Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CVR- Burundi: Ibisigarira vy'abantu 2653 bishwe mu 1972 vyerekanywe i Gitega
Ibisigarira vy'abantu 2653 baguye mu bwicanyi bwo mu 1972 bari batawe mu binogo indwi muri komine Giheta y'intara ya Gitega nivyo vyaraye vyerekanywe n'umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira, CVR, mu Burundi.
Ivyo binogo vyatowe ku mitumba ya Mashitsi na Nyabunyovu iri muri iyo komine ya Giheta aho abagize uyo murwi bari bamaze iminsi itari mike bimba, mu ntumbero yo kwerekana ukuri ku vyabaye.
Mu gihe hari abafise amakenga ko ivyo murwi uriko ukorera ku bisigarira vy'abo mu bwoko bumwe bw'Abahutu, CVR irahumuriza ko ata bisigarira na bimwe bizosigara biterekanywe, kandi n'ababishe bamenyekane.
Imbere y'abantu bari hagati ya 3000 na 4000 bari bitavye imisa yo gusabira abo bantu yabereye ku mutumba wa Mashitsi, umurwi CVR warerekanye ivyo bisigarira, aho uvuga ko hari n'ibindi vyinshi batashoboye guharura kubera vyari vyaramaze kwononekara, inyuma y'imyaka 48.
Avugana na BBC, Aloys Batungwanayo, umwe mu bakomiseri bagize uyo murwi akaba ajejwe ubucukuzi n'ukumenyesha amakuru muri CVR, avuga ko igikorwa co kurondera abahitanywe n'ubwicanyi bwaranzwe mu Burundi kizokurikirwa n'ukumenya abagandaguwe, ababikoze n'igituma babikoze.
Ubwicanyi bwabaye mu 1972, nibwo bwicanyi bufatirwako cane mu kwerekana amabi yagiye aba mu Burundi kuva buronse intahe y'ukwikukira mu 1962, bwatikiriyemwo Abahutu ibihumbi n'ibihumbi.
Hagati aho, hari n'ubundi bwagiye burwamwo n'Abatutsi batari bake, nk'akarorero ubwabaye mu 1988 mu makomine ya Ntega y'intara ya Kirundo, na Marangara y'intara ya Ngozi, hamwe n'ubwo mu 1993.
Hari abafise amakenga ko ivy'abo Batutsi vyovyo bitazomenyekana, nk'uko vyashikirijwe n'umwe aciye ku rubuga rwa Facebook rwa BBC.
Bwana Batungwanayo arahumuriza, akavuga ko mbere uyo murwi CVR ugizwe n'abo mu bwoko bwose, ahabutu, Abatutsi mbere n'Abatwa.
Ati: "Urumva rero ko tutokwubahuka ngo dukorere ubwoko bumwe gusa kandi turi ubwoko bwose muri uyo murwi".
Nayo ku makenga ko Abatutsi batazotinyuka bakerekana aho ababo batawe, bwana Batungwanayo, avuga ko amaze no kuronka abenshi muri bo bamwitura, mbere ko hari n'ibinogo bamaze kwerekwa hamwe hamwe, nko muri komine Mabanda y'intara ya Makamba.
Ati: "Abapfuye bose ni Abarundi. Imbere y'ukuba Abahutu, Abatutsi canke Abatwa, bavutse ari Abarundi. Aho hose tuzotora ibisigarira vyabo, tuzobizurana iteka duheze dukurikize imigirwa n'imigenzo vy'abarundi kugira bose bumve ituze mu mutima".
Aloys Batungwanayo ahanura Abarundi kwihangana bakumva ko ari ngirakamaro ko ivyabaye mu Burundi bimenyekana n'aho ukuri kubabaza cane, mu nzira y'ukubanywanisha maze amahoro arame mu gihugu.
Ati: "Iyo umuntu arwaye igihute, kugira ngo gikire, urakimena. Iyo uriko urakimena, uwo uriko urakimena arababara, agakoma induru, akarira mbere akanagutuka kubera aba ababaye cane. Twebwe rero turiko tumena ivyo bihute, kandi tubimena Abarundi, baba abababajwe canke abababaje".
"Abo bose rero bariko barababara kugira ngo bazokire ubutagisubira hanyuma baze banywane ibisebe vyaraheze, igihugu naco kigire amahoro arama".
Umurwi CVR wumvikanyweko mu masezerano y'amahoro ya Arusha mu 2000, ukaba wagiye gushingwa mu 2014 kugira ngo urondere ukuri ku mabi yagiye arakorwa kuva mu 1885, igihe abakoloni batanguriye kwinjira mu Burundi, gushika mu 2008, igihe umurwi wa nyuma wari ukiri mw'ishamba ushiriye ibirwanisho hasi.
Gushika ubu, uvuga ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 vyahambwemwo abagandaguwe mu bwicanyi butandukanye. Hagati aho, CVR yiteze ko ico gitigiri kizorenga cane kuko aho bagiye hose bama baronka amakuru mashasha.