Burundi: Abantu 40 bashasha banduye coronavirus

Ibitigiri vy'abandura umugera wa coronavirus mu Burundi bibandanya vyiyongera, ni inyuma y'aho ejo ku wa gatandatu leta itangarije ko abandi bantu 40 banduye uwo mugera.
Mw'itangazo ryaraye risohowe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, abo barwayi bashasha bari mu bantu 531 bapimwe bose hamwe.
Gushika ubu mu Burundi, abamaze kwandura uwo mugera ruhonyabantu baciye bagera kuri 144.
Mw'iryo tangazo, ubushikiranganji bumenyesha ko abo 40 bari muri 25 bapimwe biketswe ko boba baranduye uwo mugera, hamwe na 487 bamaranye umwanya munini n'abasanzwe barawanduye.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bumenyesha ko igikorwa co kurondera abantu bamaranye umwanya munini n'abo barwayi bashasha 40 kibandanya.
Butangaza kandi ko 18 muri 28 bari basanzwe bariko baravurwa uwo mugera, cumi muri bo bapimwe bagasanga bakize kandi baronkejwe uruhusha rwo gusubira mu miryango yabo.
Hagati aho, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ntibutanga umwidondoro w'abo bantu bashasha banduye iyi ndwara ya Covid-19.
Mu gihe ibihugu bitari bike vyo mu karere vyafashe ingingo ruhasha mu ntumbero yo kugerageza guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera, leta y'u Burundi yoyo gushika ubu, nta ngingo zikomeye irafata.
Ibandanya isaba abanyagihugu gukurikiza impanuro zo kwikingira no gukingira abandi, izo nazo zikaba zijanye ahanini n'isuku hamwe no kwirinda gukorakorana.
Leta y'u Burundi yaraneguwe n'amashirahamwe amwe amwe ko yafashe minenerwe ikiza ca coronavirus, cane cane bagafatira ku bikorwa vy'amatora yatunganijwe, bakaba bari bafise amakenga ko ivyo bishobora gutuma abantu benshi bandura uwo mugera.
Hagati aho, leta yoyo yagumye yihagararako, mbere ikanagiriza amwe muri ayo mashirahamwe yayiyenura ko yagomba gutoba amatora.
Umugera wa coronavirus watanguye kumenyekana mu mpera z'umwaka uheze mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa, ubu ukaba ubarizwa kw'isi yose.
Ku wa 31 z'ukwezi kwa gatatu niho leta y'u Burundi yatangaza umuntu wa mbere yanduye uwo mugera.
Mu karere vyifashe gute?
Gushika ubu mu gihugu ca Kenya abashika 4478 nibo bamaze kumenyekana ko banduye coronavirus, ni inyuma y'aho ejo ku wa gatandatu leta itangarije ko hari abandi 104 bari banduye.
Muri Uganda, abashika 763 nibo bazwi ko banduye uwo mugera, mu Rwanda hoho bakaba bagera kuri 702 babiri bakaba bamaze kuhasiga ubuzima, nayo muri Tanzania bakaba ari 509 na 21 bahitanywe nayo.
Muri Repubulika ya Demokarasi ya congo, abashika 5.672 baramaze kwandura uwo mugera, muri bo 125 ukba warabahitanye.










