Coronavirus-Kenya: Abashika 50 batorotse ibigo bashizwemwo vy'abiketswe ko Covid-19

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta avuga ko abantu batorotse bava mu bigo bishirwamwo abiketswe ko banduye coronavirus bategerezwa guhigwa bagasubizwa muri ivyo bibanza gushika barangize ikiringo.
Ivyo yabivugiye mw'ijambo yashikirije mu gatondo ko kuri uno wagatatu haciye amasaha makeya hasohotse ireresi yerekana abo bantu bariko baratoroka.
Abantu baharurwa muri mirongo bafotowe bariko baratoroka bava mu bibanza bashizwemwo kugira barabe ko batanduye wa mugera ku mugwa mukuru Nairobi.
Ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana abo bantu bariko basimba uruzitiro rw'ikibanza kimwe muri ivyo bibanza.
Ibinyamakuru bikorera muri Kenya bitangaza ko abashika 50 ari bo batorotse, ariko leta ntirashobora kwemeza ico giharuro.
Perezida Kenyatta avuga ko leta ifise ibiranga abo bantu bose batorotse kandi ko izobafata ikabasubiza muri ivyo bigo.
Ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri, umushikiranganji w'amagara y'abantu yamenyesheje ko igipolisi cariko kirakora amatohoza kuri iryo toroka.
Televiziyo Citizen yo muri ico gihugu itangaza ko iryo toroka ryabaye mu mwanya wo gufungura, imvura ica itangura kugwa, maze abacunze ico kigo baja kwugama, ariho abo bantu baca batoroka.
Giciye ku rubuga rwa Twitter, ikinyamakuru Daily Nation cerekanye ireresi ya bamwe muri abo bantu bariko basimba uruzitiro:
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Hari abarenga 400 bashizwe ku nguvu muri ivyo bigo, bamwe muri bo barenze ku mategeko ya Gumamurugo, abandi nabo bariko bihereza icupa kandi ububare bwarugawe.
Hari abandi bashizwe muri ivyo bigo kubera binjiye hamaze gufatwa ingingo yo kubuza uruja n'uruza rw'indege zunguruza ingenzi.
Ikiringo co kugumizwa muri ivyo bibanza giherutse kwongerezwa inyuma y'aho ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bumenyeshereje ko hari ibigo bimwe bitubahirije ingingo yo kudakoranako.
Abari muri ivyo bigo bidoga bavuga ko babayeho nabi cane, bakaba bafise ubwoba ko bashobora no kwandurirayo uwo mugera.










