Donald Trump arahakana ibirego bishasha vyo gushaka gufata abagore ku nguvu

Ababuranira Perezida Trump barahakana ivyo yagirizwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ababuranira Perezida Trump barahakana ivyo yagirizwa

Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika arahakana ibimuvugwako y'uko yashatse gufata ku nguvu uwahoze ari umunyamideli i New York mu 1997.

Amy Dorris yabwiye ikinyamakuru Guardian co mu Bwongereza ko Bwana Turmp yamukuyakuye ku bihimba bitandukanye vy'umubiri maze amusoma ku nguvu mu gihe yari avuye mu bwogero, hari mu gihe c'ihiganwa US Open rya tennis.

Ababuranira Perezida Trump barahakana aya makuru, bakavuga ko ari "ugushaka kumuteza urubwa" imbere y'amatora.

Abagore benshi bagiye bagiriza Bwana Trump ko yagerageje kubasambanya ku nguvu.

Perezida Trump yamye ahakana ivyo yagirizwa vyose.

Umupfasoni Dorris, yari afise imyaka 24 igihe ivyo vyaba, avuga ko yarriko ararorera inkino ari kumwe n'umukunzi wiwe ico gihe, Jason Binn, mu cumba c'abashitsi b'iteka mu nzu ya Trump.

Avuga ko yinjiye mu bwogero maze Bwana Trump nawe aca amurindirira hanze.

Yabwiye The Guardian ati: "Yankubise ururimi mu muhogo nca ndamusunura. Ubwo nyene aca arancakira, arangumya neza n'inguvu nyinshi cane, aho nyene amaboko yiwe ari mu bisusu, mu mabere, mu mugongo, eka hose".

"Yari yanyifatiye neza ku buryo ntashobora kumwikura".

Avuga ko yasavye Bwana Trump kumureka, ariko ko ataco vyamubwira.

Umupfasoni Dorris avuga ko yafashe ingingo yo kuvuga ivyamubayeko kugira ngo bibere icigwa abakobwa biwe babiri b'imiyabaga.

Avuga ko yashatse kubivuga mu 2016, ariko aratinyirira umuryango wiwe.

Jenna Ellis, umuhanuzi wa Trump mu vy'amategeko mu myiyamamazo, yabwiye ikiyamakuru co muri Amerika ko "ivyo birego ari ibinyoma vyeruye".

Avuga ati: "Tuzokoresha inzira zose zemewe n'amategeko kugira ngo The Guardian yishure kuri iyi nkuru idafise ishingiro".

Bavugana na The Guardian, ababuranira Bwana Trump bavuga ko hategerezwa kuba harabonetse ibindi vyabona kuri ico gitero cakozwe kuri uyo mugore, bakabona ko iki kirego gishobora kuba gifise imvo za politike na rirya himirije amatora mu kwa cumi na rimwe.

Abamuburanira bavuga kandi ko Bwana Binn (yari umukunzi wa Dorris) yababwiye ko atibuka nimba umupfasoni Dorris hari ivyo yoba yaramubwiye vy'uko Bwana Trump yamukoreye ibiterasoni.

Sibwo bwa mbere Perezida Trump yagirizwa ivyo kugerageza gufata ku nguvu.

Mu matora yo mu 2016, Bwana Trump yarahuye n'indiri y'ibirego vyo gushaka gufata ku nguvu, ivyatumye abantu batangura kwibaza ibibazo vyinshi ku nyifato yiwe ku bagore.

Abenshi mu bamwagiriza batanguye kwibonekeza igihe habonekeye ireresi ya Bwana Trump ariko avuga ko abantu b'ibihangange nkawe bashobora "gukora ico ari co cose" ku bagore.

Umwe muri bo yari umunyamakuru Jean E Carroll yagirije Bwana Trump ko yamukubaguriye mu mangazini imwe mu mpera za 1995 canke mu ntango za 1996.

Avuga ko Bwana Trump yamufashe akamwegeka ku rukuta maze akamwinjiramwo.

Bwana Trump yagirije umupfasoni Caroll "ibinyoma vyeruye" mu kumwagiriza ico caha.