Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Perezida Ndayishimiye avuga ko leta yiwe iri kubakira ku vyiyumviro vya Rwagasore na Ndadaye
Haraciye imyaka 28, kuri iri genekerezo Uburundi buribuka umuhisi Melchior Ndadaye - prezida wa mbere w'Uburundi watowe biciye muri demokarasi, ko ariho yagandaguwe "n'akarwi k'igisirikare".
Uyu munsi, mu butumwa bwatangajwe kuri Twitter na Prezida Evariste Ndayishimiye, yavuze ko Uburundi bwononewe "n'abikumira canke abigira sindabibazwa".
Perezida Ndadaye amaze kwicwa, Abarundi barasubiranyemwo bapfa amoko, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi. Ariko wewe yakomeje gufatwa na bose nk'intwari kubera ivyiyumviro n'intumbero vyiwe.
Mu butumwa bwiwe, Prezida Ndayishimiye yavuze ko reta akuriye - yiyita "Reta mvyeyi-nkozi", iriko yubakira "ku mvyiyumviro vya Rwagasore, vyunganirwa n'ivy'iyumviro vya Ndadaye, vyose bigashirwa mu ngiro na Petero Nkurunziza".
Bwana Ndadaye yagandaguwe haciye iminsi 102 yimitswe, inyuma y'amatora ya mbere yo ku wa 01 ukwezi kwa gatandatu, aho yatsinze Perezida Petero Buyoya yari amaze imyaka itandatu atwara igihugu.
Igandagurwa rya Perezida Ndadaye ryatumye Abarundi basubiranamwo bapfa ubwoko, igihugu naco gica cinjira mu ntambara yamaze imyaka irenga cumi.
Urubanza rw'abamugandaguye rwaciwe umwaka uheze, Pierre Buyoya n'abandi bantu 15 bahoze ari aba-ofisiye bakuru mu ntwazangabo z'u Burundi baciriwe umunyororo wo guherayo, abandi batatu baciriwe imyaka 20 y'igipfungo naho umwe agirwa umwere.
Umuhisi Petero Buyoya akiriho urwo rubanza kenshi yavuze ko rufise imvo za politiki.
Mbega Ndadaye ni nde?
Melchior Ndadaye yavutse ku wa 28 z'ukwa gatatu 1953, muri komine Nyabihanga, ico gihe ikaba yari mu ntara ya Muramvya.
Igihe ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972 bwaduka, Ndadaye yahungiye mu Rwanda, ahereza amashure yisumbuye i Butare mu Rwanda mu 1975, ari naho yize kaminuza. Yagiye guhunguka mu 1983.
Mu 1988, yapfunzwe amezi abiri bivuye ku ciyumviro yari ashikirije ku vyerekeye indyane zari zihejeje kuba mu makomine ya Ntega na Marangaza z'intara za Kirundo na Ngozi.
Ndadaye ari mu banyepolitike bakuru batanguje umugambwe FRODEBU mu mpisho mu 1986.
Uyu mugambwe wagiye kwemerwa mu 1992 inyuma y'aho kamarampaka yo mu kwa gatatu 1992 yemeje ibwirizwashingiro ryemerera intwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu Burundi.
Yarongoye uwo mugambwe awushitsa ku matora y'umukuru w'igihugu yo ku wa 01 na 29 z'ukwa gatandatu 1993, wagiye gutsinda uri kumwe n'imigambwe, RPB, PP na PL.
Ndadaye, umukuru w'igihugu
Amatora yo mu 1993 yaranzwe n'amajambo yo gutyozanya hagati y'abahiganwa bari bahanganye mu myiyamamazo.
Gratien Rukindikiza, yari mu gisirikare c'u Burundi akaba yari arongoye ingabo zacungera ubuzima bwa Perezida Melchior Ndadaye, mu 2019 yaganiriye na BBC, avuga ko Ndadaye azwi uko atari ameze.
Ati: "Umwanya twamaranye, nasanze Ndadaye yari umuntu Abarundi batazi, kuko yari mu bantu bataboneka kenshi, bita aba 'Revolutionnaires', kuko ingene yiyumvira ibintu vyari bitandukanye n'ivyo bamwitirira".
Bwana Rukindikiza avuga ko Perezida Ndadaye yari amaze kugira intambwe iteye imbere ku bibazo nkoramutima vyari bihanze igihugu, harimwo ivy'amoko, iterambere n'imigenderanire n'ibindi bihugu.
Hariho abatari bake babona ko Perezida Ndadaye yagandaguwe kubero y'uko yari umuhutu, Rukindikiza abona ko abamugandaguye babikoze kuko yari afise intumbero bamwe batagomba.
Yagandaguwe amaze guhakwa kenshi
Igihe Perezida Ndadaye agandagurwa, Bwana Rukindikiza ntiyari bwatahuke ava mw'izinga rya Maurice aho yari yarungitswe gutegura urugendo rwiwe nk'umukuru w'igihugu muri ico gihugu.
