Nigeria: Abakozi b’ihoteri bambuwe impuzu bagirizwa ubusuma amafoto akwiragizwa ku mbuga hwaniro

Ishirahamwe ry'abanyamategeko baharanira agateka ka zina muntu mu karere ka Warri mu bumanuko bwa Nijeriya, ririko rirasabira indishi y'akababaro abakozi bane bavugwa ko bambuwe impuzu n'umukoresha wabo.

Bagirizwa ko bivye amahera, ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko barezwe na bamwe mu ngenzi zari muri iyo hoteri.

Aba bantu bane, abagore batatu n'umugabo umwe, bavuga ko bategetswe kwambura impuzu bambaye bagasigara mu macupi imbere y'abantu.

Amasanamu n'amareresi yerekana abo bantu bari gusa yakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro.

Aba banyamategeko bandikiye nyene ihoteri - uyu nawe akaba yahoze ari umushikiranganji muri leta ya Nijeriya - bamugabisha ko bashobora kumwitwarira ku caha co gutesha ibanga no kumaramaza abakiriya babo.

Basaba ko barihwa indishi y'akababaro kandi akabasaba imbabazi ku mugaragaro.

Abakorewe iki caha bavuga ko aya masanamu n'amareresi vyakwiragijwe ku mbuga hwaniro mu numbero yo kubamaramaza.