Papa Francis arashobora kwemera ko abarongoye babahabwa isakaramentu ry'ubusaserdoti?

Hari ubukene bw'abapatiri mu burere bwa kure muri Amazonie

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hari ubukene bw'abapatiri mu burere bwa kure muri Amazonie

Abepiskopi Katolika bava mu mpande zitandukanye z'isi bakoraniye i Vaticano kugira bahanahane ivyiyumviro kuri kazoza ka Ekleziya mu karere ka Amazonie kari muri Amerika y'Ubumanuko.

Mu kiringo c'indwi zitatu ziri imbere, abashika 260 bari muri iyo nama bazokwigira hamwe ibijanye n'ibibazo vy'ihindagurika ry'ikirere, abimukira, hamwe n'ivugabutumwa.

Ariko hari kikibazo kigize iminsi kivugwa cane: nimba abubatse bashobora guhabwa isakaramentu ry'ubusaserdoti.

Kimwe mu bigize igitabo c'integuro bazokorerako - instrumentum laboris - ni iciyumviro kivuga ko mu bice vyo mu misozi ya kure mu karere ka Amazonie, abagabo bahumuye kandi barongoye, bohabwa ubusaserdoti.

Abo rero, ngo botegerezwa kuba abantu biyubashe, kandi, nk'uko iyo nteguro ibivuga, bakaba bava mu burere bipfuza gukoreramwo.

Abasenyeri bakomoka muri Amerika y'Ubumanuko nibo bashikirije iki ciyumviro mu twigoro two gutorera inyishu ikibazo c'ubukene bw'abapatiri muri ako karere.

Amategeko ya Katolika avuga ko abapatiri bonyene ari bo bemerewe kugira Isakaramentu ry'Ukaristiya, kimwe mu bice nyamukuru bigize imisa.

Bivugwa ko imitumba igera ku bice 85 % muri ako karere ka Amazonie bataronka imisa buri ku ndwi kubera ubukene bw'abapatiri, imwe muri yo ikaba ishobora kubona umupatiri nka rimwe mu mwaka wose.

Uburere bumwe bumwe muri Amerika y'Epfo bushobora kubona umupatiri nka rimwe gusa mu mwaka wose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uburere bumwe bumwe muri Amerika y'Epfo bushobora kubona umupatiri nka rimwe gusa mu mwaka wose

Gregory Ryan, umwigisha wo ku kigo cigisha ivyigwa bijanye na Katolika, avuga ati: "Papa Francis nk'uwusanzwe yamuka muri Amerika y'Ubumanuko, asanzwe azi neza bimwe mu bibazo bihanze ako karere".

Kubera iki ico kibazo kidahurizwako?

Kuri benshi, ubwerentegerwa ni ikintu gikomeye kugira ngo umuntu yemererwe kuba patiri.

Umupatiri azwi ko aba yihebeye Imana kandi ko adategerezwa gusamazwa n'ivyitwa ko ari ivy'isi, nk'ukugira canke umuryango.

Prof. Linda Woodhead MBE umuhinga mu bijanye n'amadini, avuga ko hampande y'ubwerentegerwa, abapatiri n'ababikira ba Katolika "bahabwa ivya nkenerwa bibabeshaho kugira ngo biteho kurangura ivyo bategerezwa kurangura".

Ku bagendera ku mico y'akaranga, ikibazo ni ukumenya inzira Papa Francis ariko atwaramwo Ekleziya.

Umukardinali wo mu Budagi Walter Brandmueller avugwa ko yamenyesheje y'uko iyo sinode ya Amazonie ishobora gutuma "Ekleziya yo nyene yisambura".

Bamwe mu bamunegura babona ko kurondera kwemerera abarongoye kuba abapatiri muri ako karere ka Amazonie ari icitwazo co kurondera gukuraho umugenzo w'ubwerentegerwa, kimwe mu bisabwa mu kuba umupatiri.

Bafise amakenga kandi ko iyo sinode "ishobora kuba irondera uburyo abagore bashobora guhabwa burenganzira kanaka bw'ukuyobora imisa" bagatinya ko iyo ishobora kuba intango y'ukurondera kubaha ubusaserdoti.

Ariko, Prof. Woodhead avuga ko abo bantu bavuga uko bibagira ko Ekleziya Katolika ari ishirahamwe rigenda rihinduka.

Ati: "Ekleziya Katolika yamye igenda ihinduka, nk'ayandi mashirahamwe yose amaze igihe kirekire".

"Yarahindutse cane n'imbere y'ikinjana ca 20. Akarorero, yarigeze kuba iterekwa ibijanye n'intwaro rusangi, ubwigenge hamwe n'ibijanye n'agateka ka zina muntu, ariko ubu ifata iya mbere mu kurwanira agateka ka zina muntu".

Yongera ati: "Yama ihinduka buri gihe, ariko bikaba mu bwitonzi, ibanje kwihweza kahise kayo".

None twoba twiteze kubona abapatiri barongoye?

Hariho ababona ko mu gihe abarongoye bokwemererwa ubusaserdoti muri ako karere ka Amazonie, no mu bundi burere bukenye abapatiri bishobora kuba gutyo, nko mu mazinga ya Pasifike.

Hagati aho, umwigisha Ryan avuga ko "ari nka hamwe vyoshika vyoba ari imbonekarimwe ata handi vyitezwe kuboneka".

Ati: "Ikinti giteye amakenga cane abantu, ni uko bishitse abubatse bagahabwa isakaramentu ry'ubusaseredoti muri ako karere bishobora kuba nk'itegeko. Aho naho ndibaza ko Ekleziya izobirwanya bikomeye. Umuco w'ubwerentegerwa uratsimbataye cane muri Eklezioya".