Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iran isabwa kuriha indishi y'umuliyaridi w'amadolari ku muryango w'umunyamerika yazimiye
Umucamanza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yategetse Irani kuriha umuliyaridi 1.45 w'amadolari umuryango w'uwahoze ari umukozi w'ikigo kijejwe igendereza muri Amerika, FBI, yazimiye mu gihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu 2007.
Ingingo ya sentare yategetse ko umugore n'abana ba Robert Levinson bahabwa imiliyaridi 1.35 y'amadolari azorihwa nk'amande, hamwe n'imiliyoni 107 z'amadolari azorihwa nk'indishi y'akababaro kubera uwabo yanyurujwe.
Leta ya Irani ntaco yashotse ishikiriza, ikaba isanzwe ivuga ko itazi ivy'uyo muntu, uwo yari we canke aho yashikiye.
Abategetsi ba Amerika hamwe n'umuryango wa Levinson bemeza ko yapfiriye mu gasho ka Irani.
Mw'itangazo basoboye, bavuga ko iyi ngingo y'umucamanza Timothy Kelly wa sentare y'akarere i Washington ari "intambwe ya mbere mu rugamba rwo kurondera ubutungane".
Bongerako bati: "Gushika ubu, Irani ntirigera ibona ingaruka z'ivyo yakoze".
"Ingingo y'umucamanza Kelly ntizogarukana Bob [Robert mu yindi mvugo] muhira, ariko twizeye ko bizoha icigwa Irani ntisubire kurondera kunyuruza abandi bantu".
Bwana Levinson yazimiye igihe yari mu rugendo mw'izinga ryegukira Irani rya Kish mu kigobe c'Abarabu mu kwa gatatu mu 2007.
Leta ya Amerika ivuga ko Bwana Levinson yari asanzwe akora amatohoza nk'uwigenga akorera amakompanyi atari make akomeye.
Hagati aho, ibinyamakuru vya Amerika bivuga ko yari mu gikorwa ca CIA kitari cemewe, kandi ko igihe yari mw'izinga rya Kish yabonanye n'Umunyamerika Dawud Salahuddin yari mu buhungiro.
Uyu avuga ko Bwana Levinson yamubwiye ko yariko akora amatohoza ku rudandaza rw'itabi mu buryo bwa magendo mu kigobe, kandi ko bahejeje kubonana baciye bahagarikwa n'abajejwe umutekano ba Irani.
Mu 2011, umuryango wa Levinson warungikiwe amasanamu amwerekana yambaye isarubeti y'umuhondo. Umunyamabanga wa leta w'ico gihe, Hillary Clinton, yavuze ko yibaza ko yari apfungiwe "ahantu mu bumanuko bushira uburengero bwa Aziya".
Umugore wa Levinson, Christine, yabwiye umurwi w'abashingamateka ba Amerika mu kwa gatatu mu 2019 ko ikibazo ciwe "bacihojeje, kitakiri mu vyihutirwa mbere ko gisa n'icibagiwe" n'ubutegetsi bwa Amerika bwagiye bukurikirana.
Mu ntango z'uno mwaka, umukuru wa FBI, Christopher Wray, yabwiye umuryango wa Levinson ko amakuru bari bamaze imyaka 13 yose begeranya yerekana ko Bob ashobora kuba yapfiriye mw'ibohero. Ariko yongeyeko y'uko FBI yari ikibandanya kurondera kumenya ivyari vyabaye.
Ico gihe, Irani yashimangiye ivyo yari yashikirije mbere kuri iki kibazo, aho yavuga ko yabandanije irondera amakuru kuri Levinson "ariko ko ata gakuru k'uko yoba yari akiri muzima".
Mu ngingo yiwe, umucamanza Kelly yavuze ati: "Inyifato ya Irani muri ibi bintu ....ntisanzwe, kuko, mu buryo butangaje - yarafashe uwahoze ari umukozi wa FBI be n'ikigo kijejwe kurwanya ibiyovyabwenge, iramunyuruza, imuboreza igufa, iranamupfunga muri kino kiringo cose c'imyaka 13, kandi gushika kuri ino tariki ikaba itemera icaha".
Ati: "Hanyuma umugore wiwe n'abana biwe, abacance babo n'abana babo - baguma biyumvira ivyashikiye Levinson - bikaba vyabaye ngombwa ko babandanya n'ubuzima batazi neza ivyamubayeko. N'ukuri ibi ni ibikorwa bibi bikwiye kwiyamirizwa bikomeye".