Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania: Mkapa yaranditse ati ‘Gushika ubu ndababara cane iyo ndavyibutse’
Mu buzima bw'ubukene ku mutumba wa Lupaso, umuryango wa nyakwigendera Benjamin Mkapa waboneka ko wari umuryango wifashe.
Ubudasa buri hagati y'umuryango wiwe na benshi kuri uwo mutumba bwavuye ku mushahara yaronka uko ukwezi gutashe.
Ibi ntivyashimisha benshi kandi bituma abantu babagirira ishari ryatumye umuryango wabo uhakwa kugandagurwa.
Iki ni kimwe mu bigize ubuzima bw'umuhisi Benjamin William Mkapa, umukuru w'igihugu agira gatatu wa Tanzaniya, nk'uko wenyene ubwiwe yavyanditse mu gitabo ciwe kivuga ubuzima bwiwe yasohoye mu kwa 12 mu 2019.
Umutama Mkapa yitavye Imana mw'ijoro ryo ku wa gatanu, akaba ariko arashingurwa uno munsi ku wa gatatu ku mutumba wa Lupaso yavukiyemwo mu bumanuko bwa Tanzaniya.
Se wiwe, William Matwani, yari Umukatekista mw'isengero rya Katolika kuri uwo mutumba mbere akaba yari n'umwigisha.
Vyumvikana ko yari afise umushahara uko ukwezi gutashe, n'aho wari muto, ariko ntivyari ibintu bisanzwe mu gihe c'ubukoloni.
Mkapa agira ati: "Ikindi kidasanzwe ni uko twese abana bane bo mu muryango wacu, harimwo na mushikanje, twari twarize.
"Ibi bivuga ko kazoza kacu kari keza, ariko kandi ivyo bikaba vyadutandukanije n'abandi kuri uwo mutumba wacu".
'Kwagirizwa kubuza imvura kugwa'
Umuhisi Mkapa avuga ko igihe yari afise imyaka igera ku munani canke icenda, hageze igihe imvura igatara bikomeye kuri uwo mutumba bituma benshi bicwa n'inzara.
N'aho kuri uwo mutumba hari abakristu n'aba isilamu bake, benshi mu banyagihugu baremera ibintazi kandi bakizera ko hari umurozi yabuza imvura kugwa.
"Umupfumu yaciye atangura kurondera inzu y'umurozi, maze ageze ku nzu ya nyokuru na nyogokuru aca arahagarara ati ni aba".
"Isinzi rinini ry'abantu baturutse mu mihingo myinshi badukozeko uruhigi, bafata ba nyokuru banje na mama barabakubagura, babakurura hasi, barabakubita eka baraborezwa igufa, babategeka kwemera ku nguvu ko ari abarozi kandi ko ari bo bari babujije imvura kugwa".
Ibi vyabaye igihe se wa Mkapa yari ku rugendo rw'akazi, inarume Benjamin nawe akaba yari yagiye kurondera akazi mu mirima y'ikatanyi mu ntara ya Lindi.
Mutama Mkapa na mwenewabo Bernard w'imyaka 12 baragerageje guhangana n'ico gitero ariko biba ivy'ubusa.
Mkapa abisobanura agira ati: "Ndibuka ingene mwenewacu yagerageje kurwanako mama na ba nyokuru, ahangana n'ako karwi kari kaduteye ariko kubera yari muto bamusunuriye nka hariha".
"Ni ibintu vyatubabaje twese, gushika uno munsi ndababara cane iyo ndavyibutse ... Sinzigera nibagira ivyatubayeko".
Imvururu zarabandanije gushika igihe umupatiri w'umuzungu yatinyutse akaza gutabara abo bagore batatu akabakura mu vyara vy'abariko barabatoteza.
Bamwe mu bagize uruhara mu vyabaye barafashwe barafungwa kuva ku mezi 18 kugeza ku myaka ibiri igihe uwari arongoye akarere amenyesherejwe ivyabaye, maze abanyagihugu babona gutekereza.
Inakuru wa Mkapa yapfuye haciye akanya gato ivyo bibaye.
"Haciye igihe gito, inzankano hagati y'ababa kuri uwo mutumba zirahera, ariko kandi ivyabaye ntivyatubujije kubandanya dukunda ababanyi bacu.
"Twagumye tuba kuri uwo mutumba. Dawe yakurikije ivyanditswe bivuga ko utegerezwa gukunda mugenzawe".
'Izina kama rya nyina wiwe'
Mu gitabo ciwe avuga kandi ko izina ry'umuryango wiwe, Mkapa, atari irya se wiwe, ko ahubwo ari irya nyina wiwe, Stephania.
Mkapa akomoka mu bwoko bw'aba Makua, aho umwana yitirirwa nyina, kandi agahabwa izina ryo mu muryango wa nyina aho guhabwa iryo mu muryango wa se wiwe.
Ubu bwoko buherereye ku rubibe hagati ya Tanzaniya na Mozambike, Mkapa akavuga ko sekuruza wiwe yajabutse uruzi rwa Ruvuma avuye ku ruhande rwa Mozambike akinjira muri Tanzaniya y'ubu aharondera itongo ryiza ryo kurima.