Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Abasenyeri gatolika bavuga ko utunenge mu matora bakibaza niba ivyayavuyemwo vyizigirwa
Inama nkuru y'Abepiskopi b'I Burundi (CECAB) ivuga ko amatora aheruka yo ku wa 20 z'uku kwa gatanu yaranzwe n'utungenge twinshi twatumye ivyayavuyemwo bibaza niba ari ivyo kwizigira.
Mw'itangazo baraye basohoye kuri uyu wa 26/5, abepiskopi 'i Burundi bamenyesha ko barungitse indorerezi 2,716 mu makomine yose, zigashobora kuja ku tuzu tw'amatora batoye.
Evariste Ndayishimiye niwe yatangajwe ku vy'agateganyo n'umurwi CENI ujejwe amatora ko yatsinze ayo matora n'amajwi 68%, Agathon Rwasa akaza ubwa kabiri n'amajwi 24%.
Umugambwe CNL wa Agathon Rwasa be nawe ubwiwe, ntibemera ivyayavuyemwo.
Uwutemera ivyatangajwe na CENI afise umunsi ntarengwa w'uyu munsi ku wa gatatu ngo yiture sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro.
Mw'iryo tangazo, abasenyeri bavuga ko muri rusangi amatora yabaye mw'ituze, ariko y'uko hari utunenge twinshi dushingiye kw'ihonyangwa ry'ubwigenge, ukudafata kumwe abitoza n'abatora.
Utunenge abo basenyeri bashira ahabona twashoboye kubonwa n'izo ndorerezi zabo aho zashoboye gushika ni utu:
"Igitsure catewe bamwe mu baserukiye abitoza ngo batere igikumu ku mpapuro z'ivyegeranyo vy'ivyavuye mu matora imbere y'uko baharura";
"Amasandugu amwe amwe yashizwemo amakarata y'amajwi arenze (bourrage des urnes)";
"Abatoreye abantu bapfuye be n'impunzi";
"Abantu wasanga bafise amakete yo gutorera abandi menshi, ivyo navyo bitemewe".
"Mu tuzu tw'amatora tumwe tumwe hari abantu batoye incuro zirenga imwe".
"Hari abaserukiye abitoza be n'indorerezi birukanywe mu guharura amajwi".
"Hari bamwe mu batora bakorewe iterabwoba baterwa n'igitsure na bamwe mu bategetsi banabaherekeza no mu bwiherero".
"Abantu batemewe n'amategeko biyadukiza bakinjira mu bibanza vyo guharuriramwo amajwi".
"Gutora mw'ibanga bitubahirijwe".
"Bamwe mu bahagarikizi baratswe impapuro zibaha uburenganzira bwo guhagararira amatora banakwa n'amaterefone yabo".
Abo basenyeri gatorika mu Burundi babona ko utwo tunenge dutuma bibaza niba ivyari vyitezwe gutangazwa vyizigirwa.
Babona kandi ko hari abariko barahohotera canke bashaka guturubika ababanyi babo inyuma y'aya matora, babahora ko badasangiye ivyiyumviro, bagasaba abategetsi guhana abo bantu.
Bati: "Mu gihe amategeko yemera ko haba abahiganwa benshi, buri munyagihugu yari afise uburenganzira bwo kwerekana uwo yipfuza gushigikira".
Abo basenyeri basaba ko uwumva ko yarenganijwe yokwirinda gukoresha imigumuko, agaca mu nziza y'ubutungane kugira ngo atunganirizwe.
Mu matora atatu yabaye kuwa gatatu uheze, ihiganwa ryari rikomeye ryari hagati y'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi hamwe na CNL utavuga rumwe nawo.
Imigambwe imwe n'abandi bitoje ku giti cabo ku mwanya w'umukuru w'igihugu baremeye ivyavuye mu matora n'ubwo banenze utunenge tumwe tumwe twibonekeje.
Hagati aho, umugambwe CNL uvuga ko amatora yabayemwo ubusuma, ukavuga ko washoboye kwegeranya ivyegeranyo vy'amatora vyerekana ko ari wo wayatsinze.
Domitien Ndayizeye witoza ashizwe imbere n'urunani Kira Burundi, yabwiye BBC utunenge yabonye twabaye mu matora, ariko avuga ko "igihe uwatowe azoba amaze kwemezwa na CENI ubwa nyuma nta kizomubuza gutwara Uburundi".
Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora wowo wemeza ko amatora yagenze neza.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro utegerezwa kumenyesha ibiharuro ntabanduka vyayavuyemwo ku wa 04 z'ukwa gatandatu.