Kenya yasubije muri Tanzania abanyamahanga 182 banduye coronavirus

Ahavuye isanamu, Reuters
Abajejwe amagara muri Kenya yasubije inyuma abanyamahanga bagerageje kwinjira ku mbibe zitandukanye ico gihugu gihana na Tanzaniya bamaze kubasangamwo coronavirus.
Muri abo basanze baranduye, 126 ni abaciye ku rubibe rukuru rwa Namanga. Abandi bapimiwe ku mbibe zindi zine. Ubwenegihugu bw'abo banyamahanga ntibwatangajwe.
Kuwa gatandatu umukuru w'igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yarugaye imbibe igihugu gihana na Tanzania hamwe na Somalia kubera ukwiyongera kw'abanduye baca ku mbibe.
Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu muri Kenya, Mutahi Kagwe, kuwa kabiri yabwiye ibinyamakuru ati: "Ntidushobora kwemerera abantu bavuye hanze kwinjira muri Kenya badafise icemezo c'uko batarwaye Covid-19.
"Ni co kimwe n'uko tutariko turemerera abashoferi b'abanye Kenya kuva mu gihugu badafise ico cemezo.
"Icari gushika iyo tudafata icemeze co gupima abantu ku rubibe ni uko ibitigiri vy'abaharurwa ko banduye mu gihugu vyari guca biduga cane".
Abandi bantu 18 banduye coronavirus babasanze ku rubibe rwa Kenya na Somalia mu karere k'uburaruko bwa Kenya. Cumi na bane muri bo bagerageje kwinjira baciye i Wajir mu gihe abandi babiri bashaka guca Garissa.






