République tchèque: Abantu ibihumbi bakoze ibirori vyo gusezera coronavirus

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS muri ino ndwi ryagabishije ko ikiza ca coronavirus kitariko kirahera ubu bwa vuba, mu gihugu ca Repubulika ya tchèque hoho bari mu minsi mikuru yo kugisezera.
Abantu baharurwa mu bihumbi bakoraniye ku meza ipima uburebure bwa metero 500 ku kiraro Charles Bridge kiri ku mugwa mukuru Prague ku wa kabiri banywa bongera bafungura ivyo baje bitekereye.
Abari batumiwe muri ico kirori basabwa gusangira n'abo begeranye kandi na ya ngingo yo gutandukana ntibayikurikije, ivyo ababa mu bihugu bikigendera kuri ya ngingo ya guma mu rugo babona nk'umugani.
Muri ico gihugu kirimwo abantu bangana n'imiliyoni cumi, abashika hafi 12,000 ni bo banduye iyo ndwara, abashika 350 nabo irabahitana.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwateguye ivyo birori yavuze ko vyashobotse kubera ata bakerarugendo bakiri muri ico gisagara kizwi ko kiri mu bisagara biteye igomwe.
Amasanamu yava muri ivyo birori yerekana abari muri vyo bicaye hamwe, banywa bongera barorera abariko bakora ibikino.

Ahavuye isanamu, EPA
Ondrej Kobza, asanzwe afise inzu y'uburiro akaba ari nawe yateguye ivyo birori, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati:
"Twashatse kwigina ko coronavirus yaranduranywe n'imizi mu gutumira abantu kugira ngo basubire baramukanye kandi berekane ko badatinya kuramukanya, ko batanatinya no gusangira umukate n'abagenzi".
Ibibanza vyari vyateguwe vyose vyari vyuzuye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Repubulika ya tchèque yihutiye gufata ingingo za guma mu rugo hakiri kare ikaba yarashoboye kugabanya ubukari bw'ico kiza kitarasasika inganda.
Mu ndwi iheze, leta yararekuye amakoraniro y'abantu bashika 1,000.
Ibibanza vy'ubwogero, amazu ndangakaranga, ibibanza vy'iyororero ry'ibikoko n'amazu y'amakoraniro ubu arashobora kwugururwa akakira abantu bose bashoboka.

Ahavuye isanamu, EPA
Amazu y'uburiro n'ay'ubunywero arashobora kwakira abakiriya mu kiringo c'ukwezi.
Ikiboneka ni uko abanyagihugu b'Aba-tchèque bashoboye guhangana n'ico kiza kubera ububangutsi mu gufata ingingo ruhasha.
Hagati aho, nivyo ko gutezura ingingo za guma mu rugo kutatumye ibitigiri vyiyongera; ariko hariho mu burere bwa kure cane uvuye ku mugwa mukuru Prague hakiboneka abandura, mu gihe muri ico gisagara hibonekeza abatarenga 15 gusa bandura ku munsi.










