Sead Kolasinac wa Arsenal yarwanye n'abasuma babiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'umupira w'amaguru wo muri Bosnia akiniria ikipe ya Arsenal, ariko aritwa intwari ku mbuga hwaniro nyuma yo kugaragara atana mu mitwe n'abasuma babiri.
Abo basuma bari biyoberanije bashaka kwiba imodoka izimvye uwo mukinyi na mugenzi wiwe bari barimwo.
Sead Kolasinac yari atwawe mu modoka na rurangiranwa w'Umudage, Mesut Ozil, bari i London igihe ivyo vyaba.
Video yagaragaye yerekana Kolasinac ata kirwanisho afise, ahangana n'abasuma babiri bari bambaye inkofero z'abagira kw'ipikipiki.
Abo basuma kandi bari bitwje imbukiga, ariko nticabujije Kolasinac kubatesha bagata bakomoka.
Ikipe ya Arsenal ivuga ko abo bakinyi bose bameze neza kandi ko ata n'umwe yakomeretse, igipolisi kikaba kiriko kirakora itohoza.






