Igisirikare ca Tanzania kirahakana kugira uruhara mu ntambara ya Mozambique

Mocimboa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hagize iminsi hari intambara hagati y'ingabo za leta n'umurwi wa Islamic State mu buraruko bwa Mozambique

Igisirikare ca Tanzania camirira kure amakuru avugwa ko coba gifise uruhara mu ntambara zibera mu gihugu kibanyi ca Mozambike.

Avugana na BBC kuri telephone, umuvugizi w'igisirikare ca Tanzania Liyetena koloneli Juma Sipe avuga ko ayo makuru ari ibihuha bitagira ifatiro.

Ni inyuma y'aho umuhari wiyita Leta ya Isilamu (Islamic State/Etat Islamique) uvugiye ko wishe abasirikare 20 ba Tanzania mu gitero wakoze mu buraruko bwa Mozambike.

Mu makuru yatangajwe n'uyo muhari ku wa 05 z'uku kwezi kw'icenda, uvuga ko wasubije inyuma igitero cari gikozwe n'abasirikare ba Mozambike bafatanije na bagenzi babo ba Tanzania hafi y'akarere ka Mocimboa da Pria kari mu ntara ya Cabo Delgado.

Etat Islamique ivuga ko abarwanyi bayo banakomerekeje abasirikare ba Tanzania igihe batana mu mitwe muri ako karere, kandi ko banashoboye no kubaka ibirwanisho bitari bike n'imodoka zine z'intambara.

Yishura ku bivugwa n'uyu muhari, Liyetena koloneli Juma Sipe avuga ko gushika ubu ata musirikare wa Tanzania arigera ajabuka urubibe no kwinjira muri Mozambike.

Bwana Sipe ati: "Igisirikare ca Tanzania kirababajwe cane n'ayo makuru, kandi ni amajambo tutari twiteze namba kuko Tanzania nta basirikare bayo bajabutse urubibe ngo binjire muri Mozambike".

"Gushika ubu turacari ku birindiro vyacu ata sano na ritoya bifitaniye n'ibikorwa vya gisirikare ivyo ari vyo vyose muri Mozambike".

Bwana Sipe amenyesha ko igisirikare ca Tanzania ata masezerano ayo ari yo yose ya gisirikare gifitaniye n'ico gihugu, ashimangira ko ata musirikare n'umwe wa Tanzania ari muri Mozambike.

Bwana Sipe avuga ko ibivugwa n'umuhari Etat Islamique bifise intumbero yo kwiyamamaza kugira ngo abantu bumve ko ari umuhari ukomeye.

Kw'igenekerezo rya 12 z'ukwa munani 2020, Mozambike yatangaje ko abasirikare bayo bari mu ntambara yo kwigarurira ikivuko cayo gikomeye ca Mocimboa da Praia, inyuma y'amakuru yavuga ko ico kivuko cari cigaruriwe n'abarwanyi ba Etat Islamique,

Iki gisagara kiri hafi y'icukuriro ry'imyuka kama (gaz naturel) ivugwa ko ifise agaciro k'imiliyaridi 60 z'amadolari.

None ibintu bimeze gute muri Mozambike?

Igisirikare ca Mozambike catangaje ko cafashe ingingo yo guhangana n'uyu murwi ugize iminsi ufata abanyagihugu nk'ingwati.

Mozambike

Umumenyeshamakuru wa BBC Andrew Harding avuga ko ifatwa ry'ico kivuko ari uruhombo runini ku gisirikare ca Mozambike gisanzwe kiri mu gihe kitoroshe co kurwanya imirwi y'inyeshamba muri iyo ntara ya Cabo Delgado yimbukamwo igitoro.

Mu mezi make aheze, imirwi y'inyeshamba - ifitaniye isano n'umuhari Etat Islamique - yagiye yirifatira ibisagara bimwe bimwe vyo mu buraruko, ivyatumye abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bata izabo.

Amwe mu makompanyi akomeye adandaza igitoro kw'isi ariko asaba ko umutekano wongerezwa gusumba mu gihe ariko yitegurira gucukura igitoro mu mariba ari ku nkengera za Mozambike.

Vyongeye kandi, leta ya Mozambike yarasavye imfashanyo mpuzamakungu mu vyo umutekano, ariko gushika ubu ikaba isa n'uko idashaka gutabaza ibihugu bibanyi kugira ngo biyifate mu mugongo mu buryo bwa gisirikare.