Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranji w'amagara muri Kongo yasezeye kubera ukutumvikana mu kurwanya Ebola
Umushikiranganji ajejwe amagara muri Republika ya Demokrasi ya Kongo yatanze imihoho mu kwiyamiriza ingingo ya leta yo mu ndwi iheze yo kwifatira mu minwe kurwanya ebola mu buseruko.
Olly Ilunga yanditse ikete ryo gutanga imihoho aho yavuze yuko hari ukwivanga gukabije mu gutunganya ibikorwa vyo guhangana n'iki kiza, ca kabiri muri kahise kimaze guhitana benshi.
Yiyamirije kandi igitsure co hanze catumye hakoreshwa urikingo rwa kabiri rwa Ebola rukigeragezwa, kandi yari yasavye ko rutokoreshwa.
Kuva mu kwezi kw'umunani abantu barenga igihumbi n'amajana indwi baramaze kuhasiga ubuzima.
Mu ndwi iheze ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryavuze ko ico kiza ubu kimaze gufatwa nk'ikibazo mpuzamakungu.