Ni nde yaraye ateye agace ka London Bridge i Londres mu Bwongereza?

Usman Khan w'imyaka 28 yari yarapfunzwe mu 2012

Ahavuye isanamu, WEST MIDLANDS POLICE

Insiguro y'isanamu, Usman Khan w'imyaka 28 yari yarapfunzwe mu 2012

Igipolisi c'Ubwongereza kimenyesha ko uwitwa Usman Khan ariwe yaraye ateye agace ka London Bridge ku mugwa mukuru w'ico gihugu, Londres.

Yaheruka gupfungwa yagirizwa ko yagize uruhara mu kindi gitero cakozwe kw'isogo ry'amafaranga y'agaciro i Londres.

Khan w'imyaka 28 yaraye yishe abantu babiri akomeretsa n'abandi batatu nijoro ku wa gatanu, imbere y'uko araswa n'abapolisi. Yaheruka kurekurwa vy'imfatakibanza.

BBC yabwiwe ko Khan yaba mu gisagara ca Stafford kuva arekuwe mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze.

Mu mwaka wa 2012 yari yaciriwe umunyororo utagira iherezo, ariko utari n'imiburiburi munsi y'imyaka umunani.

Ariko mu mwaka wa 2013 sentare y'iyungururizo ikaba yarafuse iyo ngingo, imucira imyaka 16 y'ugupfungwa.

Khan yari yapfunganywe n'abandi umunani, bagirizwa ko bari binjiwe n'ivyiyumviro vy'umurwi al-Qaeda, bakaba bari bashinzwe ijisho n'ikigo kijejwe gucungera umutekano M15.

Ako karwi k'abo bantu icenda bagirizwa gutegura ibikorwa vy'uguhungabanya umutekano, harimwo ikibombe catezwe kw'isogo ry'amafaranga y'agaciro, London Stock Exchange.

Khan rero na bagenzi biwe barigeze kwumvikana bariko bategura ibitero mu gisagara cabo ca Stoke, harimwo gutega ibibombe mu tuzu twa surwumwe no mu bubare.

Ako karwi kandi karagirizwa gufasha kwubaka ishure rya ki isilamu, Madrassa, ryo kwigisha gukoresha ibirwanisho bicira umuriro.

Mu rubanza rwaciwe n'iyo sentare y'iyungururizo, yanditse iti: "Iyo mirwi yariko iriga ubundi buryo bw'ugukora ikibi, harimwo n'ugufasha kwubaka ikigo madrassa ca gisirikare muri Pakistan aho bo nyene ubwabo bogiye kwigira bakongera bakinjiza n'abandi, gukwiragiza amabaruwa y'ibibombe babicishije mu ma posita, gutera ibigo bihuriramwo abantu benshi…"

Ivuga kandi ko bari bafise "imigambi ikomeye" yo kurungika Khan n'abandi mu "myimenyerezo y'iterabwoba".

Iyo sentare ivuga ko "iyo bagaruka mu Bwongereza bokoze ubukozi bw'ikibi bafise ubuhinga bwinshi mu bijanye n'ibikorwa vyiterabwoba".

Umukuru w'igipolisi i Londres Cressida Dick yabwiye abanyamakuru ko ico gitero yise ko ari ico iterabwoba, cahereye ku nyubakwa yitwa Fishmonger's Hall.

Avuga ko mu minota itanu igipolisi gitabajwe, abapolisi bari bamaze kuhashika baca batana mu mitwe n'iyo nkozi y'ikibi yahavuye iraswa n'umwe mu bapolisi.

Iyo nkozi y'ikibi yari yambaye ijaketi ifise ikibombe.