Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: CNL ivuga ko integuro y'amatora irangwamwo utunenge
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi CNL uridogera umurwi ujejwe amatora mu Burundi CENI ko ataco uriko urakora kugira ngo utunenge tubandanya twibonekeza mu nteguro y'amatora ategekanijwe ku wa 20/05/2010.
Mw'itangazo wasohoye ejo ku wa gatandatu, uwo mugambwe umenyesha ko amategeko agenga amatora ariko arahonyangwa, kandi ko CENI ataco ishaka kubivugako.
Haciye indwi abashaka kwitoza mu bibanza bitandukanye vy'igihugu batanguye kwiyamamaza, hakaba kandi haciye iminsi ine igikorwa co gutanga amakarata y'itora gitanguye, aho abanwanyi b'uwo mugambwe berekana imyidogo ko batariko baroroherezwa.
Umurwi CENI ntaco urashobora kubwira BBC, ariko umukuru wayo aherutse gusaba abari muri ivyo bikorwa gukurikiza no kwisunga itegeko rigenga amatora n'amakoraniro mu bikorwa vy'imyiyamamazo barimwo.
Mw'iryo tangazo ry'umugambwe CNL, uwo mugambwe uvuga ko hari ibibazo bitari bike bigenda vyibonekeza mu bice bitandukanye, bakanagiriza mbere abaserukira CENI mu ntara no mu makomine ko babirenzako uruho rw'amazi.
Tumwe mu tunenge CNL yerekana, iravuga ko amakarata ariko atangwa ata ntonde z'abatorera ku biro vy'amatora runaka zatangajwe, kugira ngo abazahatorera bamenyekane.
CNL kandi uvuga ko hari abatorera amakarata abandi batarinze no kwerekana ibibaranga, ivyo navyo ngo bigashobora gutuma haba abanyururizwa amakarata yabo. Ivyo ngo bigatuma bamwe babwirwa ko amakarata yabo ataboneka mu gihe bari bariyandikishije, mbere no mu matora y'ibwirizwashingiro rya 2018 baranatoye.
CNL inagiriza CENI ko mu gushiraho umurwi ujejwe amatora mu ntara, CEPI, be no mu makomine, CECI , batakurikije ukunganisha hagati y'abanyamigambwe nk'uko amategeko abivuga.
CNL ivuga ko abanywanyi bayo mu ntara zitari nke z'igihugu bahohoterwa kandi bakanaburagizwa n'abanywanyi hamwe n'abategetsi bakomoka mu mugambwe uri kubutegetsi mu bikorwa vyabo vyo kwiyamamaza.
Térence Manirambona avugira uwo mugambwe akaba ari we yasohoye iryo tangazo, atanga akarorero ka buramatari w'intara ya Kayanza asanzwe kandi azokwitoza nk'umushingamateka w'umugambwe CNDD-FDD akamwagiriza ko "abandanya akora ibikorwa bigenewe CEPI mu kuburagiza aba CNL", aho avuga ko nko ku wa 30/04 yirukanye abanywanyi ba CNL gukorera mu kibanza bari bahawe.
BBC yashatse kumenya ico umurwi CENI uvuga ko kuri ivyo vyagiriji vyose bishikirizwa n'umugambwe CNL ariko abawurongoye bakaba ataco bashimye kuyimenyesha.
Hagati aho, umuvugizi w'uwo murwi, Philippe Nzobonariba, yabwiye iradiyo y'igihugu, RTNB, ko ibibazo bijanye n'utugorane twibonekeza mw'itangwa ry'amakarata bamaze kutwumva, agasaba ko hagize uwubura ikarata yoca abimenyesha CECI hanyuma nayo ice imenyesha CEPI, iyi nayo imenyeshe CENI kugira ngo barabe ko mu mamashini yabo iyo karata atayiriyo.
Nayo ku kibazo c'uko hari abatora amakarata y'abandi baba batanabatumye, Bwana Nzobonariba amenyesha ko ivyo bamaze no kuvyibonera, akibutsa ko "umuntu kugira ngo atorere uwundi aba yamuhaye uburenganzira bwo kumutorera".
Ati: "Rero hari aho twamaze kubona, aho usanga hari nk'uwuza akavuga ngo naka yantumye atacemeza ko yamutumye, uyo ntushobora kumuha ikarata yiwe".
Yanavuze ko n'abari hanze nabo nyene bashobora kurungikira urwandiko ruteyeko umukono uwo bipfuza ko bobatorera.
Ati: "Andika 'procuration', utereko umukono, hanyuma urungikire uyo muntu azogutorera, aheze agutorere".
Mu gihe hari bamwe bafise amakenga ko ku munsi w'amatora hashobora kuba abantu batorera abandi benshi, Bwana Nzobonariba yibutsa ko umuntu afise uburenganzira bwo gutorera umuntu umwe rudende.