Ndadaye yagandaguwe ku wa 21 z'ukw'icumi, inyuma y'incuro zitari nke z'ukugerageza kumugandagura ariko bikaburizwamwo.
Yatanguye guhakwa ataranimikwa, ibizwi cane bikaba ari ivyabaye mw'ijoro ryo kw'igenekerezo rya 02 buca ari irya 03 z'ukwezi kw'indwi 1993, hasigaye iminsi umunani ngo ashikirizwe amabanga.
Ndadaye yarashoboye kurusimba ku butwari bwa Bwana Rukindikiza nk'uko we nyene abisigura.
Kuri uyo munsi, Rukindikiza niwe yari kw'izamu ryategerezwa kurangiza isaha indwi z'ijoro. Ati: "Jewe nasa n'uwuryamye, niho baza baramvyura bambwira ko abasirikare badukikuje".
Avuga ko yaretse uwari arongoye ico gitero arinjira kugira bavugane maze amusigurire ivyo ari vyo, kuko ngo n'amatelefone bari bayaciye.
Ati: "Ndamubajije ivyabaye, yambwiye y'uko mu biro bikuru vya gisirikare bari bamaze gufata ingingo ko Ndadaye bamutora bakaja kumwica, ko rero noreka bakinjira bakamutora".
Avuga ko muri iryo joro yabakuriye inkoni ku gishitsi, arabahakanira ko ata Ndadaye bakorako akiri kw'izamu, ahubwo arabagabisha ko abarasa badakuye meza.
Ati: "Harabaye impari gushika n'aho n'umuntu yari ajejwe umutekano mu gisagara cose ca Bujumbura mu gisirikare ampamagara kuri walkie-talkie.
"Ambwira ko ntegerezwa kubareka ngo binjire, nawe nyene ndamuhakanira y'uko ntareka umuntu n'umwe ngo yinjire, mbere ko ngomba ntangure kubarasa".
Rukindikiza avuga ko ivyo yabigize mu kwihagararako kuko wewe avuga ko yari afise abasirikare 35 b'abajandarume, mu gihe abari bamuteye bangana incuro zitatu kandi bamwe bita abakomando.
Ati: "Jewe naciye ndamutera ubwoba, ndamubwira ko ubwo nyene tubarigita, nawe aca agira ubwoba, asubira muri camp Muha kurondera abamufasha (renfort)".
Avuga ko muri ako kanya yasigaye aratera ubwoba abasigaye aho, babanza baguma inyuma, ari naho yaciye aronka akanya gatoya ko kuja kuvyura Ndadaye kugira ngo amubwire ivyariko biraba, nawe akaba yamwishuye ko yizeye ubutwari bwiwe.
Rukindikiza avuga ko abo bari babateye bagize ubwoba barateba baragenda, bahura n'uwari abarongoye atwaye izindi ngabo zogufasha.
Bamubwiye ingene Rukindikiza yari yarakaye cane kandi ko yahatswe kubamara, "bose baca basubira inyuma, ivyo kwica Ndadaye bica bipfa uko".
Ndadaye amaze gushikirizwa amabanga, Rukindikiza avuga kandi ko yashoboye kuburizamwo umugambi wo kumurasa avuye mu rugendo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwezi kw'icenda.
Bamwishe uwamurinda adahari
Rukindikiza ati: "Igihe bamugandagura jewe siho nari ndi, numvise ko ntsinzwe, kuko nari nagiye napanze vyose kandi n'ibikoresho vyose biri aho, kandi napanze ingene haramutse habaye ibintu bashobora gukingira ibiraro kugira ntibajabuke, ariko ivyo vyose bikaba ata na kimwe bagize".
Avuga ko yanaronse amakuru y'ingene vyagenze, aho yamenye ko "mbere no muri bamwe mu bari bamucungereye basa n'abamuhemukiye, kuko harimwo bamwe mu ntwazangabo buriye uruzitiro bagasiga Ndadaye ku kirimba".
Ati: "Nabonye ari échec ikomeye kuri jewe, mbere nca mfata ingingo y'uko ata gisirikare c'u Burundi nzosubiramwo".
Kuki Ndadaye yagandaguwe?
Ico kibazo cokwishurwa n'ababikoze bo nyene.
Hagati aho, mu gihe Rukindikiza avuga ko abamugandaguye bamuhoye ko batabona ibintu kumwe, Sylvetre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w'igihugu akaba n'umwe mu bategetsi bakuru ba Frodebu abibona ukundi.
Ku bwiwe, umuzo wa demokarasi ntiwari wizwe neza kugira ngo Abarundi bose bayitegurire.
Mu 2019 Ntibantunganya yabwiye BBC ati: "Igandagurwa rya Ndadaye ryavuye k'uko ibintu biraba demokarasi mu gihugu bitari vyateguwe neza kugira ngo imitima yose y'Abarundi, na cane cane abari bafise ubutegetsi muri irya myaka, itegurwe neza.
"Yari ikeneye kumenya ico demokarasi ivuga, ico isaba, hanyuma kandi igende yigisha abantu kwemera amatora, ibiyavuyemwo bakavyemera ata guhigimanga".