Burundi-Amatora y'abakenguzamateka: CNL ivuga ko abantu bayo babandanya batotezwa

Terence Manirambona avuga ko ingoro ya CNL mu Rugari, Muyinga yononywe ubugira kabiri mw'ijoro ryo ku wa 4/11/2019 hamwe na 14/7/2020

Ahavuye isanamu, CNL

Insiguro y'isanamu, Terence Manirambona avuga ko ingoro ya CNL mu Rugari, Muyinga yononywe ubugira kabiri mw'ijoro ryo ku wa 4/11/2019 hamwe na 14/7/2020

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi mu Burundi uvuga ko ibikorwa vy'iterabwoba bibandanya ku banywanyi babo, ingoro zawo nazo zikabandanya zisamburwa.

Kubw'abarongoye uyo mugambwe, ivyo bikorwa vy'iterabwoba n'ubwononyi bifise intumbero za politike mu gihe kuri uyu wa 20/07/2020 buca haba amatora y'abakenguzamateka.

BBC yagerageje kuvugana numuvugizi w'igipolisi ariko ntibirashoboka gushika ubu.

hagati aho, umuvugizi w'umugambwe uri ku butegetsi usaba umugambwe CNL kwitura inzego kugira ngo ushikirize ibibazo vyawo.

Umugambwe CNL uza ubugira kabiri mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu, abadhingamateka n'abahanuzi b'amakomine yabaye ku wa 20/05/2020, uyu mugambwe ukavuga ko utemera ivyatangajwe n'umurwi CENI.

Umuvugizi w'uyo mugambwe, Terence Manirambona, yabwiye BBC ko ibiriko biraba ubu bidatandukanye n'ivyabaye mu matora, aho avuga ko abantu babo bahohotewe, bagapfungwa barementanirijwe.

Avuga ko kuva inyuma y'amatora , abanywanyi bawo babandanya batotezwa, bagahagarikwa bagapfungwa ataco bazira, amazu yabo aturirwa, ingoro zawo nazo zigasamburwa.

Avuga ko gushika ubu, ingoro zishika zitanu mu gihugu zimaze kubomorwa mu ntara za Gitega, Rumonge na Muyinga kuva inyuma y'amatora yo ku wa 20/05/2020.

Ati: "Muri kino gihe hasigaye iminsi ibiri kugira ngo habe amatora y'abakenguzamateka, abatowe ku rwego rw'abahanuzi b'amakomine, ari nabo bazotora abakenguzamateka, bariko barirukwako, cane cane mu burere umugambwe CNL aho bigaragara ko ushobora kugira ijambo".

Atanga akarorero ko muri komine Kayanza y'intara ya Kayanza aho avuga ko hamaze gupfungwa babiri, hamwe no mu gusagara ca Bujumbura avuga ko "babaterefona babategeka ingene bategerezwa gutora".

Avuga ko ejo ku wa gatandatu "hari umukenyezi bagiye kurondera, bamubuze baca banyuruza umwana wiwe yagiye gutorwa mu nyuma mu ruzi Kivoga ari ikururuma".

Avuga ko abariko bakora ivyo bakoreshwa amanomero atazwi, ariko ko "hari n'ababaterefona bakababwira ko ari abo mu mugambwe uri ku butegetsi, bakabwira ko batabatoye bazokwibonerako".

Ingoro ya CNL yo ku mutumba Buringa, komine Muhuta y'intara ya Rumonge yabomowe mw'ijoro ryo ku wa 16/07/2020

Ahavuye isanamu, CNL

Insiguro y'isanamu, Ingoro ya CNL yo ku mutumba Buringa, komine Muhuta y'intara ya Rumonge yabomowe mw'ijoro ryo ku wa 16/07/2020 nk'uk bivugwa na Manirambona

Umuvugizi wa CNL avuga ko gushika ubu abanywanyi babo barenga 200 bagipfunzwe, benshi bugururijwe urubanza ariko ata vyagiriji bihari.

Mu gihe c'amatora, harabaye uguterana amajambo hagati y'abategetsi hamwe n'abajejwe umutekano ku ruhande rumwe, n'umugambwe CNL ku rundi ruhande.

Ubutegetsi bwaragirije abanywanyi b'umugambwe CNL ko bashatse guhungabanya ibikorwa vy'imyiyamamazo n'amatora, ivyo uyo mugambwe wamiriye.

Nancy Ninette Mutoni yabwiye BBC ko ivyo atavyo bazi, kandi ko iyo habaye ingorane vyiza ari uko bokwitura inzego zibijejwe.

Ati: "Mu ndwi iheze twari kumwe mu nama i Ngozi, ivyo bibazo ntavyo bashikirije, rero nimba vyabaye inyuma y'iyo nama, barazi inzira bategerezwa kubicishamwo".

Hagati aho, CNL yoyo ibona ko ari uruhendo kuko kuko kuri yo imvugo ishikirizwa n'abarongoye umugambwe uri ku butegetsi ntijana n'ingiro ku rubugua.

Ku munsi wa mbere, niho abatowe ku rwego rw'abajenama b'amakomine bazokorana kugira ngo bazotore abakenguzamateka.