US: Umugwi ujejwe imigenderanire wa prezida aheruka gutorwa Joe Biden uduha ubuhe butumwa?

Abantu batatu bagenywe na prezida wa Amerika aheruka gutorwa, Joe Biden, ngo barongore umugwi ujejwe imigenderanire n'ibindi bihugu, bazozana uburambe bw'imyaka irenga 20 mu biro vya prezida (White House), ariko kandi bazonanebagurwa n'abafatira ku vyo baranguye muri iyo myaka yose bakoreye reta ya Amerika.

Muri make ngaba abo ari bo, n'ico abahinga bavuga ku butumwa Biden atanze mu gutora abo badipolomate ba Amerika.

Ni bande?

Abo bantu batatu bagiye kuza barahanura Biden ku bibazo vy'amahanga, ntibazwi cane ahandi uretse i Washington. Antony Blinken, Linda Thomas-Greenfield na Jake Sullivan, bose bakoranye n'ubutegetsi bwa Obama, kandi bafatwa nka ba somambike ba Biden, bakaba bari no hagati na hagati muri politike y'imigenderanire n'amakungu.

Blinken w'imyaka 58 - amaze imyaka yababa 20 akorana na Biden - yagenywe kuba umunyamabanga mukuru wa reta, akaba ari we mutegetsi wa mbere ajejwe imigenderanire ya Amerika n'amakungu.

Linda Thomas-Greenfield, umwe mu bapfasoni b'abirabure bazwi cane mu migenderanire ya Amerika n'amakungu, yakoze imyaka myinshi ku bibazo vya Afrika, yagenywe guserukira ico gihugu mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Jake Sullivan yahoze akora mu biro vy'ububanyi n'amakungu, akaba yaranakoranye na Hillary Clinton. Yaragize uruhara runini mu biganiro vyashitse ku masezerano ku kibazo c'inguvu za 'nucléaire' za Iran mu 2015. Yaranabaye umuhanuzi wa Biden ku kibazo c'umutekano ku rwego rw'igihugu, igihe yari icegera ca prezida.

Somambike

Blinken yakoranye na Biden imyaka yababa 20, kuva igihe Biden yari arongoye akanama kajejwe imigenderanire ya Amerika n'amakungu mu nama nkenguzamateka. Hari abamunegura kubera Biden yashigikiye ibitero vyo muri Iraq mu 2003.

Abahoze ari abakozi mu vy'imigenderanire bavuga ko umwumvikano bafitaniye hagati yabo uzotuma bakorana neza, ariko kandi ko bishobora gufatwa nko kudashaka gukorana n'abafise ivyiyumviro bitandukanye n'ivyiwe.

Ubumenyi bwinshi bafise mu vyerekeye politike y'imigenderanire ntibuzotuma bakundwa na bose. Ariko ivyo ari vyo vyose, bitanga agahengwe ku ntambara ya Trump yagira ku bantu bari muri reta yabona ko bagwanya ibikorwa vyiwe.

Kwunga ubucuti n'amakungu

Ikiza imbere ya vyose mu bikorwa vy'umugwi urongowe na Biden, n'ugusubira mu mashirahamwe, kwunga ubucuti hamwe no gusubira mu masezerano Trump yari yaragabanije inguvu canke yafuse burundu muri iyi myaka ine.

Bafise akazi ko gusubiza Amerika mu masezerano y'i Paris yerekeye ihindagurika ry'ibihe hamwe no kugumiza ico gihugu mw'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO).

Bazorondera kandi gusubiramwo amasezerano y'inguvu za 'nucléaire' za Iran, bongereze imigenderanire bafitaniye n'ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry'Amerika na Bulaya (OTAN/NATO), hanyuma barondere amasezerano y'ubudandaji nk'inzira yo guhangana n'igihagararo c'Ubushinwa.

Ukugaruka kw'abahinga

Benshi mu bahinga bemeza ko umugwi Biden yagenye ufise ubumenyi bwinshi gusumba abari baragenywe na Trump, nk'umunyamabanga wa mbere wiwe wa reta Rex Tillerson, yahoze arongoye ishirahamwe rya Exxon Mobil.

Ariko iragi rya Trump mu bushikiranganji bw'imigenderanire - aho benshi mu bakozi bacitse intege bagasezera mu kazi igihe bwari burongowe na Tillerson n'igihe yasubirirwa na Mike Pompeo - ryashitse kure ku buryo bidashobora gukosorwa mw'ijoro rimwe.