Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA: Prezida Donald Trump na NFL ntibumvikana mu kwiyamiriza ivanguramoko
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru wa Amerika, National Football League, NFL, rivuga ko abakinyi bakwiye guhabwa uburenganzira bwo kwerekana akababaro kabo mu gihe c'ururirimbo rw'igihugu, ni mu gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko ibandanya.
Roger Goodell arongoye iryo shirahamwe, avuga ati: "Kumbe twarihenze kubona twararwanije abakinyi ba NFL ntitunahimirize abantu kwiyamiriza ivanguramoko".
Imbere y'aha, iryo shirahamwe NFL ryarihanije abakinyi gusubira gupfukama mu gihe ururirimbo rw'igihugu ruriko rurasamirana, umugirwa wari watangujwe n'umukinyi Colin Kaepernick mu 2016.
Uno munsi ku wa gatandatu, hitezwe imyiyerekano rukokoma mu gisagara ca Washington DC.
Iyo myiyerekano iri mu rukurikirane rw'iyindi imaze iminsi mu gihugu cose yo kwiyamiriza igikenye n'amacakubiri vy'igipolisi, inyuma y'urupfu rwa George Floyd mu gisagara ca Minneapolis ku wa 25 z'ukwa gatanu guheze.
Floyd, umwirabure yari yatewe amapingu, ata kirwanisho anafise, yarapfuye bivuye ku mupolisi yamusinzikarije ubuzima, aho yamupfukamye kw'izosi mu kiringo c'iminota hafi icenda.
Uyo mupolisi yaragirijwe ubwicanyi mu gihe abandi bagenziwe batatu bagirijwe kumufasha icaha no gukokeza.
Ejo ku wa gatanu, abategetsi ba Minneapolis bamenyesheje ko igipolisi kigiye kwihanizwa gusubira gufata umuntu mu kanigo, eka n'intara ya California nayo nyene ivuga ko igiye gufata iyo ngingo.
None uyo mukuru wa NFL yavuze iki?
Mw'ireresi yasohoye, Bwana Goodell yariyamirije ivanguramoko muri Amerika, inyuma y'aho abakinyi batari bake basabiye ishirahamwe NFL gufata ingingo ruhasha zo kwiyamiriza amacakubiri n'igikenye c'igipolisi mu gihugu.
Ati: "Twebwe, Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru, turemera ko ubuzima bw'umwirabure butegerezwa kwuhabihirwa.
"Imyiyerekano iri mu gihugu yerekana imyaka ibinjana abakinyi, abafasha, abakunzi hamwe n'abakozi b'abirabure bamaze bahohoterwa kandi barenganywa kakaba akamizwe n'ingoma".
"Ngiye kwama mbonana n'abakinyi biyamirije iyo ngendo hamwe n'abandi kugira ngo turabe ingene ibintu vyogenda neza".
Perezida Donald Trump wewe siko avyumva, aho yiyamiriza bikomeye umugenzo wo gupfukama mu gihe ururirimbo rw'igihugu ruriko ruraririmbwa, mbere n'ejo ku wa gatanu akaba yarasubiye kwiyamiriza imyiyerekano nk'iyo.
Aciye ku rubuga rwa Twitter, yanditse ati: "Ni ngombwa ko duhagarara neza kandi tukagororoka, bibaye ngombwa tukaramutsa canke tukifata ku mutima. Hariho ivyo dushobora kwiyamiriza, ariko atari ibendera rikomeye rya Amerika".
Yarananeguye n'umufasha w'umurwi New Orleans Saints mu vyo ubuhinga, Drew Brees, yirengagije akamo kiwe ko kubuza ivyo gupfukama mu gihe ururirimbo rw'igihugu ruriko rurasamirana.
Uyu nawe ntiyavyihanganiye, aho yamwishuye ati: "Ni tureke kuba tuvuga ivy'ibendera twiyibagiza ibibazo nyavyo vy'akarenganyo n'ihohotera bishingiye ku rukoba, ubugome bw'igipolisi hamwe no gutunganya gushasha ibijanye n'ubutungane be n'amabohero".
Ejo ku wa gatanu, ubutegetsi bwa Minneapolis hamwe n'igisata kijejwe kwubahiriza agateka ka muntu mu ntara ya Minnesota, barumvikanye kwihaniza igipolisi gusubira gufata mu kanigo abantu".
Iyo ngingo nshasha, itegeka umupolisi uwo ari we wese, ata kuraba ipete afise, gutabariza mbere no gutabara, mu gihe azoba abonye mugenziwe asubiriye gukora ikintu nk'ico.
Nayo umu democrate Gavin Newsom, buramatari w'intara ya California, avuga ko agiye kubuza imyimenyerezo y'igipolisi yo gufata umuntu mu kanigo.
Ibintu ntivyoroshe rero muri Amerika inyuma y'urupfu rw'umwirabure George Floyd rwatumye igihugu cose kirangwamwo imyiyerekano.
Umucamanza w'igihugu mu gisagara ca Denver yategetse igipolisi kudasubira gutera abari mu myiyerekano vya vyuka bikoroza amosozi, amasasu ya plastiki eka n'ibindi birwanisho bitica ariko bibabaza.
Iryo tegeko ryaje inyuma y'aho bane mu bari muri iyo myiyerekano bitwariye igipolisi ku gukoresha igikenye.