Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora muri US: Sentare ya Pennsylvania yakuriye inkoni ku gishitsi Trump
Umucamanza muri leta ya Pennsylvania yanse ibirego vyari vyashikirijwe n'abajejwe amatora k uruhande rwa Perezida Donald Trump bariko barondera ko amamiliyoni y'amajwi y'abatoye bakoresheje uburyo bwa posita muri ino leta yarwanirwa cane aba impfagusa.
Umucamanza Matthew Brann avuga ko ibirego bivuga ko amatora yabayemwo utunenge muri iyo ntara "ata shingiro bifise".
Iyi ngingo ihaye inzira Pennsylvania kwemeza intsinzi ya Joe Biden mu ndwi iza - akaba asanzwe asumvya Trump amajwi arenga 80.000.
Bimwe mu biri mu ngingo yasohoye, umucamanza Brann yanditse ko abajejwe amatora ya Trump bari bagerageje "kwaka uburenganzira bwo gutora abantu hafi imiliyoni indwi zose".
Avuga ko "sentare yiwe yahawe ibirego bidafise ishingiro kandi bidafise ivyemezo".
Uru ni uruhombo rukomeye cane kuri Donald Trump mu rugamba rwiwe arimwo rwo kugerageza guhindura ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yo ku wa 03 z'uku kwezi aho yatsinzwe n'umukeba wiwe Joe Biden.
Gushika ubu, ntarigera yemera ko yatsinzwe kandi abandanya avuga ko amatora yabayemwo ubusuma ariko ntiyerekane ivyemezo.
Uku kutemera gutsindwa kuriko kuracereza ibikorwa bitegekanijwe inyuma y'amatora muri Amerika.
Bwana Biden yaratsinze mu kuronka intumwa z'itora 306 kuri 232 za Perezida Trump, mu gihe hari hakenewe 270 kugira ngo atsinde.
Abajejwe amatora bo ku ruhande rwa Trump bamaze igihe batsindwa mu manza zo kwiyamiriza ivyavuye mu matora.
Ni abategetsi bake b'umugambwe w'aba Repubulika bamaze gusaba Perezida Trump kwemera ko yatsinzwe, ariko inyuma y'igi ngingo ya sentare ya Pennsylvania , umukenguzamateka Pat Toomey avuga ko Trump inzira zose z'ubutungane zamuheranye muri iyi leta, aca amusaba kwemera ivyavuye mu matora.
Hagati aho, umuhanuzi wa Perezida Trump mu vyo amategeko, Rudy Giuliani, yasohoye itangazo aho avuga ko azokwunguruza urubanza, akagira ati: "Icemezo c'uyu munsi kije kudufasha mu nteguro zacu zo kwihutira kwitura sentare nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika".
Mu yandi maleta arwanirwa bimeze gute?
Ku wa gatanu, Georgia nayo nyene yarakuriye inkoni ku gishitsi Perezida Trump mu kwemeza intsinzi ya Biden inyuma yo gusubiramwo ibarura hakoreshejwe iminwe.
Trump n'abiwe bafise iminsi ibiri yo gusaba ko bongera bagasubiramwo guharura.
Mu yindi leta Biden yatsindiye, abategetsi bayo bakomoka mu mugambwe w'aba Repubulika bandikiye umurwi ujejwe amatora bawusaba ko bobangira mu kwemeza ivyavuye mu matora mu kiringo c'indwi zibiri.
Basaba ko bobanza bagasubiramwo ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu mu karere ka Detroit inyuma y'aho abajejwe matora ba Trump biyamirije ivyavuye muri ayo matora.
Ariko Ubunyamabanga bwa leta ya Michigan bumenyesha ko ivyo bitemewe n'amategeko.
Muri Wisconsin, abajejwe amatora bagiriza indorerezi za Trump ko zagerageje kuburabura ibikorwa vyo guharura amajwi gushasha kugira ngo umwanya ube uragenda. Ibi biakora kuko bazi ko mu gihe ibikorwa vyo guharura gushasha bitoba birarangira kw'igenekerezo rya 1 ukwezi kuza - itariki ntarengwa Wisconsin itegerezwa kwemerezako ivyavuye mu matora - amayira azoba yuguruye kugira ngo Trump n'abiwe biture ubutungane.
Muri iyi leta, Biden asumvya Trump amajwi arenga 20.000.
Kubera iki icemezo c'ivyavuye mu matora ari ngombwa?
Mu bisanzwe iyo Abanyamerika batora umukuru w'igihugu, batora ku rwego rw'intara (Leta), ntibatora ku rwego rw'igihugu.
Rero batora intumwa z'itora ziserukira iyo ntara (leta), izi ntumwa nazo zigatora umukuru w'igihugu.
Mu gutora rero, izi ntumwa zitegerezwa gutora uwo ababatoye mu ntara kanaka bashaka - nk'akarorero muri Michigan, intumwa zose zitegerezwa gutora Joe Biden kubera ari we yatsindiye iyo leta.