Somalia: ikibombe cahitanye n’imiburiburi abantu batandatu

Mu gisagara ca Mogadishu ibitero vy'abihevyi bimaze amezi atari make.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu gisagara ca Mogadishu ibitero vy'abihevyi bimaze amezi atari make

Abantu n'imiburiburi batandatu nibo bavugwa ko baguye mu kibombe caturikiye mu nzu y'uburiro mu gisagara ca Baidoa kiri mu bumanuko bwa Somalia.

Amakuru avugwa ko abo bose bapfiriye muri iyo nzu y'uburiro i Baidoa bari abasivire bariko barafungura igihe ico kibombe caturika.

Hari n'abantu bataramenyekana igitigiri bakomeretse.

Muri ako kanya nyene hari ikindi gitero cabaye ku mugwa mukuru Mogadishu, igipolisi kivuga ko carashe umwihevyi yashaka gutera ikirindiro c'igipolisi kiri imbere y'ikivuko c'ico gisagara, amakuru akavuga ko abashika indwi aribo bakomeretse.

Igipolisi cabwiye BBC ko abapolisi buguruye umucanwa ku modoka yari yanse guhagarara. Uyo mwihevyi yariko anyonga iyo modoka avugwa ko yagerageje gutera ikirindiro c'abapolisi imbere y'ikivuko, ariko abapolisi baramurashe maze iyo modoka ica iraturika.

Umwe mu bari aho yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: " Hari ibirombora vyatuguyeko mu gihe twari hagati mu kivuko, mu nyuma tuza twumva amasasu".

Abapolisi babiri n'abanyagihugu basanzwe bariko barirenganira nibo bakomeretse.

Mu gisagara ca Mogadishu ibitero vy'abihevyi bimaze amezi atari make.

Nta murwi wiyitiriye ico gitero, ariko umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu Al Shabaab ufitaniye isano n'umurwi Al-Qaeda niwo umenyereye ukora ibitero nk'ivyo, barwanya leta ishigikiwe n'ingabo mpuzamakungu.