Ubufaransa butegura ibihano ku 'bapima ubusugi'

Ahavuye isanamu, AFP
Leta y' u Bufaransa ifise umugambi wo gupfunga canke gutoza ihadabu abaganga batanga impapuro zitwa "icemezo c'ubusugi" (Certificat de virginite) ku bashaka kwubakana baciye mu madini.
Ni kimwe mu biri mu nteguro y'itegeko rigamije gukomeza imico ndangakaranga y'u Bufaransa be no kurwanya ico Perezida Emmanuel Macron yita "ukwikumira gushingiye kw'idini rya Isilamu".
Ariko ishirahamwe ryo mu Bufaransa ANCIC ritanga ubuhanuzi mu bijanye no gukoroza inda rivuga ko guhagarika "ibipimo vy'ubusugi" bisaba igikorwa gikomeye co kwigisha abantu.
Ishirahamwe ONU rivuga ko ibi bipimo bitegerezwa guhagarikwa.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Bufaransa avuga ko integuro y'iri tegeko - isanzwe itaraganirwako n'abanyapolitike b'u Bufaransa - isaba ko umuganga uwo ari we wese yoramuka atanze urupapuro rw'"icemezo c'ubusugi" yopfungwa umwaka wose, agatanga n'ihadabu y'ama euro 15.000.
Nk'uko bivugwa n'imboneshakure France 3 TV news, ibice hafi 30% vy'abaganga bo muri ico gihugu bavuga ko basabwe izi mpapuro kandi ko benshi muri bo bavyanse.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO rivuga ko uwu mugirwa wo gupima ukoresheje amaso canke intoki udashobora kwemeza neza nimba umugore canke umukobwa amaze gukora canke atarakora imibonano mpuzabitsina. OMS ivuga kandi ko ari ihonyangwa ry'agateka kiwe.
None uwu mugirwa ukorwa ku rugero rungana gute?
Umuhinga mu bijanye n'irondoka ku bagore, Muganga Ghada Hatem, yabwiye ikinyamakuru France Inter news ati "mu Bufaransa uwu mugirwa ntufata abagore benshi - babaye benshi ni nka batatu bansaba izi mpapuro mu mwaka wose".
"Akenshi abakobwa bava muri Maghreb - akarere ka Afrika y'uburaruko n'uburengero karwiriyemwo abasilamu - nibo basaba izi mpapuro".
Yabwiye France 3 TV ko abo aha izo mpapuro ari abagore n'abakobwa batinya ko bosinzikarizwa ubuzima n'abo mu muryango canke bakagirizwa ko batejeje urubwa umuryango.
Ati: "Iyo bavuze bati 'musazanje azonkubita, papa azoniga, izina ry'umuryango wanje rizocafuka mu muryango wo mu bukwe', nta mpamvu mfise zo kubahakanira".
ONU, Human Rights Watch n'ayandi mashirahamwe yemeza ko "Ibipimo vy'ubusugi" bikorwa mu bihugu bitari bike. Ntibikorwa ku mpamvu z'amadini gusa, ahubwo rimwe na rimwe bikorwa mu matohoza ajanye n'ivyo gufatwa ku nguvu canke mu gikorwa co kurondera abashobora kwinjira mu nzego z'umutekano.
Mu mwaka uheze, igisata c'icarabu muri BBC catangaje ko ibi bipimo vyari birwiriye muri Afrika y'Uburaruko no mu Burasirazuba bwo hagati, mu Buhindi, muri Afghanistani, muri Bangladesh no muri Afrika y'Epfo.
Itangazo ryasohowe na ONU mu kw'icumi 2018 risaba abarongoye ibihugu guhagarika ibi bipimo, ariko rigasaba ko haba amasezeka yo kwigisha abantu "no kurwanya imigirwa ijanye n'ubusugi hamwe n'iyindi mibi ikorwa mu ntumbero yo kugenzura imibereho mpuzabitsina n'imibiri y'abagore n'abakobwa".
Marlène Schiappa, umushikiranganji ajejwe ibibazo bijanye n'ubwenegihugu, avuga ko iyi nteguro y'itegeko - yitezwe gushikanwa mu nama nshingamateka mu kwa cumi na kabiri - yotegerezwa kandi kuba ifise ingingo ihana abasaba "ibipimo vy'ubusugi", nk'abavyeyi hamwe n'abaresha.
Abagore b'abasilamu barashobora kwirukanwa n'imiryango yabo hamwe n'ababanyi, mbere hari bamwe bishwe kubera bagize imibonano mpuzabitsina imbere y'ukurongorwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hari n'ayandi madini ategeka abagore n'abakobwa "ubwerentegerwa" imbere y'uko barongorwa.
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatanu w'indwi iheze, Perezida Macron yariyamirije ingendo y'ubutagondwa mu banyagihugu b'abasilamu bamwe bamwe mu Bufaransa , akavuga ko akarwi gato k'abasilamu b'Abafaransa baharurwa mu miliyoni zitandatu kari mu kaga ko kwisanga kashinze "umuryango utagengwa na leta".
Umupfasoni Schiappa avuga ko iri tegeko ryotegerejwe kubuza "impapuro zerekana imibereho idafitaniye isano n'ibijanye n'amagara y'umuntu", aha ni nk'icitwa "allergie au chlore certifiée", gikoreshwa cane cane mu gukumira abakobwa mu bikorwa vyo kwinonora imitsi hamwe no mu bibanza vyo kwoga.
Ishirahamwe ANCIC rivuga ko rishigikiye leta mu kwiyamiriza "ibipimo vy'ubusugi", ariko rikagabisha ko hamwe hamwe abagore bisanga mu ngorane zikomeye, rero ko "guhagarika vyonyene kwoba ari uguhakana ko ibikorwa nk'ibi bihari mu bantu ariko utabanje kubirwanya".
ANCIC iti: "Twibaza ko iki kibazo gitegerezwa gutorerwa umuti mu bundi buryo, kugira ngo abagore n'abagabo bumve ko bikuye mu migozi bakiyamiriza uburemere bw'iyi mico".
"Harakenewe inyigisho kugira ngo abantu bahanahane amakuru, baganire, babirwanirize hamwe bongere bafatwe mu mugongo".
Kurwanya umugenzo wo guharika
Mu mategeko asanzwe ari mu Bufaransa, abanyamahanga barashobora kutongererezwa uruhusha rwo kubandanya baba muri ico gihugu mu gihe basanzwe bubakanye n'abarenga umwe. Ariko umupfasoni Schiappa wewe yipfuza ko iri tegeko rishika kure, rigatanga uburenganzira bwo kwirukana abarongoye abagore benshi.
Avuga kandi ko n'amategeko akingira abantu kurongora canke kurongorwa ku nguvu akwiye gukomezwa gusumba. Iyi nteguro y'itegeko itegekanya kandi ko umuntu uwo ari we wese ashobora kumenyesha ubutegetsi iyo hari amakenga ko hagati y'abubakanye hari umwe muri bo yabikoze ku gahato.
Ubutegetsi rero bushobora kubaza umwe umwe, hanyuma habonetse amakenga ko hari umwe muri bo ashobora kuba yubakanye n'uwundi ku nguvu, ikibazo gishobora gushirwa mu bucamanza.










