Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza kw'ibogozwa rya Donald Trump mu nama nkenguzamateka rutangura uno munsi
Ku ncuro ya gatatu mu mateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umukuru w'ico gihugu agiye gucirwa urubanza kugira ngo bibaye ngombwa abogozwe mu kazi kiwe.
Intahe y'icese y'Inama Nkenguzamateka yiteze gutangura kuri uyu wa kabiri isaha zibiri z'ijoro mu masaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Urwo rubanza rushobora gutuma Perezida Donald Trump abogozwa burundu.
Turabire hamwe bimwe bimwe mu bishobora kugufasha gutahura ivyerekeye ibogozwa rya Perezida Trump.
1.Ibogozwa ni iki?
Mu majambo yumvikana, ibogozwa ni igikorwa co kurengukisha abategetsi bo hejuru (nk'abacamanza, umukuru w'igihugu, canke abashikiranganji), kugira ngo bisigure iyo biketswe ko bakoze ivyaha bikomeye mu gihe bari mu mabanga bajejwe.
Ivyo vyaha bifise kuba ari nk'uguhemukira igihugu, igiturire canke ibindi vyaha bikomeye.
Iyo umuntu abogojwe n'Inama, urubanza ruca rushikirizwa Inama Nkenguzamateka, aho abayigize bashobora kwemeza nimba ivyo yagirizwa ari vyo canke atari vyo.
Ni urubanza rwa politike, si urubanza rucibwa n'urwego rw'ubucamanza.
2.Trump yagirizwa iki?
Bwana Trump akurikiranwa ku vyaha bibiri.
Ubwa mbere, yagirizwa ko yashatse gusaba leta ya Ukraine ngo imufashe kugira ngo ashobore gutorwa mu matora yo mu kwa 11 uno mwaka.
Yagirizwa gufatira ku mfashanyo ya gisirikare Amerika yashaka guha Ukraine mu gutegeka ico gihugu ngo gikore amatohoza kuri Joe Biden.
Bwana Biden niwe aboneka ko ashobora kumutsinda mu gihe yotorwa n'umugambwe w'aba Démocrates ngo awuserukire muri ayo matora.
Ubwa kabiri, ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche vyarabujije abakozi bavyo kurenguka imbere y'inama nshingamateka mu mwaka uheze kugira babazwe.
Ico catumye aba Démocrates bagiriza Trump ko yaburabuje Inama nshingamateka muri ayo matohoza yari agamije kumubogoza.
Bwana Trump arahakana ivyo yagirizwa, abamuburanira nabo bakavuga ko ivyo yagirizwa ari "ibinyoma bije guhonyanga ibwirizwashingiro".
3.Ingene ibintu vyagiye bukirikirana
Mu kw'umunani 2019: Umwe mu batanga inkuru y'ibikorwa bikozwe mu kinyegero (whistleblower) niwe yatanguye kwagiriza Bwana Trump
Kuva mu kwa cumi gushika mu kwa 12: habaye itohoza, aho abashingamateka (Barwiriyemwo abo mu mugambwe w'aba Démocrates batavuga rumwe na Trump) barengukishije abatari bake.
Mu kwa 12 guheze Inama Nshingamateka yemeje ko Bwana Trump abogozwa.
Mu kwa mbere 2020: Urubanza rwashikirijwe Inama nkenguzamateka (irwiriyemwo abo mu mugambwe wa Trump w'aba Républicains), aho urubanza ruzobera.
4.Rugeze mu nama nskenguzamateka bigenda gute?
Abantu babiri nibo bafata ingingo y'uko urubanza ruzobandanya : Mitch McConnell arongoye aba Républicains mu nama nkenguzamateka, na mugenziwe arongoye aba Démocrates, Chuck Schumer.
Bompi bategerezwa kwumvikana ingene urwo rubanza rwogenda, ku vyerekeye ukurengukisha ivyabona, igihe rwomara hamwe n'ibirego.
Ariko kubera aba Républicains aribo batwara inama nkenguzamateka, Bwana McConnell niwe afise ijambo rya nyuma ku uko urwo rubanza rwomera.
Uno munsi ku wa kabiri, abakenguzamateka niho baza kwemeza amategeko y'urubanza.
Abakenguzamateka bazokwumviriza impande zompi - abamuburanya bo mu nama nshingamateka, hamwe n'abamuburanira bava muri Maison Blanche - hamwe kandi n'ivyabona.
Inyuma y'aho, abakenguzamateka baza guhabwa ikiringo c'umunsi wose kugira ngo baje mu mwiherero imbere y'uko bemeza canke bahakana nimba Trump akwiye gucirirwa urubanza.
Abashingamateka bagera kuri 2/3, ni ukuvuga 67 kuri 100 bagize inama nkenguzamateka nibo bakenewe kugira ngo bashobore kubogoza burundu Bwana Trump.
Hagati aho, kubera aba Démocrates bafise abakenguzamateka 47 gusa kuri 53 b'aba Républicains mu nama nkenguzamateka, biritezwe ku rugero runini cane ko umukuru w'igihugu yambikwa izera.
Mu gihe naho, ku gihamana kibi, yokwagirwa n'ivyaha, yoca abogozwa agaca asubirirwa n'icegera ciwe, Mike Pence.
Ariko kandi, abakenguzamateka barashobora - babishatse - guhagarika urwo rubanza ku bice 51 gusa.
5.None Trump arashobora kurenguka
Perezida Trump arashobora gushima kurenguka imbere y'Inama nkenguzamateka kugira ngo yisigure.
Ariko ikiboneka ni uko umwunganirizi wa Maison Blanche mu vyo amategeko, Pat Cipollone, hamwe n'umwunganirizi wa Trump ubwiwe, Jay Sekulow, baja kumuburanira.
Uwundi ari mu bagize umurwi wo kumuburanira ni Kenneth Star - yakoze amatohoza ku rubanza rwa Bill Clinton mu mpera z'imyaka ya 1990, hamwe n'umunyamategeko rurangiranwa, Alan Dershowitz.
Bwana Trump aripfuza cane ko umukeba wiwe Joe Biden ari kumwe n'urya yamureze ubwa mbere bisigura.
Aba Démocrates bobo bipfuza ko abakozi batari bake bo mu biro vy'umukuru w'igihugu barengutswa, harimwo n'uwahoze ari umuhanuzi wa Leta mu vyo umutekano, John Bolton.
Mu gihe hitezwe ko ivyabona birenguka, barashobora kutarengutswa mu gihe aba Républicains bose, kubera aribo benshi, bofata ingingo yo ku rugira rugufi, kuko birashoboka.
Abakenguzamateka 51 nibo bakenewe kugira ngo bemeze canke bahakane nimba ivyabona (na Trump arimwo) borengukishwa canke ntibarengukishwe.
6.Urubanza ruzohera ryari
Urubanza rwitezwe kumara indwi kanaka, ariko urwa Clinton rwamaze hafi ukwezi kwose.
Aba Démocrates bafise icizere ko vyose vyoba vyarangiye gushika mu kwa kabiri n'imbere y'uko amatora y'intangamarara ya 2020 atangura.
Ayo matora niyo azogena uwushobora guhiganwa n'umu candida w'aba Républicains, ashobora kuba ari Bwana Trump.