Super Tuesday: Joe Biden yateye intambwe ikomeye mu matora ya nijoro

Joe Biden yanatsinze umukenguzamateka Elizabeth Warren mu ntara yiwe avukamwo ya Massachusetts

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joe Biden yanatsinze umukenguzamateka Elizabeth Warren mu ntara yiwe avukamwo ya Massachusetts

Joe Biden, umwe mu ba Démocrates bariko baharanira guhiganwa na Perezida Donald Trump, yatsinze mu ntara icenda kuri 14 zari mu matora y'intangamarara muri uwo mugambwe, intambwe ikomeye cane mu myiyamamazo yiwe.

Uyo mu kandida yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu, yatsinze mu maleta ya Texas, Caroline du Nord, Massachusetts, Minnesota, Oklahoma, Arkansas, Alabama, Tennessee na Virginia.

Ariko umukandida bahanganye bikomeye, Bernie Sanders, yiteze gutsinda muri leta ya California - intsinzi yoba ikomeye cane - be no mu zindi zitatu.

Abo bagabo bompi bari imbere muri ayo matora y'intangamarara mu rugamba rw'aba Démocrates rwo kurondera umukandida azohiganwa na Perezida Trump mu kw'icumi na rimwe uno mwaka.

Uwahoze ari umukuru w'igisagara ca New York, Michael Bloomberg, wewe yakoresheje amafaranga arenga igice c'umuliyaridi w'amadolari mu mutungo wiwe bwite, ariko ntiyigeze atsinda no mu ntara n'imwe muri ayo matora.

Umukenguzamateka Elizabeth Warren wewe yamaramariye mu ntara yiwe avukamwo ya Massachusetts aho yatsinzwe na Joe Biden.

Amatora ya Super Tuesday (Uwa Kabiri Uhambaye) ni amatora ahambaye cane kuko haba hitezwe kuboneka intumwa zirenga 1300 muri 1991 zikenewe kugira ngo zizotore mu kwezi kw'indwi, umukandida azoserukira uwo mugambwe mu matora nyezina.

Bernie Sanders (i bubamfu) na Joe Biden (i buryo) nibo bakandida bo mu mugambwe w'aba Démocrates baza imbere
Insiguro y'isanamu, Bernie Sanders (i bubamfu) na Joe Biden (i buryo) nibo bakandida bo mu mugambwe w'aba Démocrates baza imbere

Ingene ibintu bimeze ubu, Bwana Biden amaze kuronka abamuserukira 396, nayo Bwana Sanders bahanganye akaba amaze kuronka 314.

Kubera iki iyi ntsinzi ya Biden ikomeye?

Leta za Virginia na Caroline du Nord zirakomeye kuko ari leta zizoba zifise ikibanza gikomeye mu ntara mahindagu (Swing States) mu matora ya 2020.

Abihweza ibijanye n'amatora bavuga ko Bwana Biden yashoboye kwigarurira Abanyamerika bafise inkomoko muri Afrika, umurwi ukomeye kuri uyo mugambwe.

Bwana Biden kandi asa n'uwigaruriye abasanzwe baba inyuma y'ibisagara babonwa n'abashakashatsi ko basa n'abavuye inyuma ya Perezida Trump.

Biden ati: "Turiho kandi turakomeye cane. Nta kwihenda, Donald Trump turamwereka ko ataho azoduca".

Ku ruhande rwa Sanders bimeze gute?

Mu gihe Sanders yotsinda muri California nk'uko itororokanyirizo ry'amakuru Associated Press rivyikeka, yoba yiganje muri iryo higanwa muri iyo leta itegerezwa guserukirwa n'intumwa 415 muri ayo matora yo mu kw'indwi.

Uyo mukenguzamateka yatsinze kandi mu ntara avukamwo ya Vermont, hamwe no mu ntara za Colorado na Utah.

Ayandi matora yari akaze ni ayo muri leta ya Texas. Bwana Sanders yari yiteze kuyatsinda ku rugero runini, ariko akaba yagiye gutahukanwa na Bwana Biden amusumbije amajwi makeya.

Umugambwe w'aba Démocrates uri mu bihe bidasanzwe kuko abanywanyi bawo bitezwe gutora umukandida azogerageza guhagarika amahirwe ya Donald Trump yo kurongora Amerika mu kiringo kigira kabiri.

Abakandida babiri bari imbere ni Joe Biden yari icegera ca Perezida Barack Obama n'umukenguzamateka Bernie Sanders, bompi basa n'abafise imbono itandukanye kuri kazoza ka Leta Zunze Ubumwe za Amerika.