Amatora muri USA - 2020: Kubera iki Abraham Lincoln yavuzwe cane mu mpari hagati y'abahiganwa

Donald Trump na Joe Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

Mu kiganiroi c'impari hagati ya Donald Trump na Joe Biden mw'ijoro ryo ku wa kane, hari ikintu kibandanya kigaruka mu mitwe y'ababakurikiranye.

Ku kibazo kitavugwako rumwe na gato ku bijanye n'umubano hagati y'amoko muri Amerika, Perezida Trump yarafatiye cane kuri Abraham Lincoln - umukuru wa Leta Zuze Ubumwe za Amerika yagira 16 yarwanije ubucakara amaze gutsinda intambara yo mu myaka ya 1960s.

Bwana Biden yarashatse kubikorerako akoresheje amajambo y'agahemo, ariko Bwana Trump wewe nta vyo gufyina vyagiyemwo.

Vyagenze uku;

Perezida Trump yavuze - kandi ntibwari bwo bwa mbere - ati: "Nta wundi mukuru w'igihugu arigera akorera ivyiza abirabure gusumba Donald Trump ...kiretse Abraham Lincoln". Yongera ko ati: "Muri ino nzu ni jewe ntagendera ku vyiyumviro vy'ivanguramoko".

Bwana Biden nawe ati: "'Abraham Lincoln' dufise ng'aha ni umwe mu ba perezida bashira imbere ivanguramoko dufise mu gihe ca none. Akantu ako ariko kose kajanye n'ivanguramoko, ako ari ko kose, aca agafatirako mu gukokeza".

Trump: "Afatiye kuri Abraham Lincoln, ivyo bivuye he?".

Biden: "Uvuze ko uri Abraham Lincoln."

Trump: "Oya, oya... Sinavuze ko 'ndi Abraham Lincoln'. Navuze nti , 'Kiretse Abraham Lincoln nta wundi muntu arigera akorera Abirabure nk'ivyo maze kubakorera".

Mu kumwihora, Bwana Trump yaciye abaza Biden ivyo amaze gukora we ubwiwe ku kibazo c'umubano hagati y'amoko. Yaciye amwibutsa integuro y'itegeko ryo mu 1994 Bwana Biden yafashije kwandika, itegeko ryiyamirizwa n'abari muri rya sekeza Black Lives Matter (ubuzima bw'abirabure ni kirumara) bakavuga ko ari ryo ryatumye Abanyamerika bakomoka muri Afrika bama bariko barapfungwa.

Aya majambo yaciye atuma abatari bake bavuga amajambo menshi ku mbuga hwaniro.

Uyu umwe muri bo ati : "Abraham Lincoln ariko arihweza muri rino joro:

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Presentational white space

Perezida Trump arakunze kwigereranya na Abraham Lincoln akavuga ko ubutegetsi bwiwe bwitayeho gusumba ibibazo vy'Abanyamerika bakomoka muri Afrika mu bijanye n'indero, ubuzi n'ibindi bisata.

Abasesenguzi baciye bakorera kuri aya majambo akunze kuvugwa na Trump, bavuga ko mu gihe ca none hari abaperezida bakoze ibintu vyinshi cane cane cane mu bijanye n'uburenganzira bwa kiremwamuntu.

Batanga akarorero cane cane ka Lyndon B Johnson, yahagarariye itegeko ritanga uburenganzira bwo gutora ritavangura, itegeko Fair Housing Act rikuraho ivanguraruhu iryo ari ryo ryose mu bijanye no kugura, kugurisha canke gukotesha inzu mu myaka ya 1960.

Mu mwaka uheze, Trump yarigereranije n'uyu mukuru w'igihugu yagira 16, mu kuvuga ko ata wundi mu perezida arigera afatwa nabi n'ibinyamakuru nka we - ndetse na Lincoln.

Ati: "Biravugwa ko Abraham Lincoln yafashwe nabi cane, ariko nta wundi arigera afatwa nabi nka jewe".

Perezida Lincoln yararongoye igihugu mu rugamba rwo kurwanya amaleta yo mu bumanuko yari yishize hamwe kugira yiyonkore maze yibandanirize n'ubucakara mu ntambara ya Amerika yo mu 1861-1865. Mu 1863 yaciye ategeka ko Abanyamerika bakomoka muri Afrika, ari bo bari abacakara, baronka umwidegemvyo.

Haciye iminsi mike Jenerali Robert E Lee amanitse amaboko mu 1865, Lincoln yaragandaguriwe mu nzu ndangabirori mu gisagara ca Washington DC n'uwitwa John Wilkes Booth.

Iki ni igishusho ca Abraham Lincoln, umwe mu baperezida ba Amerika bubahwa cane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iki ni igishusho ca Abraham Lincoln, umwe mu baperezida ba Amerika bubahwa cane