Burundi: Pascal Nyabenda yashobora kuba umukuru w'igihugu yabuze intebe y'ubukenguzamateka

Pascal Nyabenda

Ahavuye isanamu, @NSHINGAMATEKA

Insiguro y'isanamu, Bwana Nyabenda ni we yari uwa mbere ku rutonde rwa CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza, intara yigeze no kubera Buramatari.

Pascal Nyabenda yari umukuru w'inama nshingamateka iheruka ntiyashoboye gutorwa mu kibanza c'umukenguzamateka mu ntara ya Bubanza avukamwo yari yitojemwo.

Amakuru atangazwa n'urunani rw'amaradiyo mu Burundi yishize hamwe kugira ngo ashikirize ikibiriraho ingene ayo matora ariko aragenda, avuga ko mu kibanza ciwe abatoye bahisemwo umuhutu wo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi CNDD-FDD.

Uyu munsi kuwa mbere mu gihugu hariko haba amatora y'abakenguzamateka, batorwa n'abajenama b'amakomine baherutse gutorwa mu ntara bakoraniye hamwe kugira ngo babatore.

Muri Bubanza ku bajenama 109 batoye, Bwana Nyabenda yaronse amajwi 26, mu gihe uwo bahiganwa wo mu mugambwe CNL yaronse amajwi 81/109.

Muri ayo matora, hitezwe gutorwa abakenguzamateka babiri babiri, umuhutu n'umututsi, baserukira intara imwe imwe.

Abazoba bagize inama nkenguzamateka bakazoba ari 39, ni ukuvuga 36 baserukira intara batowe mu migambwe canke abigenga, hamwe n'abatwa batatu bazogenwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi.

Mu matora aheruka, umugambwe CNDD-FDD niwo ufise abajenama benshi mu ntara zose kiretse mu gisagara ca Bujumbura.

Kudatora Nyabenda bisiguye iki?

Nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwashingiro, Bwana Nyabenda yashobora kuba umukuru w'igihugu mfatakibanza mu kwezi gushize inyuma y'urupfu rw'igiturumbuka rwa Petero Nkurunziza yahoze atwara u Burundi.

Habaye aha sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro kwemeza ko Gen Maj Evariste Ndayishimiye aja ku butegetsi imbere y'uko itariki ya 20/08/2020 yari itegekanyijwe igera.

Mu ntara ya Bubanza, biboneka ko abatowe mu mugambwe CNDD-FDD benshi bashimye gutora Daniel Bashemeza wo mu mugambwe CNL, maze ku ruhande rw'abatutsi bagahitamwo Jacqueline Nzigamiye, wo muri CNDD-FDD.

Amatora y'abakenguzamateka

Ahavuye isanamu, Burundi Security

Insiguro y'isanamu, Buri ntara izoserukirwa n'abakenguzamateka babiri bo mu moko y'abahutu n'abatutsi, abandi batatu bazoba ari abatwa bazogenwa na CENI

Bwana Nyabenda yahora ari umukuru w'inama nshingamateka iherutse kurangiza ikiringo cayo yari yashimye kwitoza ku giti c'umukenguzamateka, kandi niwe yari we yari uwa mbere ku rutonde rwa CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza yigeze no kubera Buramatari.

Kuba atatowe vyerekana ko bishoboka ko mu ntara yiwe eka no mu mugambwe wiwe ashobora kuba atakizigiwe.

Bwana Nyabenda mu 2012 yatorewe kurongora umugambwe CNDD-FDD, amabanga yaranguye gushika mu 2016 asubirirwa na Evariste Ndayishimiye.