Coronavirus: Uwa kabiri yanduye muri Senegal, nayo Kenya yahagaritse ingendo z'indege mu Butaliyano

Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Senegal amenyesha ko hari uwundi muntu agira kabiri yanduye wa mugera ruhonyabantu coronavirus muri ico gihugu.

Uyo murwayi ni umutama w'umufaransa w'imyaka 80 yinjiye muri ico gihugu ku wa 29 z'ukwa kabiri.

Ariko aravurirwa mu bitaro bivura indwara zandukira ku mugwa mukuru Dakar, aho uwundi mufaransa nyene yavuriwe uwo mugera mu ndwi iheze.

Uyo murwayi yemejwe muri Senegal abaye uwugira 12 yanduye uwo mugera ku mugabane wa Afrika.

Ibindi bihugu vyamenyesheje ko abantu bavyo banduye ni Algeria hamaze kuboneka batanu, Misiri abantu babiri, hamwe n'umw'umwe muri Maroc, Nijeriya hamwe na Tuniziya.

Senegal ni kimwe mu bihugu 33 biri musi y'ubugaragwa bwa Sahara gifise ubushobozi bwo gupima coronavirus.

Abategetsi bayo bamenyesha ko biteguriye guhangana n'uwo mugera.

Ku wa mbere w'iyi ndwi, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, ryabwiye BBC ko ibihugu 12 bisigaye bitararonswa ibikoresho vyo gupima uwo mugera bizobironswa mu kiringo w'indwi zibiri.

Kenya yoyo yahagaritse ingendo z'indege mu buraruko bw'u Butaliyano

Mu gihe ibihugu vya Tuniziya na Nijeriya biriko bivura abarwayi binjiye bavuye mu Butaliyano, umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Kenya, Mutahi Kagwe, yatangaje ko ico gihugu cahagaritse vy'agateganyo ingendo z'indege mu bisagara bibiri vyo mu buraruko bw'u Butaliyano.

Umushikiranganji Kagwe ati: "Umurwi udasanzwe ujejwe kurwanya coronavirus wafashe ingingo yo guhagarika vy'agateganyo ingendo z'indege mu buraruko bw'u Butaliyano, cane cane mu bisagara vya Verona na Milan kuva ku wa 03/03/2020".

"Ako karere k'u Butaliyano gahanganye na coronavirus, ivyo bigashobora kugira ingaruka mbi ku magara y'abanyagihugu ba Kenya".

Muri ico gihugu c'u Butaliyano, abantu barenga 2.502 nibo bamaze kwandura uwo mugera, muri bo 79 bakaba bamaze kwitaba Imana, abenshi muri bo bakaba ari abatama.

Nico gihugu kibangamiwe na coronavirus gusumba ibindi bihugu ku mugabane wa Bulaya, kigakurikirwa n'u Bufaransa hamwe n'u Budagi.

Mu ndwi iheze, Kenya yarahagaritse kandi vy'agateganyo ingendo zo mu Bushinwa.