Uganda: leta itangaza ko abanyororo 153 banduye Coronavirus

Uganda imenyesha ko mu minsi umunani gusa hamaze kwandura abantu barenga 400.
Insiguro y'isanamu, Uganda imenyesha ko mu minsi umunani gusa hamaze kwandura abantu barenga 400.

Abanyororo 153 n'umucungabohero mw'ibohero ryo mu karere ka Amuru mu buraruko bwa Uganda baranduye umugera wa coronavirus.

Aha ni mu gihe igihugu gihanzwe n'irwirirana ry'abandura, aho mu minsi umunani gusa hamaze kwandura abantu barenga 400.

Benshi muri abo bapfungwa 153 banduye umugera wa coronavirus bari batawe muri yompi bazira ivyaha bitandukanye ku mupaka wa Elegu i Amuru - akarere gahana urubibe na Sudani y'Ubumanuko.

Bose bari bafungiwe mw'ibohero aho abapfungwa bashasha bashirwa mu kurindira ko bajanwa mw'ibohero rikuru.

Uganda yatangaje umuntu wa mbere yanduye Covid-19 mu kwa gatatu, maze itangaza ingingo zitari nke mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira ry'iki kiza.

Zimwe muri izi ngingo harimwo izerekeye amabohero, aho ata muntu yemerewe kuja kuraba uwiwe.

Mu mpera z'indwi iheze, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwatangaje ko bwatanguye gupima abapfungwa bose inyuma y'uko umwe muri bo yerekanye ibimenyetso vy'uwu mugera.

Iki nico gitigiri ca mbere kinini c'abanduye coronavirus kitari bwigere kiboneka mw'ibohero na rimwe muri ico gihugu.

Umuvugizi w'igisata kijejwe amabohero muri Uganda, Frank Baine, avuga ko basavye leta gupima abapfungwa bose ibihumbi 61 hamwe n'abacugereye amabohero mu gihugu cose kugira ngo bamenye abanduye.

Amabohero yo muri Uganda asanzwe afise abakozi bake mu gihe afise ibitigiri birenze incuro zitatu ku bo yari agenewe kwakira.

Kuva mu kwa gatatu igihe ico gihugu gifata ingingo yo guhagarika ibikorwa kubera uwu mugera, nta muntu yemerewe kuja kuraba uwiwe mw'ibohero kandi n'abapfungwa ntibarengutswa muri sentare.

Mu kwa gatanu, leta yaratangura gutezura ingingo yari yafashe mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira ry'uwu mugera.

Iyi ngingo yatumye ibitigiri vy'abandura bisubira kuduga, aho ubu abamaze kwandura barenga 2200, hamwe na 20 bamaze guhitanwa n'uwu mugera.