriza ubwato USS John S McCain kwinjira gushika ku birometero bibiri hagati mu karere ko mu mazi kegukira Uburusiya buciye ku rubibe rwo mu mazi ruri ahitwa Peter the Great Gulf, ikavuga ko yagabishije ko ishobora gukoresha inguvu mu kubwirukana.

Mu nyuma ubu bwato bwa Amerika bwaciye buva muri ako karere, nk'uko Uburusiya bubivuga.

Hagati aho, igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi kirahakana ivyo cagirizwa kikavuga ko ata bwato bwaco bwirukanywe.

Ibi vyabaye ku wa kabiri mu nyanja y'Ubuyapani, izwi kandi nk'inyanja yo mu buseruko, igice c'amazi gisangiwe n'Ubuyapani, Uburusiya hamwe n'amazinga ya Koreya.

Nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya, ubwato bw'itambara buri mw'ibahari Pasifike, Admiral Vinogradov, bwakoresheje uburyo mpuzamakungu bw'itumatumanako mu kugabisha ubu bwato bwa Amerika ko "bushobora gukoresha inguvu kugira ngo bwirukane umwansi yavogereye amazi y'ubutaka bwabwo".

Liyetena Joe Keiley, umuvugizi w'ingabo zirwanira mu mazi ziri muri ako gace, yasohoye itangazo aho avuga ati: "Itangazo ry'Uburusiya rivuga ibi ni ikinyoma. USS John S McCain ntibwigeze 'bwirukanwa' ku butaka bw'igihugu ico ari co cose".

Avuga ko Amerika "itazigera" ipfukamira uwo ari we wese azoyitera ubwoba canke ngo itegekwe kwemera ibitagira mvura izokwagirizwa mu bijanye n'ibikorwa vyayo ikorera mu mazi, nk'ibi vyavuzwe n'Uburusiya.

Ibintu nk'ibi ntibikunze kuboneka mu nyanja, n'aho ubu bwato Admiral Vinogradov na bwo nyene bwagize uruhara mu guhakwa kugongana n'ubwa Amerika mu mu nyanja y'Ubushinwa umwaka uheze.

Ibi bihugu vyopmi, Uburusiya na Amerika, vyaragirizanije.

Ibi bihugu bibiri vyama vyagirizanya gukora ibikorwa vya gisirikare bibangamira ikindi - mu mazi no mu kirere.

Mu 1988, ubwato bw'Uburusiya Bezzavetny, "bwaragonze" ubwato bwa Amerika, Yorktown, mu nyanja yirabura (Mer Noire/Black Sea), bubwagirije ko bwavogereye amazi y'Uburusiya.

Imigenderanire hagati ya Moscou na Washington ibandanya iba mibi, mbere na Perezida Vladimir Putin ntarigera akeza Joe Biden ku ntsinzi yiwe mu matora aheruka muri Amerika.

Ibi bihugu kandi ntibirarangiza amasezerano ya nyuma hagati yavyo ku bijanye n'ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, amasezerano yitezwe kurangira mu kwa kabiri kuza.

Mu 2017, ubwato USS John S McCain bwaragonganye n'ubwato butwara igitoro hafi y'umweha (umwaro mu kinyarwanda) wa Singapour, aho abantu cumi bapfuye